2 Samweli 14 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)Yowabu avugira Abusalomu kuri Dawidi 1 Bukeye Yowabu umwana wa Seruwiya amenya k’ umwami afitiye inkumbu Abusalomu. 2 Nuko Yowabu atuma i Tekowa guhamagaza umugore w’ umunyabgenge; aramubarira, ati Ntabara wīgire nk’ūgandaye, wambare nk’ūri ku kigandaro, ntiwīsīge amavuta, arik’ use n’umugore amaze imisi myinshi agandariye uwapfuye. 3 Uheze uje i bgami, ubarire umwami urtya n’urtya. Nuko Yowabu amutegekera ivyo aja kuvuga. 4 Uwo mugore w’i Tekowa ashikiriye umwami, akubita inkoro hasi, aramwunamira, aramubarira, ati Ntabara, mugenzi. 5 Umwami aramubaza, at’ Ubaye iki? Aramwishura, ati Yō! Erega nd’ umupfakazi, umugabo wanje yarapfuye. 6 Kandi jewe incoreke yawe nari mfise abana b’ abahungu babiri; bukeye basindira ku gahinga, batagira ūbabanguranya; nuk’ umwe akubita uwundi, agwa bukumbi. 7 Non’ abaryango bose bankūriye hasi, jewe incoreke yawe, ngo ni ntange uwishe mugenzi we, kugira ngo bamuhōre uwo yishe; bakagomba kwica n’uwotoye umwandu; uko ni ko bagira bazimye agakara nari nsigaranye, ngo ntibasigarize umugabo wanje izina cank’ imbuto kw isi. 8 Umwami abgira uwo mugore, ati Genda, ni witahire; ivyawe ndabitunganya. 9 Uwo mugore w’i Tekowa yishura umwami, at’ Abe ari jewe bizosubira ku mutwe, n’inzu ya data, mwami wanje nyen’ ingoma, ntibize bikujeko cank’ ingoma yawe, mugenzi. 10 Umwami aramwishura, ati Ni hagira ūkuvuga, umunzanire, ntazoba agisubira kugukakaza. 11 Aramwishura, ati Ndakwinginze mugenzi, undahire Uhoraho Imana yawe, kugira ng’ ūhōra uwishwe ntaz’ aze kwica, bakamarīra n’agahungu nari nsigaranye. Umwami aramwishura, ati Ndahiye uguhoraho kw’Uhoraho, yukw ata n’agashatsi na kamwe ko ku mutwe w’umwana wawe kazohara ngo gakorokere hasi. 12 Maz’ uno mugore aramubarira, ati Mwami wanje nyen’ ingoma, zirikana ico nkubarira, jewe incoreke yawe. Na we ati Nuko mbarira. 13 Uwo mugore aramubgira, ati None n’iki caguteye kugira imigabo yo kugirira abantu b’Imana nka ben’ ivyo nyene? Ko vyakwiviriye mu kanwa ga mugenzi, usa n’ūtsinzwe, kuk’ utāgarukanye ca gicibga cawe. 14 Erega twese tuzopfa, tumeze nk’amazi asēseka ntayorwe. Mbere n’Imana ntiyiciraho, arikw irondera uburyo kugira ng’ uwaciwe ntaz’ arinde apfa akir’ igicibga. 15 None rero mwami wanje nyen’ ingoma, igitumye nza kukubgira iryo jambo n’ukw abantu banteye ubgoba; incoreke yawe nkavuga nti Hinge nje kwivuganira n’umwami; nti Kumbure umwami yokwemera gukora ico incoreke yiwe imusavye; 16 nt’ Umwami aranyumvira, ankize jewe incoreke yiwe, ankūre mu maboko ya wa muntu agomba kundandurana n’umwana wanje, adukūre mw ishamvu y’Imana. 