Biblia Todo Logo
Bìoball air-loidhne

- Sanasan -

1 Yohana 1 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)


Ubugingo budashira

1 Icariho uhereye ubga mbere na mbere, ico twumvise, ico twabonye n’amaso yacu, ico twitegereje, intoke zacu zikagikorako, ivyo kuri Jambo w’ubugingo —

2 kand’ ubgo bugingo bgarerekanywe, turabubona, turabushingira intahe, kandi turababarira ivy’ ubgo bugingo budashira, bgamanye na Data wa twese, tukabgerekwa —

3 ico twabonye tukacumva ni co tubabgira namwe, kugira ngo namwe mufatanye natwe. Kandi natwe dufatanije na Data wa twese n’Umwana wiwe Yesu Kristo.

4 Twanditse ivyo kugira ng’ umunezero wacu wuzure.


Gufatanya n’Imana ni kwo kureka ivyaha

5 Ubu ni bgo butumwa twumvise bgavuye kuri we, tukabubabgira, yukw Imana ar’ umuco, kandi muri yo ko hatagira umwiza na mukeya.

6 Tuvuze yuko dufatanije na yo, tukagendera mu mwiza, kuba ar’ ukubesha, ntituba dukora ivy’ ukuri.

7 Ariko tugendeye mu muco, nk’uko na yo iri mu muco, tuba dufatanije ubgacu, kand’ amaraso ya Yesu Umwana wayo atwoza icaha cose.

8 Tuvuze yukw ata caha dufise, tuba twizimiza, ukuri ntikuba kuri muri twebge.

9 Ni twatura ivyaha vyacu, ni yo yo kwizigirwa kand’ igororoka, ivyo ni vyo bituma iduharira ivyaha vyacu, ikatwoza ukugabitanya kwose.

10 Tuvuze yukw ata caha twakoze, tuba tuyigize umubeshi, kandi n’ijambo ryayo riba ritari muri twebge.

Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967

Bible Society of Burundi
Lean sinn:



Sanasan