Biblia Todo Logo
Bìoball air-loidhne

- Sanasan -

2 Samweli 1 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)


Dawidi abikirwa Sauli na Yonatani ko bapfuye

1 Sauli amaze gutanga, Dawidi na we atabarutse avuye kugeseza Abamaleki, amaze kabiri i Sikulagi,

2 ku musi ugira gatatu haza umuntu avuye aho Sauli yar’ ashagaje, yitantamuriyekw impuzu ziwe, yiyoreye ivu mu mutwe; ashitse imbere ya Dawidi akubita inkoro hasi, aramwunamira.

3 Dawidi aramubaza, at’ Uva hehe? Aramwishura, ati Ni jewe ndokotse mva ah’ Abisirayeli bāri bashagaje.

4 Dawidi aramubaza, ati Vyagenze bite? Ntabara umbarire. Aramwishura, at’ Abantu barahunze bava mu rugamba, kandi benshi baruguyemwo, barapfa; na Sauli na Yonatani umuhungu wiwe na bo bārapfuye.

5 Maze Dawidi abaza uwo muhungu amubikiye, ati Mbega wabimenye ute ko Sauli na Yonatani umuhungu wiwe bāpfuye?

6 Nya muhungu amubikiye aramwishura, ati Nariko ndihitira, nshitse ku musozi Gilibowa, ngize ntya mbona Sauli yishimikije icumu, kandi mbona asugerejwe n’imikogote n’abagendera ku mafarasi.

7 Maze Sauli akebutse inyuma arambona, arampamagara, ndamwitaba, nti Sabge!

8 Arambaza, at’ Uri nde? Ndamwishura, nti Nd’ Umwamaleki.

9 Arambarira, at’ Igira hino, untabare umpohoshe, ati Kuko nsigaye nd’ intēre, naho nkibona.

10 Nuko ndamwēgēra, ndamuhohosha, kuko nabona neza kw atagikira, ni yaramuka atemvye. Ndaheza ndamukoba igitsibo cari mu mutwe, n’umuringa wari ku kuboko; none ndabikuzaniye hano, mugenzi.

11 Maze Dawidi afata impuzu ziwe, azītantamurirako, n’abantu bose bari kumwe na we bagira kuno;

12 baraboroga, bararira, birirwa ata co batamiye gushitsa ku mugoroba, kubga Sauli n’ umuhungu wiwe Yonatani, no kubg’ abantu b’Uhoraho, n’inzu ya Isirayeli, kuko bicishijwe inkota.

13 Dawidi abaza uno muhungu amubikiye, at’ Ur’ uwa hehe? Ati Nd’ umwana w’Umwamaleki yaje ino ar’ inyambukīra.

14 Dawidi aramubaza, ati N’iki caguteye kwubahuka, ntutinye kubangura ukuboko, ukica uwo Uhoraho yimikishije amavuta?

15 Dawidi araheza ahamagara umwe mu basore, aramubarira, ati Ngwino umwice. Aca aramucumita, arapfa.

16 Dawidi aramubarira, at’ Amaraso yawe abe ari wewe aja ku mutwe, kukw akanwa kawe ari ko kakubereye icagirizi, nk’uko wivugiye ko wishe uwo Uhoraho yimikishije amavuta.


Dawidi acura intimba ya Sauli na Yonatani

17 Maze Dawidi acura intimba ya Sauli n’umuhungu wiwe Yonatani;

18 avyita Agacurantimba k’Umuheto, avuga ko bavyigisha Abayuda; vyanditswe mu gitabo ca Yashari.

19 At’ Ewe Isirayeli, icubahiro cawe gitsinzwe ku mpinga z’imisozi yawe! Ewe kuntu abahizi bāguye!

20 Ntimukabikerutse i Gati, Ntimukabitāngāze mu nzira z’i Ashikeloni, Abakobga b’Abafilisitiya boye kunezerwa, Abakobga b’abantu b’intakebga boye gutera impundu.

21 Yemwe misozi y’i Gilibowa, Ntihagatonde ikime kuri mwebge, canke ngo hagwe imvura, Ntihakamere imirima ngo baronkek’ umushuzo w’amashikanwa! Kuko kuri mwebge ari ho inkinzo y’umuhizi yashiburiwe, Ni yo nkinzo ya Sauli, itazosīgwa amavuta ukundi.

22 Umuheto wa Yonatani ntiwatabaruka Utanyoye amaraso y’abishwe, Udasākije mu binure vy’ abahizi; Kand’ inkota ya Sauli ntiyatabaruka ubusa.

23 Ewe kuntu Sauli na Yonatani bākundwa, kand’ ar’ abanyagikundiro! Nta cabatandukanije mu kubaho kwabo canke mu gupfa kwabo. Bārusha inkukuma kunyaruka, Bārusha n’intambge gukomera.

24 Yemwe bakobga b’Abisirayeli, ni muririre Sauli, Yahora abambika impuzu zisa n’agahama, mugashaza, Yashariza impuzu zanyu n’ utugenegene tw’izahabu.

25 Ewe kuntu abahizi bāguye mu ntambara hagati! Yonatani arambaraye ku mpinga y’umusozi wawe, aho yatsinzwe.

26 Unteye akabonge, ncuti yanje Yonatani! Ewe kuntu nagukunda! Urukundo wankunda rwar’ igitangaza, Rwaruta urukundo rw’abagore.

27 Ewe kuntu abahizi bāguye, Ibirwanishwa vyabo bikononekara!

Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967

Bible Society of Burundi
Lean sinn:



Sanasan