Biblia Todo Logo
Bìoball air-loidhne

- Sanasan -

2 Samweli 12 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)


Umugani wa Natani yaciriye Dawidi

1 Bukeye Uhoraho atuma Natani kuri Dawidi; araza, aramubarira, ati Hār’ abantu babiri bāba mu gisagara kimwe, umwe w’umutunzi, uwundi w’umworo.

2 Kand’ uwo mutunzi yar’ afise amasinzi y’intama n’inka.

3 Ariko nya mworo nta co yar’ afise, atar’ akāgazi k’intama kamwe yari yaraguze, akakarera, kagakura kari kumwe na we n’abana biwe, kakarya ku two kurya twiwe, kakanywera mu gikombe ciwe, kakāma karyama mu gikiriza ciwe, kakamumerera nk’umukobga yivyariye.

4 Bukeye haza umushitsi kwa nya mutunzi, na we yanka gukora mu ntama ziwe canke mu nka, ngw azimane uwo mushitsi amugendeye, arikw ahitana wa mwana w’intama wa nya mworo, ayibāgira umushitsi wiwe.

5 Maz’ uburake bga Dawidi buca buziriringira uwo muntu; abarira Natani, ati Ndahiye uguhoraho kw’Uhoraho, uwakoze ivyo yar’ akwiye gupfa;

6 non’ az’ amurihe uwo mwana w’intama kane, kuko yakoze ikintu nk’ico, akaba imburakigongwe.

7 Maze Natani abarira Dawidi, at’ Ereg’ uwo muntu ni wewe nyene. Uhoraho Imana y’Abisirayeli avuze, ati Ni jewe nakwimikishije amavuta ng’ube umwami w’Abisirayeli, ndagukiza, ngukūra mu maboko ya Sauli;

8 nkwinjiza ingoro ya shobuja, nguha n’abagore biwe ngo bagusegure; kandi nkugabira umuryango wa Isirayeli n’ uwa Yuda; kand’ iyo biba vyarabaye bike, mba narakwongeye n’ibindi.

9 N’iki catumye ukēngēra ijambo ryanje jewe Uhoraho, ugakora ivyo mbona kw ari bibi, ukicisha inkota Uriya Umuheti, ugacūra umugore wiwe ukamugira rwawe, na we Uriya ukamwicisha inkota y’Abamoni?

10 None rero, inkota nta ho izova mu rugo rwawe, kuko wankēngereye, ugacūra muka Uriya Umuheti, ukamugira umugore wawe.

11 Uku ni k’Uhoraho agize, ati Nzokuvyurira ivyago vyanduruka mu rugo rwawe; nzokunyaga abagore bawe ubona, mbahe umubanyi wawe, aryamane na bo ku murango.

12 Wewe wabikoreye mu mpisho, ariko jeho nzobikora icese imbere y’Abisirayeli, ku murango nyene.

13 Maze Dawidi yishura Natani, ati Nacumuye k’Uhoraho. Natani aramwishura, ati Noneho Uhoraho yagukūyekw icaha cawe, ntugipfuye.

14 Ariko kuko wahaye abansi b’Uhoraho urwitwazo rukomeye rwo kumurogotako kubg’ ico wakoze, wa mwana wavyara ntakabuza azopfa.

15 Natani araheza yitahira i we. Hanyuma Uhoraho atēza indwara wa mwana muka Uriya yavyarana na Dawidi, agera kure.


Urupfu rwa nya mwana

16 Ni co catumye Dawidi yinginga Imana kubg’ uwo mwana, akisonzesha, akinjira mu nzu agakesha ijoro arambaraye hasi.

17 Abantu bakuru bo mu rugo rwiwe babibonye bamuhagarara i ruhande, ngo bamuvyure ave hasi, aranka, yanka no kuja aho bari ngw afūngure.

18 Maze ku musi ugira indwi uwo mwana arapfa; abantu ba Dawidi batinya kumubgira k’umwana acīkānye; bati Mbega ko twamuhanūye umwana akiriho, akanka kutwumvira, none biracura iki, ni twamubgira k’umwana acīkānye? Ubgo ntaca yiyahura?

19 Maze Dawidi abonye kw abantu biwe bongorerana, amenyera aho k’ umwana apfuye; abaza abo bantu biwe, ati Mbeg’ umwana aracīkānye? Bat’ Aracīkānye.

20 Maze Dawidi aca arahaguruka, ava aho yar’ arambaraye hasi, ariyuhagira arirtyorora, yambara iyindi myambaro, araheza aja mu ngoro y’ Uhoraho, arasenga; hanyuma ataha i we; maze yatse ivyo kurya barabimuzanira, arafūngura.

21 Maz’ abantu biwe baramubaza, bati Mbeg’ ukoze ibiki? Umwana akiriho ko wisonzesheje ukamuririra, ariko non’ amaze guhwera, uca urahaguruka, urafūngura!

22 Arabishura, ati Nka ko, umwana akiriho narisonzesheje ndarira, nti Sinzi, kumbure Uhoraho yongirira imbabazi, umwana agakira.

23 None se kw amaze gupfa, noba ncisonzeshereza iki? Mbega noshobora kumugarura? Nzoja iy’ ari, ariko we ntakigaruka aho ndi.

24 Maze Dawidi yirura umugore wiwe Batisheba, yinjira iy’ ari, aramurārira; hanyuma avyara umwana w’umuhungu, amwita Salomo. Uhoraho aramukunda,

25 atuma ūvugishwa na we Natani kumwita Yedidiya; agenza artyo nk’uk’ Uhoraho yamubariye.


Dawidi atsinda igisagara c’i Raba

26 Kandi Yowabu yar’ akirwanya i Raba h’Abamoni; atsinda iboma ryazigama ivomo ryaho.

27 Araheza atuma intumwa kuri Dawidi, uti Yarwanije i Raba, kandi yafashe igisagara kirimw’ ivomo ryaho;

28 uti None rero koranya izindi ngabo zisigaye, uze gusagaza imbere y’igisagara, abe ari wewe ugitsinda, uti Yoye kuba ari we agitsinda, bakazohava bakimwitirira.

29 Nuko Dawidi akoranya ingabo zose, arahaguruka aja i Raba, araharwanya, arahatsinda.

30 Akūra Milikomu igitsibo mu mutwe, kuriba kwaco kwar’ italanto y’izahabu, kandi cari gihunzwek’ utubuyenge tw’igiciro kinini; nuko bacambika Dawidi mu mutwe. Maze mur’ ico gisagara akūramw’ amasahu menshi cane.

31 Asokorora abantu bāri muri co, abashikiriza imisumeno n’ivyuma vy’ibisaganga n’amacabiti; abakoresha no ku matanure y’amatafari, arabacumukuza. Uko ni ko yagirira ibisagara vyose vy’Abamoni. Nuko Dawidi n’ingabo ziwe zose basubira i Yerusalemu.

Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967

Bible Society of Burundi
Lean sinn:



Sanasan