2 Korinto 6 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)1 Kandi ko dukorana na yo, turabinginga, ntimuhērwe ubuntu bg’Imana gupfa ubusa: 2 kuko yavuze, iti Mu gihe co kwemererwamwo ndakwumvise, No ku musi wo gukirizwako ndagutabaye. Ehe none n’igihe co kwemererwamwo, ehe none n’umusi wo gukirizwako. 3 Kandi ntitugira ico tuzana gitsitaza mu kintu na kimwe, kugira ngo kugabura ivy’ Imana kwacu ntikugawe. 4 Ariko twishimagiza muri vyose nk’abakozi b’Imana, twihangana cane mu marushwa, mu mibabaro, mu vyago, 5 mu bimoko, mu mabohero, mu migūmūko, mu butame, mu kurāra maso, mu kwirirwa ubusa, 6 mu kugira umutima utanduye, mu kugira ubgenge, mu kutarambirwa, mu kuba inda nziza, muri Mpwemu Yera, mu rukundo rutar’ uruheyiheyi, 7 mw ijambo ry’ukuri, mu bushobozi bg’Imana, dufise ibirwanishwa vy’ukugororoka vyo mu kuryo n’ivyo mu kubamfu; 8 mu cubahiro no mu gakēngērwe, mu mugayo no mw ishimwe; twiyumvirwa nk’abanyabinyoma, ariko tur’ abanyakuri; 9 twiyumvirwa nk’abatamenyekana, ariko turi ba rurangiranwa; tuboneka nk’abagira bapfe, ariko rāba, turi bazima; tuboneka nk’abahanwa, ariko ntitwicwa; 10 tuboneka nk’abababara, ariko tunezerwa imisi yose; tuboneka nk’aboro, ariko dutungisha benshi; tuboneka nk’abatagira ico batunze, yamara dutunze vyose. Paulo ahanura ab’i Korinto 11 Akanwa kacu karabasēsekariye, yemwe Bakorinto, umutima wacu urāgutse; 12 ntimwāgiwe muri twebge, yamara mwāgiwe mu mitima yanyu. 13 Nuko ndababgira nk’abana banje, namwe ni mwāguke, mwishure nk’uko mwagiriwe. Ababuza kwifatanya n’abatizera 14 Ntimwifatanye n’abatizera, kand’ ata co musangiye: ukugororoka n’ukugabitanya bifatana bite? Cank’ umuco n’umwiza bifatanya bite? 15 Kandi Kristo ahūriye hehe na Beliyari? Cank’ uwizera n’ūtizera basangiye iki? 16 Kand’ urusengero rw’Imana ruhūza rute n’ibigirwamana? Kuko twebge tur’ urusengero rw’Imana nzima: nk’ukw Imana yavuze, iti Nzogerēra muri bo, nzogendera muri bo, Mbe Imana yabo, na bo babe abantu banje. 17 Nuko muve hagati ya ba bandi, Mubītandukanyeko, ni k’Uhoraho agize, Kandi ntimugakore ku kintu gihumanya na kimwe; Nanje nzobākira, 18 Kandi nzobabera So, Namwe muzombera abahungu n’abakobga, Ni k’Uhoraho ashobora vyose agize. |
Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967
Bible Society of Burundi