Biblia Todo Logo
Bìoball air-loidhne

- Sanasan -

1 Samweli 26 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)


Sauli yongera guhīga Dawidi

1 Bukeye Abanyezifu baja i Gibeya kwa Sauli, baramubarira, bati Mbeg’ aho ntuzi ko Dawidi yinyegeje ku musozi Hakila, aharābana n’ubugaragwa?

2 Nuko Sauli arahaguruka, amanuka mu bugaragwa bg’i Zifu, ari kumwe n’ingabo ibihumbi bitatu zitoranijwe mu Bisirayeli, agiye kurondera Dawidi mur’ ubgo bugaragwa bg’i Zifu.

3 Sauli asagaza i ruhande y’inzira ku musozi Hakila, aharābana n’ubