Biblia Todo Logo
Bìoball air-loidhne

- Sanasan -

1 Tesalonike 1 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)


Indamukanyo no gushimira Imana ukwizera kw’ab’i Tesalonike

1 Paulo na Siluwano na Timoteyo turabandikiye abo mw ishengero ry’i Tesalonike, bari mu Mana Data wa twese no mu Mwami Yesu Kristo: ubuntu bube muri mwebge n’amahoro.

2 Mwese tubashimira Imana imisi yose, tubahoza mu kanwa uko dusenze,

3 twibuka ubudasība ibikorwa vyanyu biva ku kwizera, n’ubutame buva mu rukundo, n’ukwihangana kuva ku kwizigira Umwami wacu Yesu Kristo, imbere y’Imana yacu, ni yo Data wa twese.

4 Bene Data bakundwa n’Imana, tuzi yuko mwatoranijwe na yo:

5 kuk’ ubutumwa bgacu butābashitseko ar’ amajambo yonyene ariko bgarimwo n’ubushobozi na Mpwemu Yera, no kumara amazinda rwose; namwe murazi ubugene twari tumeze hagati muri mwebge kubganyu.

6 Namwe mwaratwīgānye, mwīgāna n’Umwami wacu, mumaze kwakīrira ijambo ry’Imana mu marushwa menshi, munezerejwe na Mpwemu Yera,

7 bituma muba icitegererezo c’abizera bose bar’ i Makedoniya no muri Akaya.

8 Kuko muri mwebge humvikanye ijambo ry’Umwami wacu, kandi ntiryumvikanye i Makedoniya no muri Akaya honyene, arik’ ukwizera Imana kwanyu kwaramamaye hose; bituma tutarinda kugira ico tuvuga mur’ ivyo.

9 Kuko bose bīvugira ubgabo inkuru z’ingene twaje muri mwebge, kand’ ingene mwahindukiriye Imana, mugaheba ibigirwamana, ngo mukorere Imana nyakuri kandi nzima,

10 kandi ngo mwitege Umwana wayo kw ava mw ijuru, umwe yazura imukuye mu bapfuye, ni Yesu, adukiza uburake bugira buze.

Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967

Bible Society of Burundi
Lean sinn:



Sanasan