2 Samweli 3 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)Abana Dawidi yavyariye i Heburoni 1 Nuko haba intambara kumara igihe kirekire hagati y’ab’ inzu ya Sauli n’ab’ iya Dawidi; Dawidi agenda arushiriza kuba agahambaye, arikw ab’ inzu ya Sauli bo bagenda bashira inkomezi. 2 Abana b’abahungu Dawidi yavyariye i Heburoni, uw’ imfura ni Amunoni, uwo yavyaye kuri Ahinowamu w’i Yezireli; 3 uwa kabiri ni Kileyabu, uwo yavyaye kuri Abigayili, yahora ari muka Nabali w’i Karumeli; uwa gatatu ni Abusalomu, uwo yavyaye kuri Mayaka, umukobga wa Talumayi umwami w’i Geshuri; 4 uwa kane ni Adoniya, uwo yavyaye kuri Hagita; uwa gatanu ni Shefatiya, uwo yavyaye kuri Abitali; 5 uwa gatandatu ni Itureyamu, uwo yavyaye ku wundi mugore wiwe yitwa Egila. Abo ni bo Dawidi yavyariye i Heburoni. Abuneri ava kuri Ishibosheti asaba Dawidi 6 Ico gihe c’intambara y’ab’ inzu ya Sauli n’ab’ iya Dawidi, Abuneri yari yīgize agakomeye mu rugo rwa Sauli. 7 Kandi Sauli yar’ afise incoreke yari yaragize umugore, yitwa Risipa, umukobga wa Aya; bukeye Ishibosheti abaza Abuneri, ati N’iki catumye winjirana muka data? 8 Ayo majambo ya Ishibosheti ashavuza Abuneri cane; aramwishura, ati Mbeg’ ugira ngo nd’imbga y’i Buyuda? Ko nagiriye neza ab’ inzu ya so Sauli na bene wabo n’abakunzi biwe, nawe sinkugabure mu maboko ya Dawidi; non’ ugapfa kunyagiriza icaha ku mugore gusa? 9 Imana iz’ ibimpanire, jewe Abuneri, mbere birushirije, ni ntagirira Dawidi nk’uk’ Uhoraho yamurahiye, 10 ngakūra ingoma mu nzu ya Sauli, nkayegurira Dawidi, ngatuma ingoma yiwe ihangama mu Bisirayeli no mu Bayuda, uhereye i Dani ugashitsa i Beri‐sheba. 11 Maze Ishibosheti ntiyaronka irindi na rimwe yishura Abuneri, kuko yamutinya. 12 Bukeye Abuneri atuma intumwa kuri Dawidi, muti Nyene kirya gihugu ni nde? Muti N’ usezerane isezerano na we, muti Kand’ azofatanya nawe kukurehereza Abisirayeli bose. 13 Dawidi arishura, ati Ni vyiza; mut’ Azosezerana nawe; muti Mugabo hariho kimwe akugombako, mut’ Utazanye Mikali mwene Sauli, ah’ uzozira ngo mubonane, muti Ntuzomukubita ijisho. 14 Maze Dawidi atuma intumwa kuri Ishibosheti mwene Sauli, muti Muhe umugore wiwe Mikali, uwo yakoye ubugabo ijana yashahuye Abafilisitiya. 15 Nuko Ishibosheti aratuma, bamukūra kwa Palutiyeli mwene Layishi umugabo wiwe. 16 Maz’ uwo mugabo wiwe aramuherekeza, agenda ararira inzira yose, arinda amushikana i Bahurimu. Ashitseyo, Abuneri aramubarira, ati Hogi subira inyuma; nukw aca asubira inyuma. 17 Bukeye Abuneri aja inama n’ abakuru bo mu Bisirayeli, aravuga, ati Mumaze igihe kitari gito mugomba ko Dawidi yoba umwami wanyu; 18 none rero ni mubirāngūre; kuk’ Uhoraho yavuze ivya Dawidi, ng’ Umusavyi wiwe Dawidi ni we azokiza abantu biwe Abisirayeli, abakūre mu maboko y’Abafilisitiya no mu y’abansi babo bose. 19 Abuneri abibarira n’ Ababenyamini na bo. Bukeye aja i Heburoni, kugira ngo yīgānire Dawidi ivyo Abisirayeli n’ab’ umuryango w’Ababenyamini bose bamaramaje gukora vyose. 