Biblia Todo Logo
Bìoball air-loidhne

- Sanasan -

2 Korinto 10 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)


Paulo yerekana ubushobozi bgiwe ko buva ku Mana

1 Jewe Paulo ubganje ndabinginga kubg’ ubugwaneza n’ineza vya Kristo, jewe umuntu aciye bugufi muri mwebge imbere yanyu, arikw iyo tutari kumwe ndabubahuka;

2 nuko ndabinginga kugira ngo ni twaba kumwe sinze ndinde kububahuka, nk’uko ngabiye kuzokwubahuka bamwe nshize ubgoba, batwiyumvira ko tugenda dukurikira ivy’ akameremere kacu.

3 Naho turi n’umubiri ntiturwana mu buryo bg’umubiri,

4 kukw ibirwanishwa vy’intambara yacu atar’ ivyo mu buryo bg’umubiri, arikw imbere y’Imana bifise ubushobozi bgo gushingūra akarimbi,

5 dushingūra impāri n’igishizwe hejuru cose, kihashiriwe kurwanya ukumenya Imana, dufata mpiri ivyiyumvirwa mu mitima vyose, ngo tubigomōrere Kristo.

6 Kandi twiteguye guhana ubutumva bgose, aho mwebge muzogirira ukwumva gushitse.

7 Mbega murāba ibibonwa n’amaso? Namba har’ umuntu yizigiye kw ar’ uwa Kristo, yibgire n’ibi, yuk’ ukw ar’uwa Kristo, natwe ari ko turi.

8 Kuk’ ububasha bgacu Umwami wacu yaduhaye kugira ngo tububake, ntitubasambure, naho norushiriza kubgirata, sinzomāramāzwa;

9 sinze niyumvirwe nk’ūbateza ubgoba ivyete vyanje.

10 Kuko bavuga, bat’ Ivyete vyiwe birahambaye, birasogōta, arikw iy’ ar’ ino, arakēngēretse, kand’ amajambo yiwe nta co amaze.

11 Ūvuga ibisa birtyo ni yibgire n’ibi, yuk’ uko tumeze ku majambo yo mu vyete atari ho turi, ari ko tumeze no ku vyo dukora ari ho turi.

12 Kuko tutubahuka kwishira mu gitigiri ca bamwe bishimagiza, canke kwigereranya na bo: arikw abo, ko bīrēhēsha ubgabo kandi bīgereranya ubgabo, nta bgenge bagira.

13 Tweho ntituzokwirata ibirenze urugero, ariko tuzokwiyumvira urugero rwacu ko ruhwanye n’urugezo rw’ah’ Imana yatugereye, ngo dushike no kuri mwebge.

14 Ntidushingīra ngo turenge urugezo rwacu, nk’abatāshitse kuri mwebge, kuko twāshitse no kuri mwebge koko, tuzanye ubutumwa bgiza bga Kristo.

15 Ntitwirata ibirenze urugero, ntitwirata ivy’ abandi bakoze. Ariko twizigiye yuk’ ukwizera kwanyu ni kwakura, tuzoshirwa hejuru kubganyu, ku vyo twagerewe, ngo twāgukirwe,

16 tuvuge ubutumwa bgiza mu bihugu biri hirya yanyu, kugira ngo twoye kwirata ivyo dusanze bīteguye, ahāgerewe uwundi.

17 Arik’ uwirata yirate Uhoraho.

18 Kuk’ uwishimagiza atari we yemerwa, ariko hemerwa uw’ Umwami wacu ashimagiza.

Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967

Bible Society of Burundi
Lean sinn:



Sanasan