2 Samweli 18 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)Abusalomu agwa mu ntambara 1 Maze Dawidi aharūra ingabo zari kumwe na we, ashirah’ abagaba igihumbi‐igihumbi n’abagaba ijana‐ijana. 2 Dawidi araheza agabanya ingabo mu mice itatu, umuce umwe awuha Yowabu, uwundi awuha Abishayi umwana wa Seruwiya, murumuna wa Yowabu, uwundi awuha Itayi Umunyegati. Maz’ umwami abarira ingabo, ati Nanje ubganje turatabarana. 3 Ingabo ziramuhakanira, bat’ Eka ntiwojana natwe; kuko naho tworamuka duhunze, ntibobibabara, canke hapfuye kimwe ca kabiri cacu, na ho nyene ntibibishirak’ umutima; ariko wewe urengeye abantu ibihumbi cumi bo muri twebge. Icoba ciza n’uko wokwitegura kudutabara uvuye mu gisagara. 4 Umwami arabishura, at’ Ico mushima ni co nemera. Nuk’ umwami ahagarara kw irembo ry’ igisagara, ingabo zose zirarēngāna, uko zār’ ijana‐ijana n’igihumbi‐igihumbi. 5 Maz’ umwami agera Yowabu na Abishayi na Itayi, arababarira, ati Muze mundindire uwo muhungu Abusalomu, mumubungabunge. Kand’ ingabo zose zarumva, ah’ umwami yagera abo bagabisha bose ivya Abusalomu. 6 Nukw izo ngabo zija gutegera Abisirayeli mu gahinga; urugamba rurumanira mu kibira c’i Bgefurayimu. 7 Abisirayeli baneshwa n’abantu ba Dawidi; uwo musi haba agatikizo gakomeye, hapfa ibihumbi mirongwibiri, 8 kukw intambara yar’ ikwiye hose mur’ ico gihugu. Uwo musi ikibira kimira abantu benshi kuruta abishwe n’inkota. 9 Maze Abusalomu ahubirana n’ abantu ba Dawidi, kandi yari ku nyumbu yiwe; maz’ iyo nyumbu imucāna musi y’igiti c’umweloni c’inganzamarumpu c’amashami y’ inzitane, umutwe wiwe ufatwa n’ ayo mashami, asigara yenena mu kirēre; inyumbu yagenderako na yo irakomeza iragenda. 10 Maz’ umuntu arabibona, abibgira Yowabu, at’ Erega nabonye Abusalomu yenena ku giti c’umweloni. 11 Yowabu abaza uwo muntu amubariye, ati Non’ uramubona uraheza ntiwamutsinda aho nyene ng’ umutūre hasi? Ko mba nkugororeye intete cumi z’ifeza bo n’ umukanda. 12 Uwo muntu yishura Yowabu, ati Naho nari guhabga amafeza igihumbi mu ntoke, sinari gukoza ukuboko ku mwana w’umwami; kukw ah’ umwami yabīhanikiriza mwe na Abishayi na Itayi, ati Mwirinde ntihaze hagire ūkora kur’ uwo muhungu Abusalomu, natwe twavyumva. 13 Non’ iyaba nārikoze nkayoba, umwami ntiyari kubura kuvyumva, nawe ukabintāna. 14 Yowabu aramwishura, ati Nta co nirirwa ndasyogoranya nawe. Araheza ajana amakobero atatu, ayamutobekeranya mu mutima, ar’ aho nyene mu mweloni akibona. 15 Maz’ imisore cumi yatwaza Yowabu ibirwanishwa, ica Abusalomu irya n’ino, iramuhohosha, arapfa. 16 Yowabu araheza avuza inzamba, ingabo zirahindukira, zireka gukurikira Abisirayeli, kuko Yowabu azibujije. 