Biblia Todo Logo
Bìoball air-loidhne

- Sanasan -

2 Yohana 1 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)


Ivy’ ukuri bo n’urukundo

1 Jewe umushingantahe ndakwandikiye, mukamakare watoranijwe, mwe n’abana bawe abo nkunda vy’ukuri; kandi si jewe jenyene mbakunda, ariko n’abazi ukuri bose barabakunda,

2 kubg’ ukuri kuba muri twebge, kukazogumana natwe ibihe bidashira.

3 Ubuntu n’imbabazi n’amahoro, biva ku Mana Data wa twese no kuri Yesu Kristo, Umwana wa Data wa twese, bizobana natwe mu vy’ukuri no mu rukundo.

4 Ndanezerewe cane, kuko nasanze bamwe mu bana bawe bagendera mu kuri, nk’uko twagezwe na Data wa twese.

5 Kandi none ndakwinginga mukamakare, si nk’ūkwandikira icagezwe gisha, ariko n’ico twamanye uhereye mbere na mbere, ngo dukundane.

6 Uru ni rwo rukundo, n’uko tugenda dukurikira ivyagezwe na we. Ico ni co cagezwe, nk’uko mwumvise uhereye mbere na mbere, ko mukigenderamwo.

7 Kukw abayobeza benshi baserutse bakaja mw isi, batemera ko Yesu Kristo yaje afise umubiri. Ūmeze artyo, ni we ayobeza, kandi ni we Antikristo.

8 Mwiyubare, ntimuhombe ivy’ ibikorwa mwakoze, ariko ngo muhabge ingero itagabanije.

9 Umuntu wese arārāta, ntagume mu vyo Kristo yigishije, ntafise Imana: ūguma mu vyo yigishije ni we afise Data wa twese n’Umwana.

10 Ni hagira umuntu aza i wanyu, akaza atazanye iyo nyigisho, ntimuze mumwakire mu nzu zanyu, kandi ntimuze mumuhe ikāze:

11 kuk’ ūzomuha ikāze azoba afatanije na we mu bikorwa vyiwe bibi.

12 Naho nari mfise vyinshi vyo kubandikira, singomvye kuvyandikisha wino ku rupapuro: ariko nizigiye kuzoza i wanyu ngo tuvugane imbonankubone kugira ng’umunezero wanyu ube uwuzuye.

13 Abana ba mwene nyoko yatoranijwe baragutasha.

Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967

Bible Society of Burundi
Lean sinn:



Sanasan