Abacamanza 7 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)Ingene Gideyoni yasigaranye ingabo amajana atatu 1 Yerubayali, ari we Gideyoni, n’abantu bose bari kumwe na we, bazinduka kare, baragenda basagaza kw iriba ry’i Harodi, kand’ Abamidiyani bari bashagaje ahahera i burārūko bgabo, ahēgeranye n’umusozi More, mu kiyaya. 2 Maz’ Uhoraho abarira Gideyoni, at’ Abantu muri kumwe ni benshi kurenza urugero: kubg’ ivyo sinshobora kugabura Abamidiyani mu maboko yabo, kugira ngw Abisirayeli boye kunyishirako hejuru, bat’ Ubutōre bgacu ni bgo bgadukijije. 3 None genda ubitāngāze, abantu bavyumve, ut’ Umuntu wese afise akōba atinya, n’atahe, ave kur’ uyu musozi Gileyadi. Nuko hataha abantu ibihumbi mirongwibiri na bibiri, hasigara ibihumbi cumi. 4 Uhoraho yongera kubarira Gideyoni, ati N’ubu abantu baracari benshi kurenza urugero; bamanukane ku mazi, nanje ndabagusuzumire; maz’ uwo nja kukubarira kw ari we mujana, abe ari we mujana nyene; arik’ uwo nja kukubarira, nti Ntimujane, uwo we ntagende. 5 Nukw amanukana abo bantu ku mazi, maz’ Uhoraho abarira Gideyoni, at’ Umuntu wese aja gusabagira amazi n’ ururimi nk’imbga, umushire ukwiwe; kandi n’ūja gupfukama mu kunywa na we umushire ukwiwe. 6 Igitigiri c’abānyoye basabagiye ku mashi yabo car’ amajana atatu; arikw abandi bose bārapfukamye mu kunywa amazi. 7 Maz’ Uhoraho abarira Gideyoni, at’ Abo bantu amajana atatu banyoye basabagira ni bo nzobakirisha, ngabure Abamidiyani mu maboko yawe; abandi bose ni bītahire. 8 Nukw abo amajana atatu bāka abo bandi impamba zabo n’inzamba zabo. Maze Gideyoni arungika abo Bisirayeli bose bacaguwe, umuntu wese asubira i we, asigarana n’abo amajana atatu. Kand’ Abamidiyani bari bashagaje mu kiyaya hepfo yabo. Gideyoni aja gutata Abamidiyani 9 Ijoro ry’uwo musi Uhoraho aramubarira, ati Va hasi, umanuke aho bashagaje, kuko mbagabuye mu maboko yawe. 10 Ariko ni waba utinya kumanukayo, jana n’uwo muntu wawe Pura umanuke aho bashagaje; 11 wumvirize ivyo bavuga; ni ho uja kurema, ubone kumanuka kubatera. Nukw amanukana n’umuntu wiwe Pura, bashikira ku ngabo za mbere ziteramye aho bashagaje. 12 Kand’ Abamidiyani n’Abamaleki n’ab’i burasirazuba bose bari bajimagije ico kiyaya, ar’ amasinzi nk’inzige, n’ingamiya zabo zitoharūrika, ar’ amasinzi nk’umusenyi wo kw isēsero ry’ikiyaga. 13 Nuko Gideyoni ashitseyo, yumva umuntu arotorera inzozi mugenzi we, ati Ndose inzozi, mbona irobe ry’umutsima wa sayiri ritembagara, rishika mu nsago z’Abamidiyani, ryikubita kw ihema, iryo hema rirubama, rirambarara hasi. 14 Mugenzi we aramwishura, ati Nta kindi, iyo n’inkota ya Gideyoni mwene Yowasi, w’Umwisirayeli. Imana yagabuye Abamidiyani n’ingabo zabo zose mu maboko yiwe. 15 Nuko Gideyoni yumvise izo nzozi n’uko zisobanuwe, ashima Imana, asubira mu nsago z’Abisirayeli, arababarira, ati Ni mukūre hasi, kuk’ Uhoraho agabuye ingabo z’Abamidiyani mu maboko yanyu. 16 Nukw abo bantu ukw ar’ amajana atatu abagabanyamw’ imitwe itatu, umuntu wese amuha inzamba n’umubindi uri gusa, urimw’ urumuri. 17 Arababarira, ati Muje kundābirako: uko nja gukora abe ari ko mukora; ni twashika ku nsago za mbere, uko nja kugira namwe mugire kuno. 18 Ni navuza inzamba, jewe n’abo turi kumwe bose, namwe muce muvuza inzamba ku mpande zose z’aho bashagaje, mwihe akaruru, muti Kubg’ Uhoraho na Gideyoni! Gideyoni atera Abamidiyani 19 Nuko Gideyoni n’abantu ijana bajanye na we bashika ku nsago za mbere, igihe umuteramyi wa kabiri agitanguye, ari ho bakimuvyutsa; nuko baca bavuza inzamba, bamenagura ya mibindi bari bafise mu ntoke. 20 Nuko ya mitwe ukw ar’ itatu baca bavuza inzamba, bamenagura ya mibindi, bafatisha za muri ukuboko kw’i bumoso, inzamba bazifatisha ukw’ i buryo mu kuvuza; biha akaruru, bat’ Inkota n’iy’ Uhoraho na Gideyoni! 21 Umuntu wese ahagarara aho yar’ ari, bakīkūje izo nsago; maz’ ingabo zose zirashikuka, bavuza induru barahunga. 22 Nuko bakomeza kuvuza za nzamba ukw ar’ amajana atatu, maz’ Uhoraho atuma Abamidiyani basubiranamwo, bazibagurana inkota mu ngabo zose; maz’ ingabo zisigaye zirahunga, zirinda zishika i Betishita ku nzira ija i Zerera, zishika no ku rubibe rw’i Abeli‐mehola ahahereranye n’i Tabati. 23 Batabaza Abisirayeli bo mu Banafutali n’abo mu Basheri n’abo mu Bamanase bose, bōma inyuma y’Abamidiyani. 24 Gideyoni atuma intabaza mu mugamba wose w’Abefurayimu, kubabarira ngo bamanuke batege Abamidiyani, babatange ku majabukiro kurinda bashitsa i Beti‐bara no kuri Yorodani. Nukw Abefurayimu bose baratabara, babatanga ku majabukiro kurinda bashitsa i Beti‐bara no kuri Yorodani nyene. 25 Bafata abaganwa bompi b’Abamidiyani, Orebu na Zebu; Orebu bamwicira ku gitandara citwa Orebu nyene, Zebu bamwicira ahar’ ubgato baganiramwo vino, hitwa i Zebu; bakomeza kwōma inyuma y’Abamidiyani, bazanira Gideyoni imitwe ya Orebu na Zebu bayimusanza hakurya ya Yorodani. |
Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967
Bible Society of Burundi