Biblia Todo Logo
Bìoball air-loidhne

- Sanasan -

1 Samweli 29 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)


Abaganwa b’Abafilisitiya banka ko Dawidi ajana na bo

1 Nukw Abafilisitiya bakoraniriza ingabo zabo zose i Afeka, Abisirayeli na bo basagaza hafi y’iriba ry’i Yezireli.

2 Maz’ abaganwa b’Abafilisitiya bagenda bajanye ingabo zabo, hamwe ijana‐ijana, ahandi igihumbi‐igihumbi; kandi Dawidi n’ingabo ziwe bazanana na Akishi babakurikiye.

3 Maz’ abagabisha b’Abafilisitiya barabaza, bati Mbeg’ abo Baheburayo bakora iki hano? Akishi yishura abo bagabisha b’Abafilisitiya, at’ Uyu si Dawidi, yar’ umuntu wa Sauli umwami w’Abisirayeli, akaba yamaranye nanje imisi, na ko n’imyaka? Kand’ uhereye igihe yacīkiye, akaza i wanje, nta kibi namubonyeko gushitsa n’ubu.

4 Arikw abo bagabisha b’Abafilisitiya baramurakira, baramubarira, bati Subizay’ uwo mugabo, asubire ha hantu hiwe wamuhaye; nta co ajana natwe mu ntambara, ntahave aduhindukira umurwanizi mu rugamba. Mbeg’ uru rugabo, icosubira kurwuzuza na shebuja n’iki? S’imitwe y’aba bantu?

5 Mbeg’ uyu si Dawidi wa wundi bāvyinira bitabiriza, bati Sauli yishe ibihumbi, Dawidi we yica ibihumbi indiri?

6 Nuko Akishi ahamagaza Dawidi, aramubarira, ati Ndahiye uguhoraho kw’Uhoraho, warabaye umwizigirwa, kandi kubganje nta cokubujije ko wotabaranye nanje mu rugamba, tugatabarukana; kuk’ uhereye igihe waziye i wanje, nta kibi nakubonyeko gushitsa n’ubu; ariko rer’ abaganwa ntibagushima.

7 None rero ni wītāhire, ugende amahoro, woye gutera ishavu abaganwa b’Abafilisitiya.

8 Dawidi abaza Akishi, ati None se nakoze iki? Uhereye igihe natanguriye kuba umusavyi wawe ukageza n’ubu, wambonyekw iki combuza kugenda gutera abansi bawe ga mwami wanje nyen’ ingoma?

9 Akishi aramwishura, ati Kubganje ndazi ko war’ untunganiye nk’umumarayika w’ Imana; arikw abagabisha b’Abafilisitiya baravuze, ngo Ntuzojana na bo mu ntambara.

10 Nuko non’ uzindukane n’abantu ba shobuja mwāzananye, muhenge kare mu macāca, mugende.

11 Nuko Dawidi azindukana kare mu gatondo n’ingabo ziwe, baragenda, basubira mu gihugu c’Abafilisitiya. Arikw Abafilisitiya baradūga, batera i Yezireli.

Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967

Bible Society of Burundi
Lean sinn:



Sanasan