2 Samweli 19 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)Yowabu atesha Dawidi kuririra Abusalomu 1 Hanyuma babarira Yowabu, bat’ Ereg’ umwami arikw araririra Abusalomu, amuborogera. 2 Uwo musi umunezero w’ uko banesheje uhinduka umubabaro mu bantu bose; kuko bari bumvise ng’ Umwami atuntujwe n’umwana wiwe. 3 Maz’ uwo musi ingabo zigenda zomba mu kugaruka mu gisagara, nk’ukw abahunze mu ntambara bagenda bomba bafise isoni. 4 Kand’ umwami yari yitwikiriye mu maso, avuza induru, ati Yō! Mwananje Abusalomu! Ewe Abusalomu, mwana wanje, mwana wanje we! 5 Maze Yowabu yinjira mu nzu ah’ umwami ari, aramubarira, at’ Uyu musi utētereje abantu bawe bose, kand’ ari bo bakijije amagara yawe uyu musi nyene, n’ay’ abahungu bawe n’abakobga bawe, n’ay’ abamikazi bawe n’abagore bawe b’incoreke, 6 kuk’ ukunze abakwanse, ukanka abagukunda; ereg’ uyu musi werekanye yukw abagabisha n’abasavyi ari nk’ ubusa kuri wewe; ubu ndamenye yuko Abusalomu iyaba akiriho, tukaba ari twebge twapfuye twese uyu musi, ni vyo uba washimye. 7 Nuko none n’uhaguruke, usohoke, ucūrire amajambo abasavyi bawe yo kubahūmuriza; ntanze Uhoraho kw indahiro, n’utāsohoka, nta muntu n’umwe aza gusigara kuri wewe mur’ iri joro. Kand’ ivyo bizokubera nabi kuruta ivyago wakabonye vyose, uhereye mu buto bgawe gushitsa n’ ubu. 8 Nuk’ umwami aca arahaguruka, aja kuvyagira ku kirimba. Maze babarira abantu bose, bat’ Ereg’ umwami avyagiye ku kirimba. Nukw abantu bose baza kumushengerera. Kand’ Abisirayeli bose bari barashwiragiye, umuntu wese aja i we. Baja inama yo kugarukana Dawidi 9 Abantu bose bo mu miryango yose y’Abisirayeli baritonganya, bat’ Umwami ni we yahora aturokora, adukūra mu maboko y’abansi bacu, no mu y’Abafilisitiya; none rero yarahunze Abusalomu, ava mu gihugu. 10 Kandi Abusalomu na we, uwo twari twimikishije amavuta ngw atuganze, yaguye mu ntambara. None rero ko mutavuga ivyo kugarukana umwami? 11 Bukeye umwami Dawidi atuma kuri Sadoki na Abiyatari abaherezi, uti Ni mubaze abakuru b’ Abayuda, muti N’iki gituma ari mwebge mugiye guherukira abandi kugarukana umwami i we? Muti Kukw inama y’Abisirayeli bose yo kumugarukana i we yamaze kumushikīra. 12 Muti Kw ari mwebge musangiye umuryango, mukaba akara kamwe n’amaraso amwe, none n’iki gituma ari mwebge mugiye guherukira abandi kumugarukana? 13 Uti Kandi mumubarize na Amasa, muti Mbega nawe ntimur’ akara kamwe n’amaraso amwe? Mut’ Imana ize ibimuhanire, kandi birushirije, n’atākugira umugabisha w’ingabo ziwe na ntaryo mu gishingo ca Yowabu. 14 Nuk’ umwami agonda imitima y’Abayuda bose nk’ uw’ umuntu umwe; baca bamutumako ngw agaruke bo n’abantu biwe bose. 15 Nuk’ umwami asubirayo, ashika kuri Yorodani; maz’ Abayuda baja i Gilugali ngo basanganire umwami, bamujabutse Yorodani. Shimeyi yisaba umwami 16 Maze Shimeyi mwene Gera Umubenyamini w’i Bahurimu, na we arabandanya, amanukana n’abo Bayuda gusanganira umwami Dawidi, 17 kandi yari kumwe n’ abantu igihumbi b’Ababenyamini nyene. Kandi Ziba, umwe nyene yamye ar’ umusavyi wa Sauli n’ inzu yiwe, arindimuka kuri Yorodani ari kumwe n’abahungu biwe ukw ar’ icumi na batanu n’abantu biwe ukw ari mirongwibiri, umwami abarorēra, 18 bajabuka icambu kugira ngo bajabutse abo mu rugo rw’umwami, bamukorere n’ivyo agomba. Maz’ umwami agira ngw ajabuke Yorodani, Shimeyi mwene Gera yikubita hasi imbere yiwe. 19 Abarira umwami, ati Mugenzi, ntumparūrekw ibigabitanyo, canke ngo wibuke ivy’ ubuyobe nakoze, jewe umusavyi wawe, wa musi wava i Yerusalemu, mwami wanje nyen’ ingoma, ng’ unabishirek’ umutima; 20 kuko jewe umusavyi wawe ndazi ko nacumuye; ni co gitumye uyu musi mbaye uw’intangamarāra mu muryango wa Yosefu wose kumanuka kugusanganira, mwami wanje nyen’ ingoma. 21 Ariko Abishayi umwana wa Seruwiya aravuga, ati None Shimeyi ntakwiye gupfa, ko yatutse uwo Uhoraho yimikishije amavuta? 