1 Timoteyo 4 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)Ivy’ abigisha b’ibinyoma 1 Ariko Mpwemu avuga avyeruye yuko mu bihe bizoza bamwe bazota ivyizerwa, bagashira umutima ku vy’ impwemu zizimiza no ku vy’ inyigisho z’abadayimoni, 2 bavugisha uburyarya bg’abanyabinyoma, bokejwe icapa mu mitima yabo ibāgiriza ikibi, 3 baziza kwābīrana, baziza n’ivyo kurya, kand’ ari vyo Imana yaremye kugira ngw abizera, bakamenya ivy’ ukuri, babirye bashima. 4 Ico Imana yaremye cose ni ciza, ntiharimw’ ico gutabga, iyo cakiriwe n’ūshima: 5 kuko kiba gihezagiwe n’ijambo ry’Imana no gusenga. 6 Ni wibutsa bene Data ivyo, uzoba ur’ umukozi mwiza wa Kristo Yesu, yarerewe mu majambo y’ukwizera n’ay’ inyigisho nziza wakurikiye. 7 Arikw imigani ihumanya n’iy’ abakecuru ntuyemere. Wimenyereze kwubaha Imana; 8 kuko kwimenyereza kw’umubiri kugira ikimazi kuri bike, ariko kwubaha Imana kugira ikimazi kuri vyose, kuko kuzana isezerano ry’ubugingo bga none n’ubuzoza. 9 Iryo jambo n’iryo kwizerwa rikwiye kwemerwa rwose. 10 Kukw igituma dutama tukāma mu ntambara ar’ uko twizigiye Imana nzima, ni yo Mukiza w’abantu bose, cane‐cane w’abizera. Uko Timoteyo akwiye kuba akarorero 11 Wame ubgiriza ivyo kand’ uvyigisha. 12 Ntihakagire ūkugayira ubusore, arik’ ubere abizera icitegererezo mu vy’uvuga, no mu ngeso zawe, no mu rukundo, no mu kwizera, no ku mutima utanduye. 13 Gushitsa aho nzozira wame ugira umwete wo gusomera abantu no kubahanūra no kubigisha. 14 Ntiwanjanjwe ku ngabire iri muri wewe, imwe waheshwa n’ivy’ abavugishwa n’Imana mu kurambikwakw ibiganza vy’abakuru. 15 Ivyo ubishirek’ umwete, uvyamemwo, kugira ngo kuja imbere kwawe kubonekere bose. 16 Wirinde ubgawe no ku vyo wigisha. Wame ushishikara ivyo, kuko ni wagira urtyo uzokwikizanya n’abakwumva. |
Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967
Bible Society of Burundi