Biblia Todo Logo
Bìoball air-loidhne

- Sanasan -

2 Samweli 9 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)


Dawidi yibuka urukundo rwa Yonatani

1 Bukeye Dawidi arabaza, ati Mbega har’ agasigarira mu nzu ya Sauli koba kakiriho, kugira ngo ndamugirire neza kubga Yonatani?

2 Maze hār’ umunyarugo wa Sauli yitwa Ziba; nuko baramuhamagara ngo yitabe Dawidi. Umwami aramubaza, ati Ni wewe Ziba? Na we at’ Ego me, ni jewe Ziba umusavyi wawe.

3 Umwami aramubaza, ati Mbega mu nzu ya Sauli nta woba akiriho ngo ndamugirire neza kubg’ Imana? Ziba yishura umwami, ati Haracarih’ umwana wa Yonatani amugaye ibirenge.

4 Umwami aramubaza, at’ Aba hehe? Ziba yishura umwami, at’ Aba kwa Makiri mwene Amiyeli i Lo‐debari.

5 Maz’ umwami Dawidi aratuma, baramuzana bamukūye kwa Makiri mwene Amiyeli i Lo‐debari.

6 Nuko Mefibosheti mwene Yonatani umwuzukuru wa Sauli arenguka imbere ya Dawidi; akubita inkoro hasi, aramwunamira. Maze Dawidi aravuga, ati Mefibosheti! Aritaba, ati Sabge!

7 Dawidi aramubarira, ati Mpore nta co utinya, kuko ntazobura kukugirira neza kubga so Yonatani, kandi nzogusubiza amatongo yose ya sogokuru Sauli, kand’ uzohora urīra ku meza yanje na ntaryo.

8 Arasubira aramwunamira, ati Mbega jewe umusavyi wawe, n’ inda n’indesho, nar’ iki k’undoreshako n’ijisho, kandi nd’ imbga ipfuye?

9 Umwami araheza ahamagaza Ziba, yar’ umunyarugo wa Sauli, at’ Ivyar’ ivya Sauli vyose n’ivyar’ ivy’ abo mu nzu yiwe bose, mbigabiye mwene shobuja.

10 Nawe uz’ uhore umurimira, mwe n’ abahungu bawe n’abantu bawe, mumushikirize imyimbu, kugira ngo mwene shobuja az’ ahore abona ibimutunga. Ariko Mefibosheti mwene shobuja ubgiwe azohora arīra ku meza yanje na ntaryo. Kandi Ziba yar’ afise abahungu cumi na batanu n’abantu atunze mirongwibiri.

11 Maze Ziba yishura umwami, at’ Ivy’ umbariye vyose, jewe umusavyi wawe, ni ko nzobigenza, mwami wanje nyen’ ingoma. Nuko Mefibosheti yama arīra ku meza y’ umwami nk’uwo mu bana b’ umwami.

12 Kandi Mefibosheti yar’ afise akana k’agahungu kitwa Mika. Nukw abo mu rugo rwa Ziba bose baba abantu ba Mefibosheti.

13 Nuko Mefibosheti aba i Yerusalemu, kuko yama arīra ku meza y’umwami; kandi yari yaramugaye ibirenge vyompi.

Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967

Bible Society of Burundi
Lean sinn:



Sanasan