20 Nukw ashitse i Heburoni kwa Dawidi, ari kumwe n’abantu mirongwibiri, Dawidi amurondereza amazimano bo n’abari kumwe na we. 21 Maze Abuneri abarira Dawidi, ati Hinge ngende, ngagamure Abisirayeli bose baze ah’ uri, mwami wanje nyen’ ingoma, kugira ngo basezerane nawe, ubone kubaganza bose nk’uk’ ugomba. Nuko Dawidi arekura Abuneri, agenda amahoro. Yowabu yica Abuneri amuhōye Asaheli 22 Maze Yowabu n’abantu ba Dawidi baragaruka bavuye gutera, bazanye iminyago myinshi; ariko Abuneri ntiyar’ akiri kumwe na Dawidi i Heburoni, kuko yar’ amaze kumurekura, yīgīriye amahoro. 23 Nuko Yowabu n’ingabo ziwe zose bagishika bartya, babarira Yowabu, bati Abuneri mwene Neri yamanye n’umwami, non’ umwami yamurekuye, yīgīriye amahoro. 24 Maze Yowabu aragenda abaza umwami, ati Wakoze ibiki? Abuneri ngo yamanye nawe, uraheza uramureka arīgīra? 25 Aho ntuzi yuko Abuneri mwene Neri yazanywe no kuguhenda, ngw amenye ingen’ utabara n’ ingen’ utabaruka, amenye n’ivy’ ukora vyose? 26 Nuko Yowabu, amaze kwikebanura Dawidi, akurikiza intumwa Abuneri; zimugarurira kw iriba ry’i Sira; ariko Dawidi ntiyabimenya. 27 Nuko Abuneri ashitse i Heburoni, Yowabu amwihererana hagati y’ amarembo, nk’ūgira abonane na we ata wumva; araheza amucumita ku nda, agwaho, amuhōye amaraso ya murumuna we Asaheli. 28 Hanyuma Dawidi avyumvise, aravuga, ati Twe n’igihugu canje turacuna imbere y’Uhoraho kur’ ayo maraso ya Abuneri mwene Neri gushitsa ibihe vyose; 29 arikw arasubira ku mutwe wa Yowabu no ku b’inzu ya se bose; mu nzu ya Yowabu ntihakabure umunyagisokoro, cank’ umunyamibembe, cank’ ūgendera ku kibando, cank’ uwicwa n’inkota, cank’ ūtagira ico ashira ku munwa. 30 Uko ni ko Yowabu na Abishayi murumuna we bishe Abuneri, kuko yari yatsinze murumuna wabo mu ntambara y’i Gibeyoni. Dawidi aririra Abuneri 31 Dawidi araheza abarira Yowabu n’abari kumwe na we bose, ati Ni mwitantamurirekw impuzu zanyu, mukenyere amagunira, muririre i ruhande ya Abuneri. Maz’ umwami Dawidi akurikira ikigagara ciwe. 32 Nuko Abuneri bamuhamba i Heburoni, umwami araturikisha aririra ku mva ya Abuneri; abantu bose bararira. 33 Umwami acurira intimba Abuneri, ati Mbega Abuneri yar’ akwiye gupfa nk’ukw imburabgenge ipfa? 34 Amaboko yawe kw atar’ aboshwe, Cank’ ibirenge vyawe ngo bibe mu minyororo! Upfuye nk’umuntu aguye mu maboko y’inkozi z’ibibi! Nukw abantu bose bongera kumuririra. 35 Hanyuma abantu bose baza kwinginga Dawidi ngw afūngure hakiri ku murango; ariko Dawidi ararahira, aravuga, ati Ni nagira ico ntamira izuba ritararenga, Imana iz’ ibimpanire, mbere birushirije! 36 Abantu bose babibonye birabanezera; mber’ ivy’ umwami yakora vyose vyagenda binezera abantu bose. 37 Nuk’ uwo musi abantu bose n’Abisirayeli bose bamenya ko bitāvuye ku mwami kwica Abuneri mwene Neri. 38 Maz’ umwami abarira abantu biwe, at’ Aho ntimuzi yuk’ uyu musi hapfuye uwo mu nda y’ingoma kandi w’agahambaye? 39 Kandi nanje naho nd’umwami yimikishijwe amavuta, arik’ ubu nsigaye ncitse urudendevu. Kand’ abo bagabo, abahungu ba Seruwiya, n’abantu badashoboka, barannaniye. Uhoraho n’asubirize umunyakibi mu nkōko nk’ukw ibibi vyiwe bingana. |
Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967
Bible Society of Burundi