Biblia Todo Logo
Bìoball air-loidhne

- Sanasan -

2 Abami 13 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)


Ivya Yehowahazi, umwami w’Abisirayeli

1 Mu mwaka ugira mirongwibiri na gatatu Yowasi mwene Ahaziya, umwami w’i Buyuda, ari ku ngoma, ni ho Yehowahazi mwene Yehu yima i Samariya mu Bisirayeli, amara imyaka cumi n’ indwi ari ku ngoma.

2 Akora ivyo Uhoraho abona kw ari bibi, akurikira ivyaha vya Yerobowamu mwene Nebati, ivyo yakoze akabikwegeramwo n’Abisirayeli, ntiyabivamwo.

3 Maz’ uburake bg’Uhoraho buziriringira Abisirayeli, akāma abagabura mu maboko ya Hazayeli umwami w’i Siriya, no mu ya Beni‐hadadi mwene Hazayeli nyene.

4 Maze Yehowahazi atakambira Uhoraho, Uhoraho aramwumvira, kuko yabonye agahahazo umwami w’i Siriya yahahaza Abisirayeli.

5 Maz’ Uhoraho aha Abisirayeli uwo kubakiza, bituma bīgobotora mu maboko y’Abasiriya, babona gusubira kwigumira i muhira nk’uko bāhora ubga mbere.

6 Mugabo ntibāva mu vyaha vy’ab’ inzu ya Yerobowamu, ari we nyene yari yarabikwegeyemw’ Abisirayeli ngo bacumure, ariko bakomeza kubigenderamwo. Kand’ inkingi za Ashera ziguma i Samariya.

7 Kuk’ umwami w’i Siriya ata co yasigarije Yehowahazi mu ngabo, atar’ abagendera ku mafarasi mirongwitanu, n’imikogote cumi, n’ abagendesha amaguru ibihumbi cumi; abandi yari yarabaranduye, abahindura nk’umukungugu wo ku mbuga.

8 Ibindi vyose vyadonzwe kuri Yehowahazi, n’ivyo yakoze vyose, n’ivy’ ububasha bgiwe, none ntivyanditswe mu gitabo c’ivyo ku ngoma z’abami b’Abisirayeli?

9 Nuko Yehowahazi ahamvya ba sekuruza, bamuhamba i Samariya; maz’ umuhungu wiwe Yehowasi asubira ku ngoma yiwe.


Ivya Yehowasi, umwami w’Abisirayeli

10 Mu mwaka ugira mirongwitatu n’indwi Yowasi umwami w’i Buyuda ari ku ngoma, ni ho Yehowasi mwene Yehowahazi yima i Samariya mu Bisirayeli; amara imyaka cumi n’itandatu ari ku ngoma.

11 Akora ivyo Uhoraho abona kw ari bibi; ntiyava mu vyaha vyose vya Yerobowamu mwene Nebati, ivyo yakwegeyemw’ Abisirayeli ngo bacumure; arikw abigenderamwo na we.

12 Ibindi vyose vyadonzwe kuri Yehowasi, n’ivyo yakoze vyose, n’ ivy’ ubuhizi yar’ afise arwana na Amaziya umwami w’i Buyuda, none ntivyanditswe mu gitabo c’ivyo ku ngoma z’abami b’Abisirayeli?

13 Nuko Yehowasi ahamvya ba sekuruza, Yerobowamu asubira ku ngoma yiwe. Yehowasi ahambga i Samariya hamwe n’abami b’Abisirayeli.


Urupfu rwa Elisa

14 Yehowasi akiriho, Elisa afatwa n’indwara, ari yo nyene yamwishe. Yehowasi umwami w’Abisirayeli aramanuka aja kurāba ukw ameze, amuririra hejura, ati Yewe ga data we, yewe ga data we, wabereye Abisirayeli imikogote n’abagendera ku mafarasi!

15 Elisa aramubarira, at’ Abīra umuheto n’imyampi. Nukw aravyābīra.

16 Elisa abarira uwo mwami w’Abisirayeli, ati Fora. Nukw arafora; Elisa ashira intoke ziwe ku z’ umwami.

17 Araheza aravuga, at’ Ugurura idirisha ryerekeye i burasirazuba; bararyugurura. Maze Elisa aramubarira, ati Rasa; nukw ararasa. Elisa aravuga, ati N’umwampi w’Uhoraho w’intsinzi, ni wo mwampi wo kunesha i Siriya; kukw ari wewe uzorwanira n’Abasiriya muri Afeka gushitsa ah’ uzobaherengetereza.

18 Maz’ at’ Abīra imyampi; nuk’ uwo mwami w’Abisirayeli arayābīra. Elisa aramubarira, ati Yikubite hasi. Ayikubita hasi gatatu, araheza ageza aho.

19 Uwo muntu w’Imana aramurakira, aramubarira, at’ Iy’ uba war’ ukubise gatanu canke gatandatu, wonesheje Abasiriya gushitsa ah’ ubaherengeteje; ariko non’ uzobanesha gatatu gusa.

20 Bukeye Elisa arahwera, baramuhamba. Kand’ uk’ umwaka utashe, ibitero vy’Abanyamowabu vyahora bitera ico gihugu ku gacikamvura.

21 Umusi ur’ izina, harih’ abāri bagiye guhamba umuntu; bagize bartya, babona haje igitero; bashiburira uwo muvyimba mw isenga yahambgemwo Elisa, maz’ uwo muvyimba ugikora ku magufa ya Elisa, uwo muntu aca ararabūka, ava hasi, arahagarara.

22 Kand’ igihe cose Yehowahazi yabaye ku ngoma, Hazayeli umwami w’i Siriya yahahaza Abisirayeli.

23 Arik’ Uhoraho bamutera akagongwe, abagirira imbabazi, abasubizak’ umutima kubg’ isezerano yasezeraniye Aburahamu na Isaka na Yakobo, ntiyabarandura; no kugeza n’ubu ntiyabaciye.

24 Maze Hazayeli umwami w’i Siriya aratanga; umuhungu wiwe Beni‐hadadi asubira ku ngoma yiwe.

25 Hanyuma Yehowasi mwene Yehowahazi agarura ibisagara Beni‐hadadi mwene Hazayeli yari yaranyaze se Yehowahazi mu ntambara. Yehowasi amunesha gatatu, agarura ibisagara vy’i Bgisirayeli.

Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967

Bible Society of Burundi
Lean sinn:



Sanasan