Biblia Todo Logo
Bìoball air-loidhne

- Sanasan -

2 Abami 8 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)


Umwami akomōrera Umushunemukazi urugo rwiwe

1 Kandi Elisa yari yarabariye wa mugore yazurira umwana, at’ Enda genda, mwe n’abo mu rugo rwawe, urondere ah’ usuhukira, kuk’ Uhoraho arekuye inzara, kand’ izomara imyaka ndwi mu gihugu.

2 Nuk’ uwo mugore aragenda, agira nk’uk’ uwo muntu w’Imana yavuze, ajana n’abo mu rugo rwiwe, asuhukira mu gihugu c’Abafilisitiya, amaray’ imyaka ndwi.

3 Iyo myaka ndwi ishize, uwo mugore arasuhukuruka, ava mu gihugu c’Abafilisitiya; araheza araza atakambira umwami, yitwarira urugo rwiwe n’itongo ryiwe.

4 Kand’ uwo mwanya umwami yarikw arabonana na Gehazi, wa musuku wa wa muntu w’Imana, amubaza, at’ Enda mbarira ibintu bikomeye Elisa yakoze vyose.

5 Nukw akirikw arīgānira umwami ingene yazuye uwapfuye, ako kanya nya mugore yazuriye umwana arashika; atakambira umwami yitwarira urugo rwiwe n’itongo ryiwe. Gehazi aca aravuga, ati Mwami wanje nyen’ ingoma, nguyu wa mugore navuga, nguyu na wa mwana wiwe Elisa yazura.

6 Nuk’ umwami abibaza uwo mugore, na we arabimudondera. Umwami aca amuha umushikiriza, ati Genda umushikirize ibintu vyiwe vyose, n’ivyahimbuwe vyose uhereye ku musi yahaviriye ugashitsa n’ubu.


Ingene Hazayeli yishe umwami Beni‐hadadi

7 Bukeye Elisa aja i Damasiko; ico gihe Beni‐hadadi umwami w’i Siriya yar’ arwaye; baramubarira, bati Wa muntu w’Imana yaje ar’ ino.

8 Maz’ umwami abarira Hazayeli, at’ Enda abīra ingemu, uje guhūra n’uyo muntu w’Imana, umubarire ansigurize Uhoraho yuko nzokira iyi ndwara.

9 Nuko Hazayeli aja guhūra na we atwaye ingemu zo ku vyiza‐vyiza vyose vy’i Damasiko, abiremētse ingamiya mirongwine; nukw arashika ahagarara imbere yiwe, aramubarira, at’ Umwana wawe Beni‐hadadi, umwami w’i Siriya, arantumye, ngo Mbeg’ ubona azokira iyo ndwara yiwe?

10 Elisa aramwishura, ati Genda umubarire, uti Gukira uzokira; ariko rer’ Uhoraho anyeretse kw azopfa.

11 Araheza amushinga ijisho, kugeza aho Hazayeli yagiriye isoni. Uwo muntu w’Imana arahava ararira.

12 Maze Hazayeli aramubaza, at’ Urizwa n’iki ga mugenzi? Aramwishura, ati N’uko mbona ibibi uzogirira Abisirayeli; amaboma yabo uzoyatongoza umuriro, n’abasore babo uzobicisha inkota; utuyoya twabo uzotumenagura, abagore babo bafise inda uzobafomoza.

13 Hazayeli aramwishura, ati Mbega nkanje umuntu w’imbga, n’inda n’indesho, nd’ uwo gukora ibikomeye ben’ ivyo? Elisa aramwishura, at’ Uhoraho yanyeretse k’uzoba umwami w’i Siriya.

14 Maz’ avuye aho Elisa ari, asubira kwa shebuja; shebuja aramubaza, ati Elisa yakubgiye iki? Na we aramwishura, ati Yambgiye ng’ Uzokira nta kabuza.

15 Bukeye bgaho, Hazayeli yābīra uburengeti, abginika mu mazi, abumuta mu maso, aramupfunda arapfa. Hazayeli aca asubira ku ngoma yiwe.


Ivya Yehoramu, umwami w’i Buyuda

16 Mu mwaka ugira gatanu Yoramu mwene Ahabu umwami w’Abisirayeli, ari ku ngoma, ni ho Yehoramu mwene Yehoshafati umwami w’Abayuda, yaja ku ngoma i Buyuda.

17 Aho yatangura kwima, yar’ amaze imyaka mirongwitatu n’ibiri; araheza amara imyaka munani i Yerusalemu ari ku ngoma.

18 Ariko yagendera mu ngeso z’abami b’ Abisirayeli, nk’ukw ab’ inzu ya Ahabu bākora, kuko yari yābiriye umukobga wa Ahabu; nukw akora ivyo Uhoraho abona kw ari bibi.

19 Mugabo Uhoraho yanka guhonnya Abayuda kubga Dawidi umusavyi wiwe, nk’uko yari yaramusezeraniye kuzomuha itara rizokwama ryaka mu ruvyaro rwiwe ibihe vyose.

20 Ku ngoma yiwe ni ho Abanyedomu bāgararije Abayuda, biyimikira uwabo mwami.

21 Maze Yehoramu aca ajabukana n’imikogote yiwe yose y’intambara, afata i Zayiri; maz’ Abanyedomu bamutaye hagati, ahenga mw ijoro, bo n’abagabisha b’imikogote yiwe, bīcīra inzira mur’ abo Banyedomu; ingabo ziwe zica zirahunga zīsubirira i wabo.

22 Uko ni kw Abanyedomu bīkūye ku Bayuda gushitsa na bugingo n’ubu. Ico gihe ab’ i Libuna na bo baramugarariza.

23 Ibindi vyose vyadonzwe kuri Yehoramu, n’ivyo yakoze vyose, none ntivyanditswe mu gitabo c’ivyo ku ngoma z’ abami b’Abayuda?

24 Nuko Yehoramu ahamvya ba sekuruza, ahambga hamwe na bo ku murwa wa Dawidi; maz’ umuhungu wiwe Ahaziya asubira ku ngoma yiwe.


Ivya Ahaziya, umwami w’i Buyuda

25 Mu mwaka ugira icumi na kabiri Yoramu mwene Ahabu umwami w’Abisirayeli ari ku ngoma, ni ho Ahaziya mwene Yehoramu umwami w’Abayuda yaja ku ngoma.

26 Ahaziya aho yatangura kwima yar’ amaze imyaka mirongwibiri n’ibiri; araheza amara umwaka umwe i Yerusalemu ari ku ngoma. Nyina yitwa Ataliya, umwuzukuru wa Omuri umwami w’Abisirayeli.

27 Yagendera mu ngeso z’ab’ inzu ya Ahabu, agakora ivyo Uhoraho abona kw ari bibi, nk’ukw ab’ inzu ya Ahabu nyene bāgenda bakora; kuko yar’ afitaniye akamwe na bo.

28 Bukeye atabara Yoramu mwene Ahabu, baja gutera Hazayeli umwami w’i Siriya i Ramoti‐gileyadi; maz’ Abasiriya bakomeretsa Yoramu.

29 Nuk’ umwami Yoramu aratabaruka, aja i Yezireli kugira ngw arwarirey’ izo nguma yakomerekerejwe n’Abasiriya i Rama, igihe yarwanya Hazayeli umwami w’i Siriya. Bukeye Ahaziya mwene Yehoramu umwami w’i Buyuda, amanuka i Yezireli kurāba Yoramu mwene Ahabu ukw ameze, kuko yar’ arwaye.

Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967

Bible Society of Burundi
Lean sinn:



Sanasan