1 Yohana 3 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)Urukundo rwa Data wa twese rwaduhinduye abana biwe 1 Murābe urukundo uko rungana Data wa twese yatugiriye, ko twitwa abana b’Imana; kandi ni ko turi. Ni co gituma ab’ isi batatuzi, kuko batayimenye. 2 Abo nkunda, none tur’ abana b’Imana, arik’ uko tuzomera ntikurahishurwa; ico tuzi, n’uko Yesu ni yahishurwa tuzosa na we, kuko tuzomurāba ukw ari. 3 Kand’ umuntu wese amuzigakw ivyo, ariyeza, nk’uk’ uwo ar’ uwera. Gukora ivyaha ntikubereye abana b’Imana 4 Umuntu wese akora icaha akora ivy’ ubugarariji; kand’ icaha ni co mugararizo. 5 Kandi murazi yuk’ uwo yahishuwe kugira ngw akūreh’ ivyaha, kand’ ata caha kiri muri we. 6 Umuntu wese aguma muri we ntakora ivyaha; ūkora ivyaha wese ntiyamubonye kandi ntiyamumenye. 7 Bana bato, ntihakagire ūbazimiza: ūkora ibigororotse ni we agororoka, nk’uk’ uwo agororoka. 8 Ūkora ivyaha n’uwa wa Murwanizi, kuk’ uhereye ubga mbere na mbere uwo Murwanizi yamye akora ivyaha. Icatumye Umwana w’Imana ahishurwa ngiki: n’ukugira ngw asangangure ibikorwa vy’Umurwanizi. 9 Umuntu wese yavyawe n’Imana ntakora ivyaha, kukw imbuto yayo iguma muri we; kandi ntashobora gukora ivyaha, kuko yavyawe n’Imana. 10 Iki ni co kimenyekanisha abana b’Imana n’abana b’Umurwanizi: ūdakora ibigororotse wese s’uw’ Imana, cank’ ūdakunda mwene Data wundi. 11 Kuk’ ubu ari bgo butumwa mwumvise uhereye mbere na mbere, ngo dukundane; 12 ntiduse na Kayini, yar’ uwa wa Mubi, akica murumuna we. Kand’ icatumye amwica n’iki? N’ukw ibikorwa vyiwe vyari bibi, ivya murumuna we bikaba vyiza. Ukw abana b’Imana bakwiye gukundana 13 Bene Data, ntimutangazwe n’ukw ab’ isi babanka. 14 Twebge turazi yuko twavuye mu rupfu, twashitse mu bugingo, kuko dukunda bene Data. Ūdakundana yama mu rupfu. 15 Uwanka mwene Data wundi n’umwicanyi; kandi murazi yukw ata mwicanyi yogira ubugingo budashira ngo bugume muri we. 16 Iki ni co kitumenyesha urukundo, n’uk’ uwo yatanze ubugingo bgiwe kubgacu: natwe dukwiye gutanga ubugingo bgacu kubga bene Data. 17 Arik’ ūfise ibintu vyo mw isi, akabona mwene Data wundi akennye, akazitira imbabazi ziwe kur’ uyo, mbeg’ ugukunda Imana kwoguma muri we gute? 18 Bana bato, ntidukundane mu majambo canke ku rurimi, ariko dukundane mu vyo dukora no mu kuri. 19 Ico ni co kizotumenyesha ko tur’ ab’ ukuri, kandi tuzoshitsa umutima mu nda imbere yayo, 20 mu vy’ imitima yacu idutsindisha vyose, kukw Imana iruta imitima yacu, kand’ izi vyose. 21 Abo nkunda, imitima yacu iy’ itadutsindishije, turashira ubgoba imbere y’Imana; 22 kand’ ico dusaba cose tugihabga na yo, kuko twitondera ivyagezwe vyayo, tugakora ibishimwa imbere yayo. 23 Kand’ icagezwe cayo ngiki: n’uko twizera izina ry’Umwana wayo Yesu Kristo, tugakundana, nk’uko yatubariye. 24 Kand’ uwitondera ivyagezwe vyayo aguma muri yo, na yo ikaguma muri we. Kand’ ikitumenyesha yukw iguma muri twebge, ni Mpwemu yaduhaye. |
Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967
Bible Society of Burundi