Biblia Todo Logo
Bìoball air-loidhne

- Sanasan -

2 Samweli 13 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)


Amunoni yonona mushiki we Tamari

1 Hanyuma y’ivyo ivyābaye n’ibi: Abusalomu mwene Dawidi yar’ afise mushiki we mwiza w’umunyakaranga, yitwa Tamari. Bukeye Amunoni mwene Dawidi nyene aramugomwa.

2 Amunoni atuntuzwa no kwifuza mushiki we Tamari, biranamurwaza; kuko yar’ inkumi igumije ibanga, Amunoni akamubura uburyo.

3 Ariko Amunoni yar’ afise umugenzi bakundana yitwa Yonadabu mwene Shimeya, Shimeya mukuru wa Dawidi; kandi Yonadabu uwo yar’ umuntu w’incabgenge.

4 Aramubaza, ati Mbega mwana w’umwami, k’ugenda ushira umunywera imisi yose, ntiwombgira icabiguteye? Amunoni aramwishura, ati Nagomwe Tamari mushiki wa Abusalomu mwene data.

5 Yonadabu aramubgira, ati Genda wiryamire ku buriri bgawe, wirwaze; maze so ni yaza kurāba uko umeze, umubarire, uti Ndasavye mundungikire mushikanje Tamari, aze ampēreze utwo ntamira; uti Kand’ abironderere imbere yanje aho mbona, uti Maz’ ubgiwe abimpēreje, ni ho nobirya.

6 Nuko Amunoni araryama, arirwaza; maz’ umwami aje kurāba ukw ameze, Amunoni aramubgira, ati Ndasavye mundungikire mushikanje Tamari, andonderere udukāte tubiri aho mbona, maz’ abe ari we atumpēreza; ni ho norya.

7 Maze Dawidi atuma i muhira kuri Tamari, uti Genda kwa musazāwe Amunoni, umuronderere utwo kurya.

8 Nuko Tamari aja kwa Amunoni musaza we, asanga aryamye; yābīra igikandu, akibumbabumbamw’ udukāte Amunoni abona, aradukaranga.

9 Yābīra ico yakaranzeko, aratumusukira, ariko yanka kurya. Maze Amunoni aravuga, ati Bose ni bataramuke. Nuko barataramuka bose.

10 Maze Amunoni abarira Tamari, ati Nzanira mu mpete utwo warondeye, unyīhēre mbone kurya. Nuko Tamari yābīra utwo dukāte yarondeye, adushīra musaza we Amunoni haruguru mu mpete.

11 Atumuhēreje ngw arye, Amunoni aramucakira, aramubgira, at’ Enda mushikanje, n’uze turyamane.

12 Na we aramwishura, at’ Oyaye, mwana wa data, reka kunyambika ibara, kuko ben’ ivyo bidakwiye gukorwa mu Bisirayeli; reka gukora ikizira nk’ico.

13 Mbega nanje noheza ngakwirwa hehe n’ibitētērwa? Kandi nawe woba ugotse mu Bisirayeli. Enda se n’ubivugane n’umwami, kukw atokunyima.

14 Ariko yanka kwumva ivyo amubgiye; maze kuko yamurusha inkomezi amufata ku kagōbēro, aryamana na we.

15 Maze Amunoni aca amwanka urunuka; urwanko yamwanse rwaruse urukundo yamukunda. Aramubgira, ati Hoji va hasi ugende.

16 Na we aramwishura, at’ Oyaye si ko, kuko kunyirukana ari bibi kuruta ivyo umaze kungirira. Ariko yanka kwemera.

17 Maz’ ahamagara umuntu wiwe amusukurira, ati Sohora uyu mukobga amve i ruhande, umwugaranire hanze.

18 Kandi yari yambaye umwambaro muremure w’amaboko, kukw abakobga b’umwami bakir’ abigeme ari ko bambara. Nuk’ uwo musuku wiwe aramusohora, aramwugarana.

19 Maze Tamari yiyorera umunyota mu mutwe, yitantamurirako wa mwambaro wiwe w’amaboko, yiremēka ukuboko, agenda ararira ingenda, aboroga.