17 Nuko bajana ikiziga ciwe, bagishiburira mu rwobo runini rwar’ aho mu kibira, bakirundakw ikirundo c’amabuye kinini cane; nukw Abisirayeli bose baratemesha, umuntu wese ahungira i we. 18 Kandi Abusalomu akiriho yari yarābiriye inkingi y’ibuye, ayishinga mu mwonga w’umwami, kuko yari yaravuze, ati Nta mwana w’umuhungu ngira, ngo baze bamunyibukireko, izina ryanje ntirizimangane; ni kwo kwitiranya iyo nkingi izina ryiwe. Nuko yitwa inkingi y’ icibutso ca Abusalomu na bugingo n’ubu. Babikira umwami ko Abusalomu yapfuye 19 Maze Ahimasi mwene Sadoki aravuga, ati Ndeka niruke mbarire umwami inkuru z’ingen’ Uhoraho yashubirije abansi biwe mu nkōko. 20 Yowabu aramwishura, at’ Eka nta nkuru ujana uyu musi: uzoba urazijana ikindi gihe; arik’ uyu musi nta zo uja kuvuga, kuk’ umwana w’umwami yapfuye. 21 Yowabu araheza abarira Umunyekushi, ati Genda ubarire umwami ivyo wabonye. Nuk’ uwo Munyekushi yunamira Yowabu, aca arijura aragenda. 22 Maze Ahimasi mwene Sadoki arongera abarira Yowabu, at’ Eka naho vyabaye birtyo, ndakwinginze undekure nanje mpfe kugenda, nkurikire uwo Munyekushi. Yowabu aramwishura, ati Wirukanwa n’iki ga mwana wanje, kw ata mpēra y’izo nkuru uja guhabga? 23 Uwundi ati Naho bimeze birtyo, mpfuye kwiruka. Yowabu ati Nuko ni wiruke. Nuko Ahimasi ariruka, ajana inzira ica mu kiyaya, aja gutanga wa Munyekushi. 24 Kandi Dawidi yar’ avyagiye hagati y’amarembo abiri; maz’ inderetsi yūrira hejuru kw irembo ahahereranye n’uruzitiro rw’amabuye; atereje amaso, abona umuntu yiruka ari wenyene. 25 Iyo nderetsi ishira ijwi hejuru, ibibgira umwami. Umwami aravuga, ati Ni yaba ari wenyene, har’ inkuru aje kuvuga. Nukw akomeza kubandanya aza. 26 Maz’ iyo nderetsi ibona uwundi muntu yiruka. Ihamagara umushibamyi, it’ Eh’ uwundi muntu yiruka ari wenyene. Umwami aravuga, ati Na we nyene azanye inkuru. 27 Iyo nderetsi iravuga, it’ Umenga uw’ imbere yiruka nka Ahimasi mwene Sadoki. Umwami aravuga, ati N’umuntu ameze neza; azoba azanye inkuru nziza. 28 Maze Ahimasi ashira ijwi hejuru, abarira umwami, ati Vyose vyagenze neza. Araheza akubita inkoro hasi imbere y’umwami, aramubarira, at’ Uhoraho Imana yawe ahimbazwe, yaguhaye abantu bari bakubanguriye amaboko, mwami wanje nyen’ ingoma. 29 Umwami aramubaza, ati Wa muhungu Abusalomu ar’ amahoro? Ahimasi aramwishura, at’ Aho Yowabu yantuma, jewe umusavyi wawe, nabonye agahōgo kenshi, ariko sinamenye ivy’ ari vyo. 30 Umwami aramubarira, ati Rēngāna uhagarare hano. Nukw ararēngāna, arahagarara. 31 Wa Munyekushi aca ashika ubgo nyene, aravuga, ati Nkuzaniye inkuru, mwami wanje nyen’ ingoma. Uyu musi Uhoraho yashubirije mu nkōko abāri baguhagurukiye bose. 32 Umwami abaza uwo Munyekushi, ati Wa muhungu Abusalomu ar’ amahoro? Uwo Munyekushi aramwishura, at’ Abansi bawe n’ aboguhagurukira kukugirira nabi bose, barakaba nk’uk’ uwo muhungu yabaye, mwami wanje nyen’ ingoma! 33 Umwami avyumvise, inkonko irakoroka, yūrira mu cumba cubatswe hejuru kw irembo, arira; akirikw aragenda aravuga, ati Yō! Mwananje Abusalomu! Es’ umwananje! Ewe mwananje Abusalomu! Iyo mpfuma ari jewe mpfa mu gishingo cawe, ewe Abusalomu mwana wanje, mwana wanje we! |
Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967
Bible Society of Burundi