2 Korinto 12 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)Paulo avuga ivyo yeretswe 1 Numva mpambīrwa kwirata, naho bitagira ikimazi. Ariko ngira mvuge ivyo kwerekwa no guhishurirwa n’Umwami wacu. 2 Ndazi umuntu wo muri Kristo, yadūganywe akajanwa mw ijuru rya gatatu, ubu hashize imyaka cumi n’ine — namba yari mu mubiri simbizi; canke namb’ atāri mu mubiri simbizi, bizi Imana. 3 Kandi nzi yuk’ ūmeze artyo — namba yari mu mubiri, canke namb’ atāri mu mubiri, simbizi, bizi Imana — 4 yadūganywe, akajanwa muri Paradiso, akumva ibitovugwa, ivy’ umuntu atemererwa kuvuga. 5 Kubg’ umuntu ameze artyo ndirata, ariko kubganje sinokwirata, atar’ intege nke zanje. 6 Kandi nogomvye kwirata sinobaye nd’ igipfu, kuko noba mvuga ukuri. Ariko nsizeho kugira ngo ntihagire ūnyiyumvira ibiruta ivy’ ambonako cank’ ivy’ anyumvako. 7 Kandi kugira ngo noye guterwa kwishira hejuru birenze urugero, mbitewe n’uko nahishuriwe ibirushiriza kuba ibihambaye, ni co catumye mpabga igisata mu mubiri, intumwa ya Satani yo kunkubita ibipfunsi, ngo noye guterwa kwishira hejuru birenze urugero. 8 Kandi kur’ ivyo natakambiye Umwami wacu gatatu ngo kimvemwo. 9 Arambarira, at’ Ubuntu bganje buraguhāgije; kuk’ ubushobozi bganje buhīngūrirwa mu ntege nke. Nuko cane‐cane nzonezererwa kwirata intege nke zanje, ng’ubushobozi bga Kristo bunzeko. 10 Ni co gituma kubga Kristo nzonezererwa intege nke zanje, no gukubagurwa, n’imibabaro, no guhīgwa, n’ivyago: kukw iyo mbaye umunyantege nke ari ho ndushiriza kugira ubushobozi. Ibindi vyirato vya Paulo 11 Mbaye igipfu, ni mwebge mwabinteye, kukw ivyari bikwiye ar’ uko mba narashimagijwe namwe. Za ntumwa zihambaye cane nta co zindushije, naho nd’ ubusa. 12 N’ukuri ivyerekana intumwa vyakorewe hagati yanyu mu kwihangana kwose, ni vyo bimenyetso n’ibitangaza n’ibikorwa bikomeye. 13 Ayandi mashengero yabarushije iki, atar’ uko jewe ubganje ntābabereye ikirusha? Mumparire ico caha! 14 Ehe niteguye kuza i wanyu ubugira gatatu: sinzobabera ikirusha. Kukw atar’ ivyanyu ndondera ariko ni mwebge ubganyu ndondera: kukw abana badakwiye kuziganiriza abavyeyi, arikw abavyeyi ni bo bakwiye kuziganiriza abana. 15 Kubganje nzonezererwa cane gutanga ivyanje, no kwitanga rwose, nitangira ubugingo bganyu. Mbega ko ndushiriza kubagirira urukundo, non’ urwo nkundwa rugabanuke? 16 Ivyo vyo birahaye: ubganje sinabaremereye; ariko, ko naciye mu kandi kenge, nabafatishije ubugunge. 17 Mbega mu bo nabatumyeko har’ umuntu natumye kubāka inyungu? 18 Nagishije inama Tito, ndamurungikana na mwene Data wa wundi. Har’ inyungu Tito yabātse? Ntitwagendeye muri Mpwemu umwe? Ntiyageze ikirenge mu canje? 19 Uhereye kera mwiyumvira yuko tubiregurako. Imbere y’Imana no muri Kristo ni ho tuvugira. Ariko yemwe abo nkunda, vyose tubivugiye kubakomeza. 20 Kuko binteye akōba yuko, aho nzozira, kumbure nzosanga mumeze uko ntagomba, nanje muzosanga mmeze uko mutagomba; kandi yuko kumbure hazoba imitongano, n’ishari, n’uburake, n’ikēba, n’ukuvuga abandi nabi, n’insaku, n’ukwihimbariza ubusa, n’imivurungano; 21 kandi yuko, aho nzozira, Imana yanje izosubira kuncisha bugufi muri mwebge, nanje nkazoririra benshi bācumuye kera, ntibihane ivyonona, n’ubushakanyi, n’ivy’ isoni nke bākoze. |
Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967
Bible Society of Burundi