Biblia Todo Logo
Bìoball air-loidhne

- Sanasan -

2 Korinto 5 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

1 Turazi yukw inzu y’urusago yacu yo kw isi ni yaramuka isambuwe, dufise inyubako iva ku Mana, inzu itubatswe n’amaboko, itazoshira yo mw ijuru.

2 Kuko tunihira mur’ uru rusago, twifuza kurwambikirwakw inzu yacu izova mw ijuru,

3 namba tuyambaye tutazosangwa twambaye ubusa.

4 Kuko twebge abari mur’ uru rusago tuniha turemerewe, s’uko tugomba kwamburwa, ariko tugomba kwambikirwa kuri rwo, ngw igipfa kimirwe n’ubugingo.

5 Kand’ iyaturoranije kubg’ ico nyene n’Imana, iyatugwatirije Mpwemu.

6 Ni co gituma na ntaryo turinda mu mutima, kandi tumenya yukw iyo tur’ i wacu mu mubiri tuba tugerereye kure y’Umwami wacu —

7 kuko tugenda turōngōrwa n’ukwizera, ntiturōngōrwa n’ivyo tubona —

8 ego me turinda mu mutima, kand’ ico turushiriza gukunda ngiki: n’ukugerēra kure y’umubiri, tukaba i wacu ku Mwami wacu.

9 Kandi ni co gituma tugira umwete wo kumunezereza, iyo tur’ i wacu mu mubiri, cank’ iyo tugerereye kure y’umubiri.

10 Kuko twese tutazobura kugaragarizwa imbere y’intebe y’amateka ya Kristo, kugira ng’umuntu wese ahabge ibihwanye n’ico yakoze akiri mu mubiri, ari ciza ari kibi.


Urukundo rwa Kristo ni rwo rudukoresha

11 Nuko kuko tuzi ingen’ ugutinya Umwami wacu kumeze, twemeza abantu, arikw Imana turayigaragarira: kandi rero nizigiye yuko tugaragarira n’imitima yanyu.

12 Ntitwongera kwishimagiza kuri mwebge, ariko tubaha inyanduruko y’ingene mwokwirata kubgacu, kugira ngo mubone ivyo mwokwishura abirata ivyo ku rukoba, batirata ivyo mu mutima.

13 Namba dusaze, dusaze ivy’ Imana; namba dufise ubgenge, ni mwebge dukorera.

14 Kuk’ urukundo rwa Kristo rutugōbēra, kand’ ico tuzi tudakekeranya n’uk’ umwe yapfiriye bose, nuko rero bose bārapfuye.

15 Kand’ icatumye apfira bose kwar’ ukugira ngw abariho babeho batacinezereza, ariko babeho banezereza uwabapfiriye, akabazukira.


Ubugingo busha bgo muri Kristo

16 Ni co gituma uhereye none tutakigira uwo tumenya ku vyo ku rukoba; naho twari tuzi Kristo mu vy’ umubiri, ariko none ntitukimumenya durtyo.

17 Nuko rer’ umuntu wese iy’ ari muri Kristo, aba ar’ icaremwe gisha: ivya kera biba bihise, vyose biba bicitse bisha.

18 Arikw ivyo vyose biva ku Mana, yatwiyujujeko kubga Kristo, ikaduha igikorwa co kugabura umwuzuzo,

19 ni kwo kuvuga yukw Imana yari muri Kristo yiyuzuza n’abari mw isi, ntiyabaharūrakw ibicumuro vyabo, kandi yatubīkije ijambo ry’umwuzuzo.


Ubutumwa bg’umwuzuzo

20 Ni co gituma tur’ intumwa mu gishingo ca Kristo, Imana isa n’ībingingira muri twebge. Turabinginga mu gishingo ca Kristo, mwuzure n’Imana.

21 Umwe atigeze kumenya icaha, Imana yamuhinduye icaha kubgacu, kugira ngo muri we duhinduke ukugororoka kw’Imana.

Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967

Bible Society of Burundi
Lean sinn:



Sanasan