2 Abami 12 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)Yowasi asanisha urusengero 1 Mu mwaka ugira indwi Yehu ari ku ngoma, ni ho Yowasi yima; amara imyaka mirongwine i Yerusalemu ari ku ngoma. Nyina yitwa Sibiya w’i Beri‐sheba. 2 Yowasi akora ivyo Uhoraho abona kw ari vyiza igihe cose Yehoyada umuherezi yar’ akimwigisha. 3 Mugabo ibitabo vyo ku mpinga z’imisozi ntivyakūrwaho; abantu bāri bagitangira ibimazi mur’ ivyo bitabo, bakahosereza imibavu. 4 Bukeye Yowasi abarira abaherezi, at’ Amahera yose azanwa mu ngoro y’Uhoraho, atanzwe mu buryo bg’inyegu, ari yo mahera y’ incungu z’abaharūwe, n’ayo umuntu wese aciriwe, n’ayo umuntu wese azokwiyumvira mu mutima wiwe kuzana mu ngoro y’Uhoraho; 5 ayo yose abaherezi bayatware, umuntu wese az’ ayake uwo bazinanyi; mugabo abe ari bo bazosanura iyo ngoro, ah’ igomba gusanwa hose. 6 Ariko kurinda ushitsa mu mwaka ugira mirongwibiri na gatatu umwami Yowasi ari ku ngoma, abo baherezi ntibāribgasanure ah’ iyo ngoro yasambutse. 7 Maz’ umwami Yowasi ahamagaza umuherezi Yehoyada n’abandi baherezi, arababaza, ati N’iki cababujije gusanura ah’ iyo ngoro yasambutse? None rer’ ayo mahera y’abo muzinanyi mwahora mwaka, ntimwongere kuyatwara, ariko muyatange, kugira ngw asanure ah’ iyo ngoro yasambutse. 8 Nukw abaherezi bemera kubivamwo, no kudasubira kwaka abantu amahera, canke kuba ari bo bazoyisanura ah’ isambutse. 9 Maz’ umuherezi Yehoyada yābīra isandugu, ayitobora umwenge mu mutemere, ayitereka i ruhande y’igicaniro, ku ruhande rw’i buryo umuntu aja kwinjira mu ngoro y’Uhoraho; nukw abaherezi barinda umuryango bakagenda barokezamw’ amahera yose azanwa mu ngoro y’Uhoraho. 10 Maz’ iyo babonye amahera agwiriye mur’ iyo sandugu, umukarani w’umwami n’umuherezi mukuru bāradūga, bagaharūra amahera yabonetse mu ngoro y’Uhoraho, bakayashira mu mipfuko. 11 Bamaze kugera ayo mahera ku munzane bakayaha abashinzwe gukoresha ibikorwa vyo kur’ iyo ngoro y’Uhoraho; na bo bakayahemba ababāji n’abubatsi bākora kur’ iyo ngoro nyene, 12 bo n’abubakisha amabuye n’abayabāza; bakayagura n’imbaho n’amabuye abāje vyo gusanura aho hāsambutse h’ iyo ngoro y’Uhoraho, bakayagura n’ibindi vyose bigombga vyo kuyisanura. 13 Arikw amahera yazanwa mur’ iyo ngoro y’Uhoraho ntiyakūrwamw’ inzavya z’ifeza cank’ imbugita cank’ imibehe cank’ inzumbete, cank’ ibintu vy’izahabu cank’ ivy’ ifeza vyo gukoresha mur’ iyo ngoro; 14 kuko bāyaha abākora ivyo bikorwa ngo bayakoreshe gusanura iyo ngoro. 15 Kand’ abo bantu bāhabga ayo mahera yo guhemba abakozi, ntibārinda kuyasuzumirwa, kuko bākora ar’ abizigirwa. 16 Arikw amahera y’ibimazi vy’impongano n’ay’ ibimazi bitangirwa ivyaha, yo ntiyashirwa mu ngoro y’Uhoraho, yaba ay’ abaherezi. Urupfu rw’umwami Yowasi 17 Bukeye Hazayeli umwami w’i Siriya aradūga, atera i Gati, ahagira ahiwe; maze yiteguye kudūga ngw atere i Yerusalemu na ho, 18 Yowasi umwami w’i Buyuda aca yābīra ivyatanzwekw inyegu vyose, ivyo ba sekuruza Yehoshafati na Yehoramu na Ahaziya abami b’Abayuda bāri bāratanze, n’ ivyo yatanzekw inyegu na we ubgiwe, n’ivy’ amazahabu vyose vyari mu bubīko bgo mu ngoro y’ Uhoraho, n’ivyari mu ngoro yiwe ubgiwe, abihongera Hazayeli umwami w’i Siriya; nuko Hazayeli arahindukira, areka Yerusalemu. 19 Nukw ibindi vyose vyadonzwe kuri Yowasi, n’ivyo yakoze vyose, none ntivyanditswe mu gitabo c’ ivyo ku ngoma z’abami b’i Buyuda? 20 Bukeye abantu bo mu banyarugo biwe baramugarariza, bamutsinda mu nzu i Milo ku nzira imanuka ija i Sila. 21 Abo banyarugo biwe bāmwishe ni Yozakari umwana wa Shimeyati na Yehozabadi umwana wa Shomeri; nukw arapfa, bamuhamba hamwe na ba sekuruza ku murwa wa Dawidi; maz’ umuhungu wiwe Amaziya asubira ku ngoma yiwe. |
Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967
Bible Society of Burundi