Biblia Todo Logo
Bìoball air-loidhne

- Sanasan -

2 Samweli 16 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)


Ziba abeshera Mefibosheti

1 Maze Dawidi, aminutse impinga gatoya, ahūra na Ziba, umuntu wa Mefibosheti, azanye indogoba zibiri zirikw amatandiko, zīremētse amarobe y’ imitsima amajana abiri, n’imisoko ijana y’inzabibu zumye, n’amatunda ahishirije ijana, n’umukuza wa vino.

2 Umwami abaza Ziba, at’ Ibi n’ivy’ iki? Ziba aramwishura, at’ Indogoba n’izo kugira ngw abo mu rugo rwawe bazigendereko, mugenzi; imitsima n’ amatunda na vyo n’induhuro y’ imikangara, vino na yo n’iyo guhēmbūra abazogwira isari mu bugaragwa.

3 Umwami aramubaza, ati Mbega mwene shobuja we ari hehe? Ziba aramwishura, at’ Erega yigumiye i Yerusalemu, kuko yavuze ng’ uyu musi ab’ inzu ya Isirayeli baramusubiza ku ngoma ya se.

4 Maz’ umwami abarira Ziba, at’ Ehe rāba, ivyar’ ivya Mefibosheti vyose ndabikugabiye. Ziba aramwishura, ati Ndagukūriye ubgatsi, mwami wanje nyen’ ingoma; urakāma untonesha.


Shimeyi atuka Dawidi

5 Maz’ umwami Dawidi ashitse i Bahurimu, hasokoroka umuntu wo mu muryango wa Sauli yitwa Shimeyi mwene Gera, agenda aramutuka inzira yose.

6 Agenda aratera umwami Dawidi amabuye, n’abantu biwe bose; kand’ abantu bose n’abahizi bose bari bamuhagatiye i buryo n’i bumoso.

7 Uku ni ko Shimeyi yagenda aramutuka, ati Genda, urakagenda, wa mwicanyi we, wa mugesera we!

8 Uhoraho agushubije ku mutwe amaraso yose y’ab’ inzu ya Sauli, uwo wishize mu gishingo ciwe, ukīyimika; non’ Uhoraho agabiye Abusalomu umuhungu wawe ubgo bgami; awa! Ubuyobe bgawe buragukoze, kuk’ ur’ umwicanyi!

9 Maze Abishayi umwana wa Seruwiya abaza umwami, at’ Ariko n’iki gituma tureka uwo muvyimba w’imbga akagenda aragutuka ga mwami wanje nyen’ ingoma? Hinge njabuke ndamuce izosi.

10 Umwami aramwishura, ati Dusangiye iki ga yemwe bana ba Seruwiya? Ni yaba antutse Uhoraho ari we yamubariye, ati Tuka Dawidi; har’ uwoshobora kumubuza, at’ Ivyo ubitewe n’iki?

11 Mbere Dawidi abarira Abishayi n’abantu biwe bose, ati K’umwana wanje nīkūriye mu nda arondera agatwe kanje, mbeg’ urya Mubenyamini we ntarushiriza? Nuko mureke antuke, kuk’ Uhoraho ari we yabimubariye.

12 Kumbure Uhoraho azorāba ayo mbonye, ampe ivyiza mu gishingo c’iyo mivumo mvumwe uyu musi.

13 Nuko Dawidi n’abantu biwe bakomeza inzira, Shimeyi na we agenda akikamanye umusozi abangikanye na we, amutuka ingenda, amutera amabuye asūra umukungugu.

14 Nuk’ umwami n’ abantu bose bari kumwe na we bashika i Ayefimu; aruhukirayo.


Abusalomu agīsha inama Ahitofeli

15 Nuko Abusalomu n’Abisirayeli bose bashika i Yerusalemu, na Ahitofeli ari kumwe na we.

16 Maze Hushayi Umwaruki, umukunzi wa Dawidi, ashikiriye Abusalomu, aramubarira, at’ Uragahora ku ngoma, uragahora ku ngoma!

17 Maze Abusalomu abaza Hushayi, at’ Urwo ni rwo rukundo ukunze wa mukunzi wawe? Mbega k’utajanye na we?

18 Hushayi yishura Abusalomu, at’ Ekaye; arik’ ūtoranijwe n’ Uhoraho n’iri hanga bo n’ingabo zose z’Abisirayeli, nzoba uwiwe, ni we nzogendanira.

19 Kare ho nosavye nde? Sinosavye umwana wiwe? Nk’uko nahora nsaba so ni ko nawe nzogusaba.

20 Maze Abusalomu abarira Ahitofeli, ati Tugīre inama: tubigenze dute?

21 Ahitofeli yishura Abusalomu, ati Genda winjirane baka so b’incoreke, abo yasigaranye urugo; ni ho Abisirayeli bose bazomenya ko wacancabuye na so, abari kumwe nawe bose bagaca barema.

22 Nuko bashingira Abusalomu ihema hejuru ku ngoro; Abusalomu araheza yinjirana izo ncoreke za se, Abisirayeli bose babona.

23 Kandi mur’ ico gihe, inama Ahitofeli yazana bāzemera nk’izo bagīriwe n’Imana. Uko ni ko vyamera ku nama za Ahitofeli, uhereye kuri Dawidi ugashitsa kuri Abusalomu.

Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967

Bible Society of Burundi
Lean sinn:



Sanasan