Biblia Todo Logo
Bìoball air-loidhne

- Sanasan -

2 Abami 2 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)


Eliya adūganwa mw ijuru

1 Igihe Uhoraho yagomba kujana Eliya mu gashururu ngw amudūgane mw ijuru, Eliya na Elisa bāri mu nzira bava i Gilugali.

2 Maze Eliya abarira Elisa, at’ Enda sigara hano, kuk’ Uhoraho antumye i Beteli. Elisa aramwishura, ati Ndahiye uguhoraho kw’Uhoraho, nawe nyene ndakurahiye, sintandukana nawe. Nuko baramanuka baja i Beteli.

3 Bashitseyo, abīgishirizwa i Beteli ivy’ ukuvugishwa baza gusanganira Elisa, baramubaza, bati Harya urazi yuk’ uyu musi Uhoraho agiye kukwaka shobuja? Arabishura, at’ Ego me ndabizi, ariko ni mupfe gucereza.

4 Maze Eliya yongera kumubarira, at’ Enda rero Elisa, sigara hano, kuk’ Uhoraho antumye i Yeriko. Aramwishura, ati Ndahiye uguhoraho kw’Uhoraho, nawe nyene ndakurahiye, sintandukana nawe. Nuko baja i Yeriko.

5 Bashitseyo, abīgishirizwa i Yeriko ivy’ ukuvugishwa baza kuri Elisa baramubaza, bati Harya urazi yuk’ uyu musi Uhoraho agiye kukwaka shobuja? Arabishura, at’ Ego me ndabizi, ariko ni mupfe gucereza.

6 Eliya yongera kumubarira, at’ Enda sigara hano, kuk’ Uhoraho antumye kuri Yorodani. Na we aramwishura, ati Ndahiye uguhoraho kw’Uhoraho, nawe nyene ndakurahiye, sintandukana nawe. Nuko bompi barajana.

7 Maz’ abantu mirongwitanu mu biga ivy’ ukuvugishwa baragenda bahagarara kure aharābana na bo, abo bompi bagihagaze kuri Yorodani.

8 Maze Eliya yābīra umutamana wiwe, arawuzinga, awukubitisha amazi, aca yigabanyamwo kubiri, amwe aja ukwayo ayandi ukwayo, nuko bompi bajabukira ahūmūtse.

9 Bamaze kujabuka, Eliya abarira Elisa, ati Nsaba ico ugomba ko ndagukorera, ntaratandukanywa nawe. Elisa aramwishura, ati Ntabara umpe imigabane ibiri y’impwemu yawe, ngw imbeko.

10 Aramwishura, at’ Unsavye ikigoye; mugabo ni wambona ngitandukanywa nawe, biza kukubera birtyo; na ho n’utambona, ntibiza kuba birtyo.

11 Hanyuma bakiriko baragenda bayāga, bagize bartya, umukogote w’umuriro n’amafarasi y’umuriro birabatandukanya; Eliya adūganwa mw ijuru n’agashururu.

12 Elisa abibonye, araboroga, ati Yewe ga data we, yewe ga data we, wabereye Abisirayeli imikogote n’abagendera ku mafarasi! Nuko ntiyongera kumubona ukundi. Maze yitantamurirakw impuzu ziwe, azigiramw’ ibitabu bibiri.

13 Araheza atora umutamana wa Eliya wamukorokanye, arahindukira; ashitse ku nkombe ya Yorodani, ahagararaho.

14 Yābīra wa mutamana wakorokanye Eliya, awukubitisha amazi, aravuga, at’ Uhoraho, Imana ya Eliya, ari hehe? Amaze gukubita amazi, aca yigabanyamwo kubiri, amwe aja ukwayo ayandi ukwayo; nuko Elisa arajabuka.

15 Maze bamwe b’i Yeriko biga ivy’ ukuvugishwa, bār’ aharābana na we, baravuga, bat’ Impwemu ya Eliya iri kuri Elisa. Nuko baraza, baramusanganira, bakubita inkoro hasi imbere yiwe.

16 Baramubarira, bati Twebge abasavyi bawe turi kumwe n’ abantu b’inkomezi mirongwitanu; nuko turakwinginze, reka bagende baje kurondera shobuja; kumbure Mpwemu w’Uhoraho yoba yamuteruye, akamuterera ku musozi muremure, canke mu mwonga. Aravuga, at’ Oya, ntimubarungike.

17 Baramuzigiriza gushitsa aho vyamuteye isoni, araruha aremera, ati Ni mubatume. Nuko batuma abantu mirongwitanu, bamara gatatu bamurondera, baramubura.

18 Bagarutse iy’ ari, basanga akir’ i Yeriko; arababarira, ati Sinababujije kugenda?


Elisa akiza amazi arura

19 Maz’ abantu bo mur’ ico gisagara babarira Elisa, bati Rāba iki gisagara ingene cubatswe ahantu heza, nk’uko nawe ubibona mugenzi; arikw amazi yaho ni mabi, kand’ atera uburambu mu gihugu.

20 Aravuga, ati Ni munzanire akavya gasha, mugashiremw’ umunyu. Nuko barakamuzanira.

21 Ava mu gisagara, aja kw iriba, aritereramw’ umunyu, aravuga, at’ Uku ni k’Uhoraho agize, ngw Akijije aya mazi, nta ho azosubira kuzana urupfu canke kurūmvya.

22 Nukw amazi arakira gushitsa na bugingo n’ubu, nk’ukw ijambo Elisa yavuze riri.


Elisa avuma abahungu bamututse

23 Bukeye avayo, adūga i Beteli; akiri mu nzira arikw aradūga, haza abana b’abahungu bavuye mu gisagara baramutwenga, baramubarira, bati Dūga, busa bg’ubuhanza!

24 Arakebuka; ababonye abavuma mw izina ry’Uhoraho. Nuko haca haza ibikōko bibiri vy’idubu z’ingore zivuye mw ishamba, zitabagura abahungu mirongwine na babiri bo muri bo.

25 Avuyeyo, aja ku musozi Karumeli; hanyuma avayo, asubira i Samariya.

Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967

Bible Society of Burundi
Lean sinn:



Sanasan