Biblia Todo Logo
Bìoball air-loidhne

- Sanasan -

Abacamanza 3 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

1 Aya ni yo mahanga Uhoraho yaretse, kugira ngw ayageragereshe Abisirayeli, cane‐cane abatigeze kubona intambara zabaye i Kanani;

2 ico yagomba gusa kwar’ ukugira ngw abārutse hanyuma bo mu Bisirayeli bamenyerezwe ivy’ intambara, avyigishe abatigeze kubimenya ubga mbere.

3 Hār’ abaganwa batanu b’Abafilisitiya, n’Abanyakanani bose, n’Abasidoni, n’Abahiwi bo ku musozi Lebanoni, uhereye ku musozi Bayali‐Herumoni ugashitsa ahafata i Hamati.

4 Abo ni bo Uhoraho yaretse, kugira ngw abageragereshe Abisirayeli, arābe ko bokwitondera ivyagezwe vyiwe, ivyo yageze ba sekuruza abitumye Mose.

5 Nukw Abisirayeli baba hagati y’Abanyakanani n’Abaheti n’Abamori n’Abaferizi n’Abahiwi n’Abayebusi.

6 Barashingirana, batako basaba imana zabo.


Ivy’ umucamanza Otiniyeli

7 Maz’ Abisirayeli bakora ivyo Uhoraho abona kw ari bibi, bibagira Uhoraho Imana yabo, basaba za Bayali na za Ashera.

8 Bituma uburake bg’Uhoraho buziriringira Abisirayeli, abagabura mu maboko ya Kushani‐rishatayimu umwami w’i Aramu‐naharayimu; Abisirayeli baganzwa na Kushani‐rishatayimu imyaka munani.

9 Maz’ Abisirayeli batakambiye Uhoraho, abahagurukiriza uwo kubakiza yitwa Otiniyeli mwene Kenazi, murumuna wa Kalebu; arabakiza.

10 Mpwemu w’Uhoraho amuzako, ahinduka umucamanza w’Abisirayeli. Bukeye aja gutera, maz’ Uhoraho amugomorera Kushani‐rishatayimu uwo mwami w’i Aramu‐naharayimu, aramunesha.

11 Nukw ico gihugu gihabga impore kumara imyaka mirongwine. Maze Otiniyeli mwene Kenazi arapfa.


Ivy’ umucamanza Ehudi

12 Abisirayeli bongera gukora ivyo Uhoraho abona kw ari bibi, maz’ Uhoraho aha ubushobozi Eguloni umwami w’i Mowabu bgo kurwanya Abisirayeli, kuko bari bakoze ibibi mu nyonga ziwe.

13 Eguloni atabaza Abamoni n’ Abamaleki, aja gutera Abisirayeli arabanesha, begukira ca gisagara co mu bigazi.

14 Nukw Abisirayeli baganzwa na Eguloni umwami w’i Mowabu imyaka cumi n’ umunani.

15 Maz’ Abisirayeli batakambiye Uhoraho, abahagurukiriza uwo kubakiza yitwa Ehudi mwene Gera w’Umubenyamini; yar’ ibamfu. Bukeye Abisirayeli bamurungikana ishikanwa ryo gushikanira Eguloni umwami w’i Mowabu.

16 Maze Ehudi yicurishiriza intambi; uburebure bgayo bgar’ itambge rimwe ry’ukuboko uciriye mu nkokora; ayambara kw itako ry’i buryo, ayirenzakw impuzu ziwe.

17 Nukw aragenda, ashikanira Eguloni umwami w’i Mowabu iryo shikanwa; kandi Eguloni yar’ umuntu yavyibushe yasenyutse.

18 Nuko Ehudi ahejeje kwākīrirwa iryo shikanwa, arungika abantu baje baryikoreye.

19 Ariko we, ashitse i Pesilimu hafi y’i Gilugali, arakimirana; arashika abgira umwami, ati Bgirukiro, mfise ijambo ry’ibanga nsaba kukubgira. Na we ati Banza uhagarare. Maz’ abāri kumwe na we bose barataramuka.

20 Nuko Ehudi aramwēgēra aho yar’ avyagiye ari wenyene, mu cumba co gusama akayaga co hejuru ku nzu; Ehudi aramubgira, ati Ngufitiye ijambo ntumwe n’Imana. Nuko Eguloni ahaguruka ku ntebe yiwe.

21 Maze Ehudi atuma ukuboko kwiwe kw’i bumoso, anyakura intambi kw itako ry’i buryo, ayimuzibura ku nda;

22 iyo ntambi ijana n’ikirindi na co, ibinure biyirenga hejuru, kukw atāyisokōye, iseruka mu mugongo.

23 Maze Ehudi arasohoka, ashitse ku rubaraza aramwugarana, yugaza inzugi z’ico cumba urupfunguzo.

24 Amaze gusohoka, abantu ba Eguloni baraza, basanga inzugi z’ico cumba zidadiye, bati Ngira ngw ari kwihagarika mu kazu ko mur’ ico cumba co gusama akayaga.

25 Bararorēra gushitsa bibazazaniye kukw atuguruye inzugi z’ico cumba; bararuha bazana urupfunguzo, barugurura: basanga umwami wabo arambaraye hasi yāpfuye.

26 Ico gihe bāmaze bagitebaganye, Ehudi arabajana, aca i Pesilimu, ashika i Seyira.

27 Ashitseyo, avugisha inzamba mu mugamba w’Abefurayimu: Abisirayeli bamanukana na we bavuye mur’ uwo mugamba, abagiye imbere.

28 Arababarira, ati Ni munkurikire, kuk’ Uhoraho agabuye abansi banyu b’Abanyamowabu mu maboko yanyu. Nuko bamanukana na we bamwōmyeko, bazibira ivyambu vya Yorodani bija i Mowabu, ntibākundira umuntu n’umwe kujabuka.

29 Ico gihe bica abagabo nk’ ibihumbi cumi b’Abanyamowabu, bose b’abahizi b’intōre; ntihārokoka n’uwa kirazira.

30 Nuk’ uwo musi Abanyamowabu baneshwa n’Abisirayeli. Igihugu gihabga impore kumara imyaka mirongumunani.

31 Ehudi akurikirwa na Shamugari mwene Anati, yica Abafilisitiya amajana atandatu, abicisha umuhunda w’inyobozo y’inka; na we akiza Abisirayeli.

Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967

Bible Society of Burundi
Lean sinn:



Sanasan