Biblia Todo Logo
Bìoball air-loidhne

- Sanasan -

2 Timoteyo 3 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)


Ibibi bizoza mu gihe c’iherezo

1 Arik’ umenye yuko mu misi y’iherezo hazoza ibihe bigoye.

2 Kukw abantu bazoba bikunda gusa, bakunda amahera, bīrārīra, bībona, batukana, batumvira abavyeyi, intashima, abanegura ivy’ Imana,

3 badakunda n’ababo, banka kwuzura, barementanya, batigarura, inkazi, badakunda ivyiza,

4 abaguranyi, ibirandamuke, abikakisha, bakunda ibibahimbara bakabirutisha Imana,

5 bafise ishusho yo kwubaha Imana, ariko bahakana ubushobozi bgakwo: abameze bartyo wame ubatera ibitugu.

6 Kuko muri bo harimw’ abagabo banyegetera mu mazu, bagatwara abagore batagira imitima, baremerewe n’ivyaha, batwarwa n’ukwifuza kw’ uburyo bginshi,

7 bama biga, ariko nta ho bashobora gushitsa ku kumenya ukuri.

8 Nk’uko Yane na Yambure bārwanije Mose, ni ko n’abo bagabo barwanya ukuri, abo n’abononekaye ubgenge, babaye ibihombe ku kwizera.

9 Mugabo ntibazoshobora kurengaho: kuk’ ubusazi bgabo buzogaragarira abantu bose, nk’uk’ ubga ba bandi bgagaragaye.


Ivyanditswe vyera ni vyo bizigama umuntu mu mutima

10 Ariko weho wakurikiye neza ukwigisha kwanje, n’ingeso, n’imigabo, n’ukwizera, n’ukutarambirwa, n’urukundo, n’ukwihangana,

11 no guhamwa, n’imibabaro, nk’ivyambereyeko muri Antiyokiya no muri Ikoniyo n’i Lusitira; ivyo nihanganiye vyose mpamwa, kandi vyose Umwami wacu arabinkiza.

12 Mber’ abagomba bose kugenda bubaha Imana bari muri Kristo Yesu, bazohamwa.

13 Arikw abantu babi, bo n’abahūmbūzi, bazorushiriza kuba babi, bazimiza bakazimizwa.

14 Ariko weho ugume mu vyo wize, ukavyizezwa, kuk’ uzi abākwigishije:

15 kand’ uzi yuk’ uhereye mu buto bgawe wamye uzi ivyanditswe vyera bishobora kukumenyesha ubgenge bgo kukuzanira agakiza gaheshwa no kwizera Kristo Yesu.

16 Ivyanditswe vyose vyahumetswe n’Imana, kandi bigira ikimazi co kwigisha umuntu, no kumuhana, no kumutunganya, no kumutoza indero nziza mu kugororoka:

17 kugira ng’ umuntu w’Imana abe ūshitse, afise ibimukwiye vyose, ngw akore igikorwa ciza cose.

Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967

Bible Society of Burundi
Lean sinn:



Sanasan