17 Kandi jewe incoreke yawe ngatako nkiyumvira, nt’ Ijambo ry’umwami wanje nyen’ ingoma rizondemesha; nti Kuk’ umwami ameze nk’umumarayika w’Imana ku vyo gutandukanya ibibi n’ ivyiza. Nuk’ Uhoraho Imana yawe az’ ahorane nawe. 18 Maz’ umwami yishura uwo mugore, ati Ntabara umbarire ico ngira nkubaze cose, ntumpishe. Uwo mugore aramwishura, ati Mbaza mwami wanje nyen’ ingoma. 19 Umwami aramubaza, at’ Ubg’ ivyo vyose ntiwabibgirijwe na Yowabu? Uwo mugore aramwishura, ati Mwami wanje nyen’ ingoma, indahiro ni wewe nyene hakagira uwoshobora gucisha i ruhande ico umubajije cose; ni koko umusavyi wawe Yowabu ni we yangeze, jewe incoreke yawe, antegekera ayo majambo yose; 20 icamuteye kugenza artyo kwar’ ukugira ngw ivyabaye abihindure ukundi. Kandi ga mugenzi, ufise ubgenge nk’ubg’ umumarayika w’ Imana, umenya ibiri mw isi vyose. 21 Maz’ umwami abarira Yowabu, ati Nuko ndavyemeye; uragenda ugarukane uyo muhungu Abusalomu. 22 Maze Yowabu akubita inkoro hasi, yunamira umwami, aramuhezagira; aravuga, ati Jewe umusavyi wawe uyu musi mmenye ko ngutonnyeko, mwami wanje nyen’ ingoma, kuk’ ukoze ico nagusavye. 23 Nuko Yowabu arahaguruka, aja i Geshuri, agarukana Abusalomu i Yerusalemu. 24 Maz’ umwami aravuga, ati N’asubire mu rugo rwiwe; ariko ntazonkubita ijisho. Nuko Abusalomu asubira mu rugo rwiwe, ariko nta ho yabonana n’umwami. 25 Kandi mu banyakaranga bo mu Bisirayeli bose nta wavugangwa nka Abusalomu; uhereye mu bgōro bg’ikirenge ugashitsa mu gitwariro nta gasembga yagira. 26 Uk’ umwaka utashe yimosha umushatsi kuko wamuremēra, ni co catuma awimosha. Kand’ iy’ awimosheje yarawugera, ukariba shekeli amajana abiri, yagezwe kuri shekeli y’umwami. 27 Kandi Abusalomu yari yaravyaye abahungu batatu n’umukobga yitwa Tamari; yar’ umukobga mwiza w’umunyakaranga. 28 Nuko Abusalomu amara imyaka ibiri yiramvuriye i Yerusalemu, atararengukishwa i bgami. 29 Bukeye Abusalomu atuma guhamagaza Yowabu, kugira ngw az’ amutume ku mwami; yanka kumwitaba. Yongera kumutumak’ ubugira kabiri, na ho nyene yanka kumwitaba. 30 Ni kwo kubarira abantu biwe, ati Wa murima wa Yowabu wa sayiri, ubangikanye n’uwanje, mugende muwuturire. Nukw abantu ba Abusalomu baragenda barawuturira. 31 Maze Yowabu aca arahaguruka aja kwa Abusalomu, aramubaza, ati N’iki catumye abantu bawe banturirira umurima? 32 Abusalomu yishura Yowabu, ati N’uko nagutumyeko ng’uze hano ngutume ku mwami, ukanka; kwar’ ukugira ng’umumbarize icanzanye nkava i Geshuri; ut’ Iciza kwar’ uko yopfumye agumayo: none rero ndagomba kurenguka imbere y’umwami; kandi namba har’ ibigabitanyo mfise, apfume anyica. 33 Nuko Yowabu aja i bgami, arabimubarira; maz’ umwami ahamagaza Abusalomu, ararenguka, akubita inkoro hasi imbere y’ umwami; umwami aramugumbira. |
Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967
Bible Society of Burundi