Biblia Todo Logo
Bìoball air-loidhne

- Sanasan -

3 Yohana 1 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)


Yohana ashima igikorwa ca Gayo

1 Jewe umushingantahe ndakwandikiye Gayo umukundwa, nkunda vy’ukuri.

2 Mukundwa, ndagusengera ng’umererwe neza muri vyose, uhore uhangaye, nk’uk’ ubugingo bgawe bumerewe neza.

3 Kuko nanezerewe cane hamwe bene Data baza bagashingira intahe ukuri kwawe, yuk’ ugendera mu kuri.

4 Nta wundi munezero mfise uruta uyu, kwumva kw abana banje bagendera mu kuri.

5 Mukundwa, wama uyoboka mu vy’ ukorera bene Data vyose, kand’ ar’ injabuka:

6 na bo bashingiye intahe urukundo rwawe mu maso y’ishengero. Kand’ uzoba ugize neza ni wabarungika, uko bibereye ab’ Imana.

7 Kuko bavuye i wabo kubg’ Izina rya Yesu, ata co batse abanyamahanga.

8 Nuko twebge dukwiye kwākīra neza abameze bartyo, kugira ngo dufatanye n’ukuri gukora igikorwa.


Imivurungano yari mw ishengero

9 Har’ ico nandikiye ishengero: ariko Diyotirefe, akunda kwishira imbere muri bo, ntatwemera.

10 Ni co gituma, ni naza, nzobibutsa ivy’ akora, atuvuga amagambo mabi y’ubupfu, kandi ntagarukiza kur’ ivyo gusa, arik’ ubgiwe ntiyākīra bene Data, n’ababigomba arababuza, akabaca mw ishengero.

11 Mukundwa, ntukīgāne ikibi, ariko wīgāne iciza. Ūkora ivyiza ni we w’Imana; ūkora ibibi ntiyabonye Imana.

12 Demetiriyo ashingirwa intahe na bose, kandi n’ukuri ubgakwo kurayimushingira: natwe nyene turayimushingira; nawe urazi kw ivyo dushingira intahe ar’ ivy’ ukuri.

13 Nari mfise vyinshi vyo kukwandikira, mugabo singomba kukwandikishiriza wino n’ikaramu:

14 ariko nizigiye ko nzokubona vuba, tukazovugana imbonankubone.

15 Amahoro abane nawe. Abakunzi barakuganutsa. Untahirize abakunzi, ukw amazina yabo angana.

Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967

Bible Society of Burundi
Lean sinn:



Sanasan