Biblia Todo Logo
Bìoball air-loidhne

- Sanasan -

1 Samweli 28 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

1 Mur’ iyo misi Abafilisitiya bakoranya ingabo zabo ngo baje gutera Abisirayeli. Akishi abarira Dawidi, at’ Umenye neza ko mwe n’abantu bawe muzotabarana nanje mu rugamba.

2 Dawidi aramwishura, ati Ni ko; kandi ni ho uzomenyera ico ndimwo, jewe umusavyi wawe. Akishi aramwishura, ati Nuko nanje nzokugira uwo kuzigama agatwe kanje na ntaryo.


Sauli aja kuraguza

3 Samweli yar’ amaze gupfa; Abisirayeli bose bari baramuririye, bamuhamba i Rama mu gisagara yabamwo. Kandi Sauli yari yarahoneje abahamagara imizimu n’ abamenyi mu gihugu.

4 Nukw Abafilisitiya barakorakorana, baraza basagaza i Shunemu; Sauli na we akoranya Abisirayeli bose, basagaza i Gilibowa.

5 Sauli abonye ingabo z’Abafilisitiya, aratinya, aranduka umutima.

6 Arikw asiguje Uhoraho, ntiyagira ico amwishura, ari mu nzozi, ari mu buryo bga Urimu, haba no mu bavugishwa na we.

7 Maze Sauli abarira abantu biwe, ati Ni mumbarize umupfumukazi azi guhamagara imizimu, nje kumubaza. Abantu biwe baramwishura, bati Harih’ umupfumukazi abizi i Endori.

8 Nuko Sauli ariyoberanya, yambara izindi mpuzu, ajana n’abantu babiri, baja kur’ uwo mupfumukazi mw ijoro. Maze Sauli aramubarira, ati Ntabara umpamagarize umuzimu ubumenyi bgawe, unzūrire uwo ngira nkubarire.

9 Uwo mupfumukazi aramwishura, ati Mbega ntuzi ivyo Sauli yakoze, ingene yahoneje abahamagara imizimu n’abamenyi mu gihugu? N’iki gitumye ugomba kunta mu mutego, kugira ng’ unyicishe?

10 Sauli amurahira Uhoraho, ati Nkurahiye uguhoraho kw’Uhoraho hakagira ico uzoba kubg’ ibi.

11 Uwo mupfumukazi aramubaza, at’ Ugomba ko nkuzūrira nde? Na we ati Nzūrira Samweli.

12 Uwo mupfumukazi abonye Samweli, atura ubuku n’ijwi rirenga, abaza Sauli, at’ Umbesheye iki? Erega ni wewe Sauli!

13 Umwami aramwishura, ati Hūmura! Mbarira ico ubonye. Nya mupfumukazi aramwishura, ati Mbonye igisa n’imana kidūga kiva i kuzimu.

14 Sauli aramubaza, ati Gisa gite? Na we ati Hariko haradūga umutāma, kandi yambaye igikwemu. Maze Sauli aca amenya kw ari Samweli, akubita inkoro hasi, aramwūnamira.

15 Nuko Samweli abaza Sauli, ati N’iki gitumye uza kunkoma, ukanzūra? Sauli aramwishura, ati N’uko ndi mu magorwa, kukw Abafilisitiya baje kuntera, kand’ Imana ikaba yarantaye, ata co ikinyishura, ari mu bo ivugisha canke mu nzozi. Ni co kinteye kuguhamagara, ng’ummenyeshe ico nkwiye gukora.

16 Samweli aramwishura, at’ Ubimbarije iki, k’ Uhoraho yakuretse, agahinduka umwansi wawe?

17 Uhoraho yakugiriye nk’uko yari yarabivugiye muri jewe. Akunyaze ingoma, ayiha mugenzawe Dawidi;

18 kuk’ utumviye Uhoraho, ntushitse uburake bgiwe bukaze ku Bamaleki; ni co kimuteye kukugenza artyo uyu musi.

19 Mbere mwe n’Abisirayeli Uhoraho azobagabura mu maboko y’Abafilisitiya; kand’ ejo mwe n’abahungu bawe muzoba mur’ aho ndi; Uhoraho agira agabure ingabo z’ Abisirayeli mu maboko y’Abafilisitiya.

20 Buno Sauli yikubita hasi, ararambarara, kukw aranduwe umutima n’ivyo Samweli amubariye; kandi na kare yar’ asanzwe adafise intege, kuko yari yiriwe ubusa kand’ akaburāra.

21 Maze nya mupfumukazi aza aho Sauli ari, abona ko yihebūye, aramubarira, ati Rāba jewe umuja wawe nakwumviye, mpeba amagara, nemera ivyo umbariye.

22 None rero ndakwinginze, nawe unyumvire, jewe umuja wawe, unyemerere ngire utwo nkuronderera, ufūngure, kugira ng’ usubiremw’ intege ubashe kugenda.

23 Aranka, at’ Eka singomba kurya. Arikw abantu biwe bo na nya mupfumukazi baramugōbēra, arabemerera, ava hasi, yicara ku buriri.

24 Kandi nya mupfumukazi yar’ afise imasa inuze mu ruhongore; aranyanyasa arayikerera, ahitana ifu, arayicumba ayironderamw’ umutsima utambiwe;

25 abihereza Sauli n’ abantu biwe, barafūngura. Maz’ iryo joro nyene barahaguruka, baragenda.

Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967

Bible Society of Burundi
Lean sinn:



Sanasan