1 Samweli 6 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)Abafilisitiya basubiza isandugu y’Imana mu Bisirayeli 1 Kand’ iyo sandugu y’Uhoraho yar’ imaze amezi ndwi mu gihugu c’Abafilisitiya. 2 Bukeye Abafilisitiya bahamagara abaherezi n’abapfumu, barababaza, bat’ Iyi sandugu y’Uhoraho tuyigenze dute? Tuyirungikane n’iki, mu ko tuyisubiza ahantu hayo? 3 Barabishura, bati Ni mwarungika iyo sandugu y’Imana y’Abisirayeli, ntimuze muyirungike yonyene, ariko muyisubizanyeyo n’impongano muhongeye Imana: ni ho muzobona gukira, mumenye n’icatumye ukuboko kwayo kutabatenzukira. 4 Barababaza, bati Mbega tuyihongere impongano ki? Bati Muyihongere ibisa n’ibihute bitanu mucuze mw izahabu, n’ ibisa n’imbeba bitanu mucuze mw izahabu nyene, nk’ukw igitigiri c’abaganwa b’Abafilisitiya kingana; kukw icago cabashitseko mwese ari kimwe n’icashitse ku baganwa banyu. 5 Ni co gituma mukwiye kwicurishiriza ibishushanyo vy’ivyo bihute vyanyu, n’ibishushanyo vy’izo mbeba zabateye, zikonona igihugu; muteko mwubahe Imana y’Abisirayeli: kumbure yotenzura ukuboko kwayo, ikagukūra kuri mwebge no ku mana zanyu no ku gihugu canyu. 6 Har’ icotuma mukomantaza imitima nk’ukw Abanyegiputa na Farawo bagize? Mbeg’ imaze kwerekana ububasha muri bo, ntibāhavuye bakarekura abo bantu, bakīgīra? 7 None rero ni murondere umukogote musha, bo n’ inka zibiri z’imvyeyi, zitigeze gukoreshwa igikorwa na kimwe; muheze muziboherek’ uwo mukogote, muzāke izazo muzisubize i muhira. 8 Maze mwābīre ya sandugu y’Uhoraho, muyigereke kur’ uwo mukogote; kand’ ivyo bishushanyo vy’izahabu murungitse vyo kumuhongera, mubishire mu gasandugu i ruhande yayo; muheze muyirungike, igende. 9 Maze muyishinge ijisho: ni yajana inzira ija i Beti‐shemeshi mu gihugu cayo, izoba ar’ Imana yaduterereye ivyo vyago bikomeye; ariko bitabaye birtyo tuzomenya kw atar’ ukuboko kwayo kwatwishe, bizoba ar’ ivyago vy’ivyaduka vyapfuye kutuzako gusa. 10 Nukw abo bantu babigenza bartyo; bābīra inka zibiri z’imvyeyi, baziboherak’ umukogote, izazo bazugaririra i muhira; 11 baraheza bashira iyo sandugu y’Uhoraho kur’ uwo mukogote, bashirako na ka gasandugu karimw’ izo mbeba zacuzwe mw izahabu na vya bishushanyo vy’ibihute vyabo. 12 Izo nka zigenda zitumbereye i Beti‐shemeshi, zijana inzira y’iroro, zigenda zirābira inzira yose, ntizakebereza i buryo cank’ i bumoso; abaganwa b’Abafilisitiya baraziherekeza, bazishikana ku rubibe rw’i Beti‐shemeshi. 13 Kand’ ab’i Beti‐shemeshi bāriko baragenya ingano mu kiyaya; bunamuye amaso babona isandugu iserutse: bayibonye baranezerwa. 14 Nuk’ uwo mukogote uraza, ushikira mu murima wa Yosuwa w’i Beti‐shemeshi, uhagararaho. Kand’ aho hantu hār’ ikibuye kinini. Baraheza basatagura uwo mukogote mw inkwi, bazitangirakw izo nka kw ikimazi co kwosereza Uhoraho. 15 Abalewi bāri bawukūyekw isandugu y’Uhoraho na ka gasandugu kari kumwe na yo, karimwo vya bintu vy’izahabu, babiteretse kuri ca kibuye kinini. Nuk’ uwo musi ab’i Beti‐shemeshi bashikanira Uhoraho ibimazi vyoshejwe n’ibindi bimazi. 16 Maze ba baganwa batanu b’Abafilisitiya babibonye, basubira i Ekuroni kur’ uwo musi nyene. 17 Ibihute vyacuzwe mw izahabu Abafilisitiya bashikaniye Uhoraho kw impongano vyar’ ibi: kimwe car’ ic’i Ashidodi, ikindi car’ ic’i Gaza, ikindi car’ ic’i Ashikeloni, ikindi car’ ic’i Gati, ikindi car’ ic’i Ekuroni; 18 bo n’imbeba zacuzwe mw izahabu nyene, zingana n’ibisagara vyose vy’Abafilisitiya biganzwa n’abo baganwa batanu, uhereye ku bisagara vyubakiwe inzitiro no ku dusagara tutubakiwe. Ca kibuye kinini bāterekakw isandugu y’Uhoraho, kiri mu murima wa Yosuwa w’i Beti‐shemeshi, ni co kibishingira intahe. 19 Hanyuma Uhoraho yica abantu b’i Beti‐shemeshi mirongwirindwi, kuko barungurutse mw isandugu yiwe; maz’ abantu barizwa n’uk’ Uhoraho yabiciye abantu benshi. 20 Abo bantu b’i Beti‐shemeshi baravuga, bati Ni nde yoshobora guhagarara imbere y’Uhoraho, iyi Mana yera? Mbega none yodūga hehe, kugira ngw ituvemwo? 21 Batuma intumwa ku baba i Kiriyati‐yeyarimu, mut’ Abafilisitiya bagarukanye isandugu y’Uhoraho; muti None ni mumanuke, muyidūgane ije i wanyu. |
Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967
Bible Society of Burundi