Biblia Todo Logo
Bìoball air-loidhne

- Sanasan -

2 Samweli 5 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)


Dawidi aba umwami w’Abisirayeli bose

1 Bukeye imiryango yose y’ Abisirayeli ija i Heburoni kwa Dawidi, baramubarira, bat’ Ehe rāba, tur’ akara kamwe n’amaraso amwe.

2 Kandi mu bihe vya kera, hamwe Sauli yar’ umwami wacu, ni wewe wajana Abisirayeli gutabara, mugatabarukana. Kand’ Uhoraho yarakubgiye kw ari wewe uzoragira abantu biwe b’ Abisirayeli, kandi k’uzoba segaba wabo.

3 Uko ni kw abashingantahe bose b’Abisirayeli bāshengereye umwami i Heburoni; nuk’ umwami Dawidi asezeranira na bo isezerano imbere y’Uhoraho i Heburoni nyene; bamwimikisha amavuta ngw abe umwami w’Abisirayeli.

4 Kandi Dawidi yimye amaze imyaka mirongwitatu avutse; amara imyaka mirongwine ku ngoma.

5 Yamaze imyaka ndwi n’amezi atandatu i Heburoni, aganza Abayuda; i Yerusalemu na ho ahamara imyaka mirongwitatu n’itatu, aganza bose Abisirayeli n’Abayuda.

6 Igihe umwami Dawidi yaja i Yerusalemu n’ingabo ziwe gutera Abayebusi, ari bo bamye ar’ inyamo z’ico gihugu, Abayebusi baramubarira, bati Ntuzopfa ushitse ngaha, kuko naho boba impumyi n’ibimuga bokwiyamiriza! Kuko bari bibgiye, bati Dawidi ntiyoshobora gushika ino.

7 Ariko Dawidi atsinda iboma ry’i Siyoni, ari ho hāciye hahinduka umurwa wiwe.

8 Uwo musi Dawidi aravuga, at’ Ūgomba gutera Abayebusi, n’ adūgane umugende w’amazi, abone gutera ivyo bimuga n’impumyi umutima wanje wanka. Ni co catumye bavuga, ngo Nta mpumyi cank’ ibimuga bizoshobora kwinjira mu ngoro.

9 Nuko Dawidi aba mur’ iryo boma, aryita umurwa wa Dawidi. Yubaka impande zose, uhereye inyuma y’uruzitiro rw’i Milo ugashitsa imbere yaho.

10 Nuko Dawidi arushiriza kuba agahambaye, kuk’ Uhoraho Imana Nyen’ ingabo yari kumwe na we.

11 Bukeye Hiramu umwami w’i Tiro atuma intumwa kuri Dawidi, arungika n’ibiti vy’amasederi n’ ababāji n’abubatsi, bubakira Dawidi ingoro.

12 Nuko Dawidi aca atahura yuk’ Uhoraho ari we yamuteretse ngw abe umwami w’ Abisirayeli, kandi kw ashize hejuru ubgami bgiwe kubg’ abantu biwe b’Abisirayeli.

13 Maze Dawidi yābīrira i Yerusalemu abandi bamikazi, ahagirira n’izindi ncoreke zimeze bga bagore, amaze kwimukirayo avuye i Heburoni, yongera kuvyara abandi bana b’abahungu n’abakobga.

14 Aya ni yo mazina y’abo yavyariye i Yerusalemu: Shamuwa na Shobabu na Natani na Salomo,

15 na Ibuhari na Elishuwa na Nefegi na Yafiya,

16 na Elishama na Eliyada na Elifeleti.


Dawidi anesha Abafilisitiya baje kumutera

17 Maz’ Abafilisitiya bumvise ko Dawidi yimikishijwe amavuta ngw abe umwami w’Abisirayeli, Abafilisitiya bose baradūga baja kumuhīga. Dawidi avyumvise aramanuka aja mw isenga.

18 Kand’ abo Bafilisitiya bari baje, basagaza ku mwonga Refayimu.

19 Maze Dawidi asiguza Uhoraho, ati Ndūge nje gutera Abafilisitiya? Urabagabura mu maboko yanje? Uhoraho aramwishura, ati Dūga ubatere, kuko ntazobura kugabura abo Bafilisitiya mu maboko yawe.

20 Nuko Dawidi aja i Bayali‐perasimu, abanesherezayo; aravuga, at’ Uhoraho yahomvoye abansi banje imbere yanje nk’ukw amazi ahomvora urugomero; ni co catumye yita aho hantu Bayali‐perasimu.

21 Abafilisitiya batayo ibigirwamana vyabo; Dawidi n’ ingabo ziwe barabijana.

22 Bukeye Abafilisitiya basubira kudūga ubugira kabiri, basagaza ku mwonga Refayimu nyene.

23 Maze Dawidi asiguje Uhoraho, aramwishura, ati Ntudūge ngo mubīsanganize, arik’ ugende inkerera‐mucamo, mubaturuke inyuma, aharābana n’ibiti vyitwa imibaka.

24 Maze ni wumva imirindi y’ingabo ihindira hejuru kur’ iyo mibaka, uce uhaguruka vuba, kuko jewe Uhoraho nzoba nkwitangiye imbere gutera izo ngabo z’Abafilisitiya.

25 Nuko Dawidi abigenza artyo, nk’uk’ Uhoraho yamubariye; akinagiza Abafilisitiya uhereye i Geba ugashitsa i Gezeri.

Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967

Bible Society of Burundi
Lean sinn:



Sanasan