Biblia Todo Logo
Bìoball air-loidhne

- Sanasan -

1 Samweli 3 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)


Ihamagarwa rya Samweli

1 Uwo mwana Samweli yakorera Uhoraho imbere ya Eli. Kandi mur’ iyo misi ijambo ry’ Uhoraho ryari risigaye ar’ imbonekarimwe, nta kwerekwa na we kwari kukiriho cane.

2 Ico gihe Eli yar’ atanguye guhuma, asigaye ahwihwisha gusa. Umusi ur’ izina yiryamiye ku buriri bgiwe,

3 itara ry’Imana ritarazima, Samweli na we aryamye mu rusengero rw’Uhoraho, ah’ isandugu y’ Imana iba,

4 Uhoraho ahamagara Samweli; na we ati Sabge!

5 Araheza arirukanga, aja iyo Eli ari, aramubarira, ati Ndaje nditavye. Eli at’ Eka singuhamagaye: subira kuryama. Nukw aragenda araryama.

6 Uhoraho yongera guhamagara, ati Samweli! Nuko Samweli aravyuka, aja iyo Eli ari, ati Ndaje nditavye. Na we at’ Eka singuhamagaye, mwananje: subira kuryama.

7 Maze Samweli ntiyaribgamenye Uhoraho, canke ngw ahishurirwe ijambo ryiwe.

8 Nuk’ Uhoraho yongera guhamagara Samweli ubugira gatatu. Aravyuka, aja iyo Eli ari, ati Ndaje nditavye. Maze Eli aca amenya kw ar’ Uhoraho ahamagaye uwo mwana;

9 ni kwo kubarira Samweli, ati Genda, subira kuryama; maze ni yongera kuguhamagara, uheze umwitabe, ut’ Uhoraho, n’ uvuge, kuk’ umusavyi wawe nteze amatwi. Nuko Samweli asubira kuryama aho yar’ ari.

10 Maz’ Uhoraho araza ahagarara ngaho, aramuhamagara nk’ubga mbere, ati Samweli we! Ewe Samweli! Na we ati N’uvuge, kuk’ umusavyi wawe nteze amatwi.

11 Uhoraho abarira Samweli, ati Rāba nzokora ikintu mu Bisirayeli, ūzocumva wese imīnzerere izomuvuga mu matwi.

12 Uwo musi nzoshitsa kuri Eli ivyo navuze ku nzu yiwe vyose, iyo biva bikagera.

13 Kuko mmaze kumubgira yuko ngiye guha inzu yiwe igihano kitazobavako, mbahōye ukugabitanya yirengagije, kukw abahungu biwe bihamagariye umuvumo, na we ntabateshe.

14 Ni co catumye ndahira ab’ inzu ya Eli, yukw ibigabitanyo vyabo bitazotangirwa impongano, n’iyo coba ikimazi cank’ ishikanwa, gushitsa ibihe vyose.

15 Nuko Samweli araryama, ageza mu gitondo; aravyuka, yugurura inzugi z’inzu y’Uhoraho; arikw atinya kubarira Eli ivyo yeretswe.

16 Maze Eli aramuhamagara, ati Mwana wanje Samweli! Na we ati Sabge!

17 Aramubaza, ati Bga bundi yakubariye iki? Ntugire ico umpisha. Ni wagira ico umpisha mu vyo yakubariye vyose, Imana ibiguhanire, mbere birushirije.

18 Nuko Samweli amudōndera vyose, ntiyagira ico amuhisha. Maze Eli aravuga, ati N’Uhoraho: n’akore ico ashima.

19 Nuko Samweli arakura, Uhoraho abana na we; ntiyakunda ko hagira ijambo na rimwe rya Samweli rikorokera hasi.

20 Nukw Abisirayeli bose, uhereye i Dani ugashitsa i Beri‐sheba, bamenya ko Samweli yegukiye kuba ūvugishwa n’Uhoraho.

21 Nuk’ Uhoraho asubira kwiyerekanira i Shilo, kukw i Shilo nyene ari ho Uhoraho yihishuririra Samweli mw ijambo ryiwe. Kand’ ijambo rya Samweli rishika ku Bisirayeli bose.

Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967

Bible Society of Burundi
Lean sinn:



Sanasan