Biblia Todo Logo
Bìoball air-loidhne

- Sanasan -

2 Samweli 15 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)


Ukugarariza kwa Abusalomu

1 Hanyuma y’ivyo, Abusalomu yironderera umukogote n’amafarasi, n’abantu mirongwitanu bo kumwiruka imbere.

2 Kandi yama akoroka hakiri kare, akagenda agahagarara kw ishikiro ry’ikirimba; maz’ umuntu wese afise urubanza agomba gucirwa n’umwami, Abusalomu akamuhamagara, akamubaza, at’ Uva mu kihe gisagara? Na we at’ Umusavyi wawe nd’ uwo mu muryango munaka wo mu Bisirayeli.

3 Abusalomu akamubarira, at’ Ereg’ urubanza rwawe rwari rwiza kandi rwari ruboneye; ariko nta muntu umwami yashizeho wo kwumviriza ivyawe.

4 Kandi Abusalomu agatakw akavuga, ati Yemwe, iyaba naragizwe umucamanza w’iki gihugu, umuntu wese yogize imbūrano cank’ aje kwitwara, akanshikīra, nomuciriye urubanza rwiza!

5 Kand’ iyo hagize ūmwunamira ngw amuramutse, yarāmvura ukuboko akamufata akamugumbira.

6 Uko ni ko Abusalomu yagenza Abisirayeli bose baza kwitwara ku mwami; nukw atwara imitima y’ Abisirayeli.

7 Hashize imyaka ine, Abusalomu abarira umwami, ati Ndasavye unyemerere nje i Heburoni, gushitsa isezerano nasezeraniye Uhoraho.

8 Kuko nasezeranye isezerano, jewe umusavyi wawe, igihe naba i Geshuri muri Siriya, nt’ Uhoraho ni yaramuka anshubije i Yerusalemu, nzomusaba.

9 Umwami aramwishura, ati Nuko genda amahoro. Nukw arahaguruka aja i Heburoni.

10 Bukeye Abusalomu atuma abantu ngo bagende mu mpisho, bakwiragire mu miryango yose y’Abisirayeli, ngo bavuge, bati Ni mwumva ijwi ry’inzamba, muce muvuga, muti Abusalomu agiye ku ngoma i Heburoni.

11 Kand’ igihe Abusalomu yava i Yerusalemu, yajanye n’abantu amajana abiri yahamagaye, bagenda ata kindi biyumvira, ata co bazi.

12 Maz’ igihe Abusalomu yarikw aratanga ibimazi, atuma guhamagaza Ahitofeli w’i Gilo, umujanama wa Dawidi; ava mu gisagara c’i wabo i Gilo. Nukw inama y’ubugarariji irakomera, kukw abantu bāgenda bagwirirana kuri Abusalomu.


Uguhunga kwa Dawidi

13 Bukeye haza intumwa kuri Dawidi, iravuga, it’ Imitima y’Abisirayeli yaroye kuri Abusalomu.

14 Maze Dawidi abarira abantu biwe bose bari kumwe na we i Yerusalemu, ati Ni muve hasi duhunge; kuko tudahunze ata n’umwe muri twebge yomukira; ni mwihute tugende, ntace aduhamvya akadukorera ibara, umurwa akawuririkisha inkota.

15 Maz’ abantu b’umwami baramwishura, bati Mwami wacu nyen’ ingoma, abasavyi bawe twiteguye gukora ic’ ugomba cose.

16 Nuk’ umwami avanayo n’abo mu rugo rwiwe bose bamukondoreye inyuma; arikw asigay’ icumi bo mu ncoreke ziwe yagize abagore, ngo bazigame urugo.

17 Uko ni k’umwami yavuyeyo, abantu bose bamukondoreye inyuma; bashitse ku nzu y’imperēra batebaganiraho.

18 Nukw abantu biwe bose bamuca imbere; kand’ Abakereti n’Abapeleti bose, n’Abanyegati bose ukw ar’ amajana atandatu bāri bavuye i Gati bamukurikiye, na bo baca imbere yiwe.

19 Maz’ umwami abaza Itayi Umunyegati, ati Mbega wewe n’ iki gitumye ugomba kujana natwe? Subirayo, wisabire uwo mwami, kuk’ ur’ umunyamahanga, wavuye i wanyu wāngājwe.

