2 Abami 6 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)Elisa atuma incabiti ireremba ku mazi 1 Bukeye abiga ivy’ ukuvugishwa babarira Elisa, bat’ Ehe rāba, aho tuba haratwāgiye, nk’ uko nawe ubibona. 2 None rero turakwinginze, uturekure tuje kuri Yorodani, umuntu wese yicire igiti, twiyubakireyo aho kuba. Arabishura, ati Nuko ni mugende. 3 Umwe muri bo aramubarira, ati Ndagusavye wemere kujana natwe abasavyi bawe. Aramwishura, ati Nuko ndaje tujane. 4 Nuko barajana; bashitse kuri Yorodani batangura guhumbira ibiti. 5 Maz’ umwe muri bo, akirikw aricira igiti, incabiti imijukira mu mazi; araboroga, at’ Ewe jewe ndagowe! Erega mugenzi yar’ intīrano! 6 Uwo muntu w’Imana aramubaza, at’ Ikorokeye hehe? Arahamwereka. Araheza aca igiti, agiterera mu mazi, ya ncabiti irareremba. 7 Aramubarira, ati Yābīre. Atuma ukuboko arayābīra. Igitero c’Abasiriya Elisa agitamw’ uruhuni 8 Hār’ igihe umwami w’i Siriya yatera Abisirayeli; maz’ akaja inama n’abantu biwe, akababarira, at’ Ahanaka ni ho tuzobacira igico. 9 Ariko Elisa wa muntu w’Imana agatuma ku mwami w’Abisirayeli, uti Wirinde, uti Ntuz’ uce ahanaka, uti Kukw ari ho Abasiriya bamanutse kugutegera. 10 Nuk’ umwami w’Abisirayeli agaca atuma abo kumurābira aho hantu uwo muntu w’Imana yamubūriye; akagenda akira artyo si rimwe si kabiri. 11 Ivyo bituma umwami w’i Siriya yījījanya imitima, ahamagaza abantu biwe, arababaza, ati Mbega ntimwombarira umuntu wacu ari ku ruhande rw’ umwami w’Abisirayeli uw’ ari we? 12 Umwe mu bantu biwe aramwishura, at’ Oyaye, mwami wanje nyen’ ingoma; ariko Elisa umuvugishwa wo mu Bisirayeli ni we abarira umwami w’Abisirayeli amajambo uvugira ku kirwa. 13 Arababarira, ati Ni mugende muhwebutse aho yoba ari, ntume abo kumufata. Baramubarira, bat’ Ar’ i Dotani. 14 Nukw aca arungikay’ amafarasi n’ imikogote n’ingabo nyinshi; bagenda mw ijoro, bashitse baziguza ico gisagara hirya no hino. 15 Maz’ umusuku w’uwo muntu w’Imana, avyutse kare mu gatondo abona ingabo ziri kumwe n’amafarasi n’imikogote bajiguje ico gisagara. Uwo musuku abarira shebuja, ati Biracitse databuja! None tugira dute? 16 Aramwishura, ati Nta co utinya, kukw abo turi kumwe ari benshi kuruta abari kumwe na bo. 17 Maze Elisa arasenga, at’ Uhoraho ndakwinginze, muhumūre amaso, arābe. Nuk’ Uhoraho ahumūra amaso y’uwo musore, ararāba, abona umusozi wuzuyekw amafarasi n’imikogote vy’umuriro bikikije Elisa. 18 Za ngabo zimanutse iyo Elisa ari, asaba Uhoraho, ati Ndakwinginze, suka uruhuni mu maso y’aba bantu. Nukw abatamw’ uruhuni, nk’uko Elisa yasavye. 19 Elisa araheza arababarira, at’ Iyi si yo nzira, kand’ iki si co gisagara; ni munkurikire ndabashikane ku muntu murondera. Nukw abajana i Samariya. 20 Bashitse i Samariya, Elisa aravuga, at’ Ewe Uhoraho, humūra amaso y’aba bantu, barābe. Nuk’ Uhoraho abahumūra amaso; bagize ngo bararāba, babona bar’ i Samariya hagati. 21 Umwami w’Abisirayeli ababonye, abaza Elisa, ati Mbega mutungwa, ndabice? aho sinobica? 22 Aramwishura, at’ Eka ntubice: mbeg’ abo wofata mpiri kubg’ inkota yawe n’umuheto wawe, woheza ukabica? Ni babazanire ivyo kurya n’amazi, barye banywe, babone kwisubirira kwa shebuja. 23 Nukw abarondereza ivyo kurya vyinshi; bamaze kurya no kunywa arabarungika, basubira kwa shebuja. Maz’ uhereye ubgo, ibitero vy’Abasiriya ntivyongera kuza mu gihugu c’Abisirayeli. Beni‐hadadi atera i Samariya ahicisha inzara 24 Hanyuma y’ivyo, Beni‐hadadi umwami w’i Siriya akoranya ingabo ziwe zose; aradūga atera i Samariya, arahugariza. 25 Maz’ i Samariya hatera inzara y’icago; bakomeza kuhugariza gushitsa ah’ abantu basigaye bagura umutwe w’indogoba shekeli z’ifeza mirongumunani, n’ikigirakane c’agakondwe k’amavyi y’inuma shekeli z’ifeza zitanu. 26 Bukeye umwami w’Abisirayeli arikw arahita hejuru ku ruzitiro rw’amabuye, umugore aramutakambira, ati Ntabara se mwami wanje nyen’ ingoma! 27 Aramwishura, at’ Uhoraho n’atāgutabara, ico nogutabaza nogikūra hehe? None nobikūra ku mbuga, canke novyengura mu bgato? 28 Umwami yongera aramubaza, ati Mbega n’ iki? Aramwishura, at’ Uyu mugore yambariye, ngo Ni nzane umwana wanje tumurye; ngw Ejo tuzorya uwiwe. 29 Nuko duteka umwana wanje, turamurya; bukeye bg’aho ndamubarira, nti Zana umwana wawe tumurye; none yagiye kumunyegeza. 30 Maz’ umwami yumvise uyo mugore, yitantamurirakw impuzu ziwe; nukw arikw arahita ku ruzitiro, abantu barāvye, babona yambaye amagunira imbere ku mubiri. 31 Maz’ aravuga, ati Elisa mwene Shafati uyu musi ni yirirwa ntamuciye umutwe, Imana irakabimpanira kandi birushirije! 32 Kandi Elisa yari yicaye mu nzu yiwe, yicaranye n’abashingantahe; kand’ umwami yar’ atumye intumwa kuri we. Arikw iyo ntumwa itaramushikīra, Elisa abarira abo bashingantahe, ati Ntimubona k’uwo mwana w’umwicanyi atumye uwo kunca umutwe? Nukw iyo ntumwa ni yashika, muyugarane, mugumye urugi. Non’ ibirenge vya shebuja ntimwumva ingene vyumvikana inyuma yiwe? 33 Akivugana na bo, umwami aramanuka aja iy’ ari; aravuga, at’ Ibi vyago ko bivuye k’Uhoraho, har’ ikindi kizigizigi nkimufiseko? |
Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967
Bible Society of Burundi