2 Korinto 11 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)Kuba intunwa y’Imana ni kwo kwahaye Paulo ububasha 1 Icompa mukanyihanganira ku bupfu buciyemwo, kandi n’ubgo muranyihanganira. 2 Mbafuhira ifuhe ryo kubg’ Imana, kuko nabahaye umugabo umwe, ni we Kristo, ngo ndabamushingire mumeze nk’inkumi itunganye. 3 Ariko ndiyubara yuko, nk’uko ya nzoka yahendesheje Eva ukwiyorobeka kwayo, kumbure ivyiyumviro vyanyu vyokwoshwa, mugaca mureka ukugororoka n’ukwera mu vya Kristo. 4 Kukw iyo hagize ūza i wanyu akababarira Yesu wundi, tutābabariye, cank’ iyo mwākiriye iyindi mpwemu mutākiriye, cank’ ubundi butumwa mutemeye, we muramwihanganira neza! 5 Kuko nibgira yukw izo ntumwa zihambaye cane ata co zindusha na gatoya. 6 Naho nd’umutungu mu majambo, sind’ umutungu mu bgenge, kand’ ivyo twarabiberetse muri vyose no mu maso ya bose. 7 Canke mbega naracumuye kuko nicishije bugufi ngo mushirwe hejuru, mbabgiye ubutumwa bgiza bg’Imana ku busa? 8 Nasahuye ayandi mashengero ndayāka ingero, kugira ngo nkorere mwebge, 9 kand’ aho nari kumwe namwe ngakena, sinagize uwo ngōra: kuko bene Data bavuye i Makedoniya bāmmaze ubukene. Muri vyose nirinda kubagora, kandi nzoshishikara kuvyirinda. 10 Uk’ ukuri kwa Kristo kuri muri jewe, nta wuzombuza kwirata ntyo mu ntāra zo muri Akaya. 11 Ni ku ki? N’uko ntabakunda? Bizi Imana. 12 Arikw ivyo nkora nzoshishikara kubikora, kugira ngo mbuze inyanduruko abagomba inyanduruko yo kuboneka nkatwe mu vyo birata. 13 Abameze bartyo n’intumwa z’ibinyoma, n’abakozi bagunga, bīgira intumwa za Kristo. 14 Kand’ ivyo ntibitangaza, kuko na Satani yīgira umumarayika w’umuco. 15 Nuko s’ikigoye kw abakozi biwe na bo bīgira nk’abakozi b’ukugororoka: iherezo ryabo rizohwana n’ibikorwa vyabo. Ivyirato vya Paulo 16 Kandi nongere kubivuga: Ntihagire ūnyiyumvira ko nd’ igipfu. Ariko ni mwaramuka munyiyumviriye murtyo, munyemere nk’igipfu, kugira ngo nanje nirate gatoya. 17 Ivyo mvuga simbivuga nk’ijambo ry’Umwami wacu, ariko ndabivuga nk’ūvugishwa n’ubupfu, nizigiye yuko mfise inyanduruko yo kwirata. 18 Ko benshi birata ivy’ umubiri, reka nanje nyene ndavyirate. 19 Mwihanganira ibipfu munezerewe, kuko mwibereye abanyabgenge. 20 Murihangana, iy’ umuntu abagize abaja, iy’ abariye, iy’ abafashe, iyo yishize hejuru, iy’ abakubise urushi. 21 Mbivuganye isoni: bisa n’aho tweho twabagizemw’ intege nke. Arikw ikintu cose gitera umuntu gushira amanga (mbivugishijwe n’ubupfu) nanje kirabintera. Amagorwa n’ivyago Paulo yaciyemwo 22 Mbeg’ abo n’Abaheburayo? Nanje ndi we. N’Abisirayeli? Nanje ndi we. N’uruvyaro rwa Aburahamu? Nanje ndi rwo. 23 N’abakozi ba Kristo? (Mvuga nk’umusazi) ndabarusha. Ndabarusha mu butame, ndabarusha gushirwa mu mabohero, ndabarusha mu gukubitwa kurenze urugero: kenshi nari mw irinde ry’urupfu. 24 Abayuda ibihe bitanu bankubise ibimoko mirongwitatu n’icenda. 25 Ibihe bitatu nakubiswe ingāge; igihe kimwe natewe amabuye; ibihe bitatu ubgato bgarammenekanye, naraye mw idamba nirirwaho; 26 nari mu ngendo kenshi, mw irinde ry’inzūzi, mw irinde ry’abambuzi, mw irinde ry’ubgoko bgacu, mw irinde ry’abanyamahanga, mw irinde ryo mu bisagara, mw irinde ryo mu bugaragwa, mw irinde ryo mu kiyaga, mw irinde ryo mu bīgira bene Data; 27 mu butame no mu bucumukure, ndāra maso kenshi, ngira inzara n’inyota, mmara ubusa kenshi, nicwa n’imbeho, nambara ubusa. 28 Kandi ntarinze kuvuga ibindi, har’ ikinzako uko bukeye, n’umwitwaririko w’amashengero yose. 29 Ni nde adakomera, nanje simbe ūdakomeye? Ni nde agira ikimugwisha, nanje isoni ntizinyice? 30 Namba nkwiye kwirata, nirata ivy’ intege nke zanje. 31 Imana y’Umwami Yesu, ni yo Se, ishimwa ibihe bidashira, irazi ko ntabesha. 32 I Damasiko icēgēra c’umwami Areta carindishije igisagara c’Abanyadamasiko ngo bamfate. 33 Bancisha mu kadirisha k’uruzitiro rw’amabuye, ndi mu gisāngāza, ndahunga ndamuva mu maboko. |
Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967
Bible Society of Burundi