20 Mbega ko waje ejo bundi, non’ uyu musi noshobora nte kukwemerera kuyererana natwe hirya no hino, ko ngiye kuja ahampaye uburyo hose? Subira inyuma, ujane na bagenzi bawe, Uhoraho akugirire imbabazi, akubere umwizigirwa.

21 Itayi yishura umwami, ati Ndahiye uguhoraho kw’Uhoraho, nawe nyene mwami wanje nyen’ ingoma, ni wewe ndahiro yanje, ah’ uzoba, mugenzi, ni ho nzoba, jewe umusavyi wawe, ar’ ugupfa ar’ ugukira.

22 Dawidi yishura Itayi, ati Nuko genda, ujabuke. Nuko Itayi Umunyegati arajabuka, bo n’ingabo ziwe zose n’abana bose bari kumwe na we.

23 Igihugu cose kirarira kiraboroga abantu bose bakiriko barajabuka; umwami na we aca arajabuka uwo mugezi Kidironi. Nukw abantu bose ni kwo kujabuka; bagenda batumbereye inzira ija mu bugaragwa.

24 Kandi hari haje Abiyatari, na Sadoki na we ni ho yar’ ari, n’Abalewi bose bareruye isandugu y’isezerano ry’Imana; batereka hasi iyo sandugu y’Imana, kugeza ah’ abantu bose barangirije kuva ku murwa.

25 Maz’ umwami abarira Sadoki, ati Subiza isandugu y’Imana ku murwa; Uhoraho ni yangirira ubuntu azongarukanayo, anyereke iyo sandugu yiwe n’ah’ aba.

26 Na ho ni yambarira ngo sindamuhimbaye; ehe ndi hano: n’angire ukw agomba.

27 Umwami arongera abarira Sadoki umuherezi, at’ Urumva, ni musubire ku murwa amahoro, mwe n’abahungu banyu bompi, Ahimasi umuhungu wawe na Yonatani mwene Abiyatari.

28 Ehe nzororērera ku majabukiro afata mu bugaragwa, gushitsa aho muzommenyeshereza inkuru z’uko bimeze.

29 Nuko Sadoki na Abiyatari barerura iyo sandugu y’Imana, bayisubiza i Yerusalemu, bagumayo.

30 Maze Dawidi atangura kudūga umusozi Elayono, adūga ararira ingenda, yitwikiriye mu mutwe, atambaye inkweto; kand’ abantu bose bari kumwe na we bitwikira mu mitwe, badūga bararira ingenda.

31 Maz’ umuntu abarira Dawidi, ati Ahitofeli ari mu bagarariji bafatanije na Abusalomu. Maze Dawidi arasenga, at’ Uhoraho, ndakwinginze, hindura ubusa inama za Ahitofeli.

32 Maze Dawidi ashitse ku mpinga y’uwo musozi, aho bama basengera Imana, Hushayi Umwaruki aza guhūra na we, yitantamuriyekw impuzu yiwe, yisutse ivu ku mutwe.

33 Dawidi aramubarira, ati Ni twajana uzongora;

34 ariko ni wasubira ku murwa, ukabgira Abusalomu, uti Mugenzi, mbaye umusavyi wawe; uti Nk’ uko nahora nsaba so mu gihe gishize, ni ko nawe nzogusaba. Uko ni k’uzoshobora kugenda unyicira inama za Ahitofeli.

35 Kandi ntuzi yuk’ uzoba uri kumwe na Sadoki na Abiyatari abaherezi? Nuko ni wagira ikintu cose wumva i bgami, uz’ uze ukibarire abo baherezi Sadoki na Abiyatari.

36 Kandi bafiseyo n’ abahungu babo bompi, Ahimasi wa Sadoki na Yonatani wa Abiyatari; abo ni bo muzoja murantumako, ngo mummenyeshe ivyo muzokwumva vyose.

37 Nuko Hushayi, uwo mukunzi wa Dawidi, aja ku murwa i Yerusalemu, ahashika igihe Abusalomu na we ashitseyo.

Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967

Bible Society of Burundi
Lean sinn:



Sanasan