2 Abami 5 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)Elisa akiza Namani imibembe 1 Namani, umugabisha w’ingabo z’umwami w’i Siriya, yar’ atonnye kuri shebuja, kandi yar’ umunyacubahiro, kukw ari we Uhoraho yaha inganji yatuma Abasiriya banesha; yar’ umuhizi w’inkomezi, ariko yar’ umunyamibembe. 2 Kand’ Abasiriya bāri baragiye kunyaga ar’ ibitero; mur’ ukwo kunyaga banyaga umwigeme mutoya mu gihugu c’Abisirayeli; araheza acorekera muka Namani. 3 Bukeye abarira inabuja, at’ Icompa databuja akaja k’ūvugishwa n’Imana aba i Samariya! Yomukiza iyo mibembe yiwe. 4 Nuko Namani aja kubarira shebuja; at’ Umwigeme yavuye mu gihugu c’Abisirayeli yavuze artya n’artya. 5 Nuk’ umwami w’i Siriya aramubarira, ati Shirak’ ugende, nanje ndandikira umwami w’Abisirayeli icete. Nukw aragenda, ajana amafeza italanto cumi n’amazahabu shekeli ibihumbi bitandatu n’imyambaro cumi yo gukūranya. 6 Nukw ashīra umwami w’Abisirayeli ico cete, cāvuga, ngw Ico cete ni cagushikīra, urabona ko nkurungikiye umusavyi wanje Namani ng’ umukize imibembe. 7 Maz’ umwami w’Abisirayeli asomye ico cete, yitantamurirakw impuzu ziwe, aravuga, ati Mbega jewe nd’ Imana, ngo ntume umuntu apfa canke ngw abeho, k’uyo mugabo andungikiye umuntu ngo ndamukize imibembe? Ehe rāba ingen’ anyigenzako, muheze muvyiyumvire! 8 Maze Elisa wa muntu w’Imana yumvise k’umwami w’Abisirayeli yitantamuriyekw impuzu ziwe, amutumako, uti N’iki gitumye witantamurirakw impuzu zawe? N’aze i wanje, aramenya yuko mu Bisirayeli harih’ ūvugishwa n’ Imana. 9 Nuko Namani araza, azana n’amafarasi yiwe n’imikogote yiwe, ahagarara ku muryango w’inzu ya Elisa. 10 Elisa araheza amutumako, uti Genda wiyuhagire muri Yorodani ibihetangabo ndwi, umubiri uraca usubira uko wahora, nawe uzoba uhumanutse. 11 Ariko Namani aca araraka, arivumbura, ati Nahoze ngira ngw arasohoka ahagarare, atakambire izina ry’Uhoraho Imana yiwe, azungagize ukuboko hejuru y’ aho ndwaye, ankize imibembe. 12 Mbeg’ inzūzi z’i Damasiko, Abana na Farupari, ntiziruta amazi yose y’i Bgisirayeli? Sinoshobora kuziyuhagiramwo ngahumanuka? Nukw arahindukira, agenda aratse. 13 Abantu biwe baramwēgēra, baramubarira, bati Mbega mutungwa, iyaba uyo muvugishwa n’Imana akurangiye ikintu kigoye, ntiwari kugikora? Nkanswe kukubarira, ngw Iyuhagire uhumanuke? 14 Nukw aramanuka, yībira muri Yorodani ibihetangabo ndwi, nk’uk’ uwo muntu w’Imana yari yamubariye. Ako kanya umubiri wiwe uhinduka nk’uw’ umwana mutoya, arahumanuka. 15 Hanyuma agarukana n’abantu biwe bose kur’ uwo muntu w’ Imana, araza ahagarara imbere yiwe, aramubarira, ati Noneho ndamenye kw ata yindi Mana iriho mw isi yose, atari mu Bisirayeli; enda rero ni wābīre ingemu nguhaye jewe umusavyi wawe. 16 Elisa aramwishura, ati Nkurahiye uguhoraho kw’Uhoraho, uwo nsavye, nta kintu na kimwe nshobora kwābīra. Aramugōbēra ngw avyābīre, arikw aranka. 17 Maze Namani aramubarira, ati K’utavyemeye, ndasavye ni bampe ivu ryotwarwa n’inyumbu zibiri, kuk’ uhereye none ata kimazi nzokwosereza izindi mana canke ngo ndazihe ikindi kimazi ic’ ari co cose, atar’ Uhoraho wenyene. 18 Arik’ Uhoraho az’ ampangaze jewe umusavyi wawe kur’ iki kimwe: databuja iyo yinjiye mu ngoro ya Rimoni kuyisenga, ari jewe ndamushigikiye, maze nkunama mur’ iyo ngoro ya Rimoni; iyo nunamye mur’ iyo ngoro, Uhoraho az’ ampangaze kur’ ico kintu, jewe umusavyi wawe. 19 Elisa aramubarira, ati Genda amahoro. Ariko Namani avuyeyo, agenze akarēre gatoya, 20 Gehazi, umusuku w’uwo muntu w’Imana Elisa, arivuganya, ati Databuja ko yahebeye Namani uwo Musiriya, ntiyābīre ivyo amugemuye, ndahiye uguhoraho kw’Uhoraho, singenda ntirutse ngo ndamuhamvye, ngire ico ndamwiyakira. 21 Nuko Gehazi akurikira Namani. Maze Namani abonye ūmukurikiye yiruka, arururuka ava mu mukogote wiwe ngo bahūre. Aramubaza, ati N’amahoro? 22 Na we ati N’amahoro; ati Databuja arantumye, ng’ Ubu nyene agendewe n’abahungu babiri bo mu biga ivyo kuvugishwa, baturutse mu mugamba w’Abefurayimu; ngo None mutabare, ubamuhēre italanto y’ifeza n’imyambaro ibiri yo gukūranya. 23 Nuko Namani aramwishura, at’ Enda n’utware italanto zibiri. Nukw aramugōbēra, amutekerera italanto zibiri z’amafeza mu masaho abiri hamwe n’imyambaro ibiri yo gukūranya, abikorera abantu biwe babiri, baja imbere ya Gehazi bavyikoreye. 24 Babishikanye ku musozi w’i wabo, arabibāka, araheza abijana mu nzu arabibīka, arungika abo bantu, baragenda. 25 Maz’ araza, yinjira aho shebuja ari. Elisa aramubaza, at’ Uvuye hehe ga Gehazi? Uwundi at’ Eka nta ho nagiye. 26 Aramubarira, ati Mbeg’ ugira ng’ umutima wanje ntiwajanye nawe, igihe wa mugabo yava mu mukogote wiwe agahindukira ngo muhūre? Mbeg’ iki n’igihe co kwākīra amahera n’imyambaro, n’imirima y’imyelayo n’iy’ imizabibu, n’intama n’ inka, n’abagurano n’abaguranokazi? 27 None rer’ imibembe ya Namani izokwōmako no ku ruvyaro rwawe kugeza ibihe vyose. Maze Gehazi ava imbere yiwe ajejeta imibembe, yera nka shelegi. |
Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967
Bible Society of Burundi