Biblia Todo Logo
Bìoball air-loidhne

- Sanasan -

2 Abami 3 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)


Imana iha Abisirayeli kunesha Abanyamowabu

1 Mu mwaka ugira icumi n’ umunani Yehoshafati umwami w’Abayuda ari ku ngoma, ni ho Yehoramu mwene Ahabu yima mu Bisirayeli, amara imyaka cumi n’ibiri ari ku ngoma i Samariya.

2 Akora ivyo Uhoraho abona kw ari bibi, mugabo ntiyashikīra se na nyina, kuko yakūyeh’ inkingi ya Bayali, iyo se yari yarashinze.

3 Ariko rero yifatanya n’ivyaha vya Yerobowamu mwene Nebati, ivyo yari yarakwegeyemw’ Abisirayeli, ntiyabivamwo.

4 Kandi Mesha umwami w’i Mowabu yar’ umutunzi w’intama; yama ashikanira umwami w’Abisirayeli ubgoya bukemuwe ku bana b’intama ibihumbi ijana, n’ubg’ amapfizi y’intama ibihumbi ijana nyene.

5 Ariko Ahabu amaze gutanga, uwo mwami w’i Mowabu agarariza umwami w’Abisirayeli.

6 Nuk’ umwami Yehoramu ava i Samariya ico gihe, akoranya Abisirayeli bose.

7 Maz’ araheza atuma kuri Yehoshafati umwami w’Abayuda, ut’ Umwami w’i Mowabu yamugararije, uti Mbega wokwemera kumutabara, ukajana na we kuja gutera i Mowabu? Aramwishura, ut’ Ego me muzojana, uti We n’umwe nawe, uti N’abantu biwe ni bo b’iwawe, uti N’amafarasi yiwe ni yo y’iwawe.

8 Yehoramu arongera aramubaza, uti Muzodūgana iyihe nzira? Aramwishura, uti Muzojana inzira ica mu bugaragwa bg’Abanyedomu.

9 Nuk’ umwami w’Abisirayeli aragenda, bo n’umwami w’Abayuda n’umwami w’Abanyedomu; baca ahaziguye, maze bagenze imisi ndwi mu nzira, ingabo zibura amazi, bo n’inyumbu zibakurikiye zīremētse intēkera zabo.

10 Maz’ umwami w’Abisirayeli aravuga, ati Tubonye ibara, kuk’ Uhoraho yadukoranije tur’ abami batatu ngw atugabure mu maboko y’Abanyamowabu!

11 Yehoshafati arabaza, ati Mbega nta wuvugishwa n’Uhoraho yoba ngaha, ngw adusigurize Uhoraho? Umwe mu bantu b’umwami w’ Abisirayeli aramwishura, ati Elisa mwene Shafati ari hano, yahora ar’ umusuku wa Eliya.

12 Yehoshafati aravuga, at’ Ijambo ry’ Uhoraho riri muri we. Nuk’ umwami w’Abisirayeli, na Yehoshafati, n’umwami w’Abanyedomu, baramanuka baja iy’ ari.

13 Elisa abarira umwami w’Abisirayeli, ati Dusangiye iki nawe? Genda usiguze ba kamenyi ba so na ba kamenyi ba nyoko! Umwami w’Abisirayeli aramwishura, at’ Oyaye, kuk’ Uhoraho yadukoranije tur’ abami batatu ngw atugabure mu maboko y’ Abanyamowabu.

14 Elisa aramwishura, ati Nkurahiye uguhoraho kw’Uhoraho Nyen’ ingabo, uwo nsavye, iyo ntubaha Yehoshafati umwami w’Abayuda, sinaruha nkurāba ngo ngushirekw ijisho.

15 Ariko noneho nzanira umuvuzi w’inanga. Uwo muvuzi w’inanga ashitse, atanguye kuvuza, ukuboko kw’Uhoraho kuza kuri Elisa;

16 aravuga, at’ Uku ni k’Uhoraho agize, Ngw iki kiyaya ni mugisataguremw’ imigazo myinshi.

17 Kuk’ ukw ari k’Uhoraho agize, ngo Nta muyaga muja kubona, canke ngo mubone imvura, ngw Arikw iki kiyaya kizokwuzura amazi, munywe mwebge ubganyu, mushōre n’ivyo mushoreye n’inyumbu zanyu.

18 Kand’ ivyo s’ikigoye k’Uhoraho; mber’ azogabura n’Abanyamowabu mu maboko yanyu.

19 Namwe muze musangangure igisagara cose kizitijwe uruzitiro rw’amabuye, n’igisagara cose giteye igomwe; n’igiti ciza cose muze mugice, musivye n’amariba yaho yose, n’indimiro nziza zose muzisibanganishe amabuye.

20 Bukeye nko mu gihe co gutanga ikimazi co mu gitondo, bagize bartya babona amazi aturutse mu gihugu ca Edomu; nukw ico gihugu cuzura amazi.

21 Abanyamowabu bose bumvise kw abo bami badūze kubatera, barakorana bose, uhereye ku bageze kwambara ibirwanishwa, no kuja hejuru; baragenda bategera ku rubibe.

22 Maz’ abo Banyamowabu bazindutse kare mu gatondo, izuba riserutse, rirasiye ku mazi, babona ayo mazi ahahanganye na bo atukura nk’amaraso.

23 Maze baravuga, bat’ Ariya n’amaraso: ba bami nta kabuza baratikiye, ingabo zabo zīsubiraniyemwo; yemwe Banyamowabu, ni muze tuje kwiyegayegereza iminyago!

24 Maze bashitse mu nsago z’Abisirayeli, Abisirayeli babakūrira hasi, barabarwanya; Abanyamowabu na bo barabahunga; bagenda barabica ingenda kugeza bashitse mu gihugu cabo;

25 baraheza basangangura ibisagara vyabo, indimiro nziza yose babonye, umuntu wese akayitereramw’ ibuye, kugeza bayujuje; basivya amariba yaho yose, baca n’ibiti vyiza‐vyiza vyose; gushitsa hasigaye i Kiru‐hareseti honyene ari ho hakir’ uruzitiro rw’amabuye; na ho nyene abateresha amabuye imigozi barahaziguza, barahanesha.

26 Maz’ umwami w’i Mowabu abonye k’urugamba rumusugereje, ajana ingabo amajana ndwi bitwaje inkota, kugira ngo babatwariranye, babone gushikīra umwami w’Abanyedomu; ariko ntibabishobora.

27 Bibananiye, ahitana umwana wiwe w’imfura yomusubiriye ku ngoma, amutanga kw ikimazi co kwoswa, amwosereza hejuru ku ruzitiro. Abisirayeli baca barazinukwa rwose; bituma bamureka, barahindukira basubira mu gihugu cabo.

Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967

Bible Society of Burundi
Lean sinn:



Sanasan