20 Maze Abusalomu musaza we amubonye, aramubaza, at’ Aho ntiwamanye na musazāwe Amunoni? Enda ni wiyihorerere, mwana wa mama; erega kw ari musazāwe, reka kubishirak’ umutima. Nuko Tamari aguma kwa musaza we Abusalomu yifumbereje.

21 Maz’ umwami Dawidi yumvise ivyo vyose, araraka cane.

22 Kandi Abusalomu ntiyaba akigira ico avugana na Amunoni, ari kibi ari ciza, kuko Abusalomu yar’ agiriye Amunoni urwanko, kuko yononye mushiki we Tamari.


Abusalomu yica Amunoni, amuhōye Tamari

23 Hashize imyaka ibiri yiramvuriye, Abusalomu arārika abamukemurira intama i Bayali‐hasori, hāri hahereranye n’i Bgefurayimu; maz’ atumira abana b’umwami bose.

24 Aragenda abarira umwami, ati Jewe umusavyi wawe ndafise abankemurira intama; none ndakwinginze mugenzi, mwe n’abantu bawe muze tujane.

25 Umwami yishura Abusalomu, at’ Oyaye mwananje, ntitwojana twese, ngo tuje kukurusha. Abusalomu aramugōbēra, ariko yanka kugenda, mugabo aramuhezagira.

26 Maze Abusalomu aramubarira, ati None rero k’utaje, urungike mukurwanje Amunoni, aze tujane. Umwami aramubaza, at’ Ugombera iki ko mujana?

27 Ariko Abusalomu aramuzigitīra, umwami araruha aremera ko Amunoni n’ abandi bana biwe bose bajana na we.

28 Nuko Abusalomu arahava abarira abasuku biwe, ati Muje muritegereza Amunoni: ni mwabona amaze guhimba vino, nkababarira, nti Ni muzibagure Amunoni; nuko muce mumwica, ntimutinye: none si jewe nzoba ndabibabariye? Nuko mugumye imitima, mube abahizi.

29 Nukw abo basuku ba Abusalomu bagira Amunoni nk’uko Abusalomu yababariye. Maz’ abana b’umwami bose baca barabatagurika, umuntu wese asimbira ku nyumbu yiwe, barahunga.

30 Bakiri mu nzira, imbitsi ibikira Dawidi ko Abusalomu yishe abana b’umwami bose, ngo Ntihasigaye n’umwe.

31 Maz’ umwami arabaduka, yitantamurirakw impuzu ziwe, arambarara mw ivu; n’ abantu biwe bose bamuhagaze i ruhande na bo bitantamurirakw impuzu zabo.

32 Maze Yonadabu mwene Shimeya, Shimeya mukuru wa Dawidi, aramubarira, ati Mugenzi, erega ntugire ngo bishe abana bawe bose; Amunoni wenyene ni we yapfuye; kukw ivyo Abusalomu yabigabiye guhēra umusi Amunoni yonona mushiki we Tamari.

33 Nuko none mwami wanje nyen’ ingoma, izo nkuru ureke kuzemera ngo wiyumvire kw abana bawe bose bapfuye, kuko hapfuye Amunoni wenyene.

34 Kandi Abusalomu yari yahunze. Maz’ umuhungu yar’ ashibamye, yunamuye amaso, abona haje abantu benshi, baturutse mu nzira iva i Horonayimu ikikamanye umusozi.

35 Maze Yonadabu abarira umwami, at’ Eh’ abana bawe baraje; nk’uko jewe umusavyi wawe nabivuze, ni ko bibaye.

36 Akirangiza kuvuga, abana b’ umwami barashika, maze baraturikisha bararira; n’umwami na we nyene n’abantu biwe bose bararira baraboroga.

37 Ariko Abusalomu we yari yahunze, aja ku mwami w’i Geshuri, Talumayi mwene Amihuri. Kandi Dawidi yamana akabonge k’umwana wiwe imisi yose.

38 Abusalomu amara imyaka itatu i Geshuri iyo yahungiye.

39 Hanyuma umwami Dawidi amugirira inkumbu nyinshi, kuko yar’ amaze gushira umubabaro w’urupfu rwa Amunoni.

Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967

Bible Society of Burundi
Lean sinn:



Sanasan