22 Dawidi aravuga, ati Dusangiye iki ga yemwe bana ba Seruwiya, uyu musi ko mumbereye abarwanizi? Har’ uwokwicwa uyu musi mu Bisirayeli? Non’ ubu na ho simmaze kumenya ko nd’ umwami w’Abisirayeli? 23 Umwami abarira Shimeyi, at’ Eka ntupfa. Araheza arabimurahira. Mefibosheti aza gusanganira umwami 24 Na Mefibosheti umwuzukuru wa Sauli aramanuka, aza gusanganira umwami; uhereye umusi umwami yagīriye, ugashitsa umusi yagarukiye i we amahoro, ntiyongeye kwiyoga ibirenge, canke ngw aringanize ubganwa, canke ngw amesure impuzu. 25 Nukw avuye i Yerusalemu gusanganira umwami, umwami aramubaza, ati Mbega n’iki cākubujije kujana nanje ga Mefibosheti? 26 Aramwishura, at’ Ereg’ umuntu wanje yarampenze, mwami wanje nyen’ ingoma; kuko jewe umusavyi wawe namubgiye ngw anshirire amatandiko ku ndogoba kugira ngo ndayigendereko njane nawe, mugenzi, kuko jewe umusavyi wawe nd’ikimuga. 27 Hanyuma aza kukumbesherako, mwami wanje nyen’ ingoma; ariko rero mugenzi, umeze nk’umumarayika w’ Imana; nuko n’ukore ico ugomba; 28 kukw abo mu rugo rwa data twese imbere yawe twār’ abo gupfa gusa; uraheza jewe umusavyi wawe unshira mu barīra ku meza yawe. None har’ ikindi novuga ngo ngutakambire ga mugenzi? 29 Umwami aramwishura, ati N’iki gituma ushishikara kuzana amajambo y’ivyawe? Namaze kubiheza: mwe na Ziba ni mugende mugabure iryo tongo. 30 Mefibosheti yishura umwami, ati Ni yagomba n’atware ryose; kizima ugarutse amahoro mu rugo rwawe, mwami wanje nyen’ ingoma. Dawidi ashimira Baruzilayi ivyo yamukoreye 31 Na Baruzilayi Umunyagileyadi ava i Rogelimu aramanuka, ngw aje kujabukana n’umwami Yorodani, ngw amugeze hakurya. 32 Baruzilayi uwo yar’ umutāma ashaje cane, yar’ amaze imyaka mirongumunani, kandi ni we yagemuriye umwami aho yar’ i Mahanayimu, kuko yar’ umuntu w’umutunzi cane. 33 Maz’ umwami abarira Baruzilayi, ati Ngwino tujabukane, nanje nzokumarira vyose dushitse i wanje i Yerusalemu. 34 Ariko Baruzilayi yishura umwami, ati Mbeg’ ugira ngo nshigaje imyaka ingana iki, yotuma ndūgana nawe i Yerusalemu ga mugenzi? 35 Ubu ko mmaze imyaka mirongumunani y’amavuka, ndacamenya ibiryoshe n’ibibishe? Jewe umusavyi wawe ubona nkiryoherwa n’ivyo ndya n’ivyo nnywa? Ndacashobora kwumva amajwi y’abaririmvyi, ar’abagabo ar’abagore? Non’ icotuma jewe umusavyi wawe nja kukugora n’iki, mwami wanje nyen’ ingoma? 36 Ereg’ icari kinzanye kwar’ ukukujabutsa Yorodani gusa, nkakwigiza imbere, mugenzi; non’ ico ni co cotuma urinda kumpa ingororano ingana irtyo ga mwami? 37 Ntunga nisubirire mu gisagara c’i wacu, jewe umusavyi wawe, abe ari ho nzogwa, ah’ imva ya data na mama iri. Ariko nguyo Kimuhamu umusavyi wawe; abe ari we ajabukana nawe, mwami wanje nyen’ ingoma; uz’ umukoreshe ico ugomba. 38 Umwami aramwishura, ati Nuko Kimuhamu n’ahogi tujabukane, kandi nzomugirira uk’ ugomba; kand’ ic’ uzongombako cose nzokigukorera. 39 Nukw abantu bose bajabuka Yorodani; n’umwami na we arajabuka. Maz’ umwami agumbira Baruzilayi, aramuhezagira; aca yisubirira i we. 40 Uko ni k’umwami yajabutse ashikira i Gilugali, na Kimuhamu ajabukana na we, n’Abayuda bose n’igice ca kabiri c’Abisirayeli bamuherekeje. 41 Bukeye Abisirayeli bose bashengerera umwami Dawidi, baramubaza, bati Mugenzi, n’iki gitumye bene wacu b’Abayuda bakuzana nk’abakutwiba, bakakujabutsa Yorodani bo n’abo mu rugo rwawe n’ingabo zawe zose? 42 Abayuda bose baca bishura Abisirayeli, bati N’uk’ umwami ari twebge dufitaniye akamwe ko hafi. Non’ ivyo ni vyo bibaratsa? Har’ ico yatugaburiye tukabacura? Canke yoba yatugabiye? 43 Abisirayeli bishura Abayuda, bat’ Umwami tumufiseko hanini ibihetangabo cumi; kubg’ ivyo Dawidi n’uwacu kuruta mwebge. None n’iki catumye mudukēngēra, kand’ ari twebge twabatanze kugira inama yo kugarukana umwami wacu? Arikw Abayuda mu magambo yabo bāri bakarātiye kuruta Abisirayeli. |
Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967
Bible Society of Burundi