Biblia Todo Logo
Bìoball air-loidhne

- Sanasan -

2 Samweli 6 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)


Dawidi azana isandugu y’Imana i Siyoni

1 Bukeye Dawidi yongera gukoranya ingabo zose zatoranijwe mu Bisirayeli; bār’ ibihumbi mirongwitatu.

2 Dawidi ahagurukana n’abo bantu bose bari kumwe na we, baja i Bayali‐yuda gukūray’ isandugu y’Imana yitirirwa rya Zina, ari ryo zina ry’Uhoraho Nyen’ ingabo yama avyagiye ku bakerubi.

3 Nuko bashira iyo sandugu y’Imana ku mukogote musha, bayikūra kwa Abinadabu yaba kur’ uwo musozi; Uza na Ahiyo bene Abinadabu bayobora inka zikwega uyo mukogote musha.

4 Uko ni ko bākūye iyo sandugu y’ Imana kwa Abinadabu kur’ uwo musozi, Ahiyo ari we ayigiye imbere.

5 Dawidi n’umuryango wose w’Abisirayeli bagenda biyereka biginagura, bar’ imbere y’Uhoraho, bavuza inanga n’amakembe n’ udushako tw’ingoma n’imiduri n’ivyitwa matowazi.

6 Maze bashitse ku mbuga ya Nakoni, Uza atuma ukuboko ngw asame isandugu y’Imana, kukw inka zari zitirimutse.

7 Maz’ uburake bg’Uhoraho buziriringira Uza, aca amutsinda aho nyene, amuhōye ico gicumuro, agwa ngah’ i ruhande y’isandugu y’ Imana.

8 Bibabaza Dawidi k’ Uhoraho yahwikiye Uza; aho hantu haca hitwa Peresi‐uza, kugeza na bugingo n’ubu.

9 Uwo musi Dawidi aca aterwa ubgoba n’Uhoraho; aravuga, ati Mbeg’ isandugu y’Uhoraho vyoshoboka bite kw iza i wanje?

10 Nukw iyo sandugu y’Uhoraho Dawidi ntiyakunda kuyijana i we ku murwa wiwe, arikw ayikebereza kwa Obed‐edomu w’Umunyegati;

11 imara amezi atatu mu nzu yiwe, kand’ Uhoraho aha umugisha Obed‐edomu n’abo mu rugo rwiwe bose.

12 Bukeye babarira umwami Dawidi, bat’ Uhoraho yahaye umugisha urugo rwa Obed‐edomu n’ivy’ afise vyose, kubga ya sandugu yiwe. Nuko Dawidi arahaguruka aja gukūra iyo sandugu y’ Imana kwa Obed‐edomu, ayitahana ku murwa wiwe anezerewe.

13 Kand’ uko vyagenze n’uku: abareruye isandugu y’Uhoraho batambutse intambuko zitandatu, atanga impfizi kw ikimazi, bo n’ ishuri y’igishishe.

14 Maze Dawidi yiyerekera imbere y’Uhoraho yiginagura; kandi yar’ akenyeye efodi yera derere.

15 Nuko Dawidi n’umuryango wose w’Abisirayeli badūgana isandugu y’Uhoraho basēsereza impundu, bavuza inzamba.

16 Maz’ isandugu y’Uhoraho igitamaje ku murwa wa Dawidi, Mikali umukobga wa Sauli arungurukira mw idirisha, abona umwami Dawidi yitera hejuru, yiyerekera imbere y’Uhoraho; amugayira mu mutima.

17 Nuko binjiza iyo sandugu y’Uhoraho, bayishira aho yagerewe hagati mw ihema Dawidi yari yarayishingiye. Dawidi araheza atangira imbere y’Uhoraho ibimazi vyoswa n’ivy’ ishimwe.

18 Nuko Dawidi amaze kwosa ikimazi no gutanga ibimazi vy’ishimwe, ahezagira abantu mw izina ry’Uhoraho Nyen’ ingabo.

19 Maz’ agaburira abantu bose bo mur’ iryo shengero ryose ry’Abisirayeli, abagabo n’abagore, umwe‐umwe amuha umutsima n’inkekera y’inyama n’akarobe kabumbabumbge mu nzabibu zumye. Maz’ abantu bose barataha, umuntu wese asubira i we.

20 Dawidi na we asubira i we ngw ahezagire abo mu rugo rwiwe. Maze Mikali umukobga wa Sauli asohoka gusanganira Dawidi, aramubarira, at’ Ereg’ uyu musi umwami w’Abisirayeli yar’ agahore! Urabona ukuntu wikijije impuzu imbere y’ubukobga bushumbiye abantu bawe, nk’umuntu yabaye vyenywe azīkiza ata dusoni!

21 Dawidi yishura Mikali, at’ Uhoraho ni we nariko ndiyereka, kandi ni we yantoranije kuruta so n’ab’ inzu yiwe bose, akangira segaba w’abantu biwe b’Abisirayeli. Ni co kizotuma niyereka Uhoraho.

22 Mbere nzorushiriza kwigira inkēngērwa, mbe ūgayitse mu maso yawe; arikw abo bakobga abo uvuze, bo bazonyubaha.

23 Maze Mikali umukobga wa Sauli ntiyabona akana arinda apfa.

Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967

Bible Society of Burundi
Lean sinn:



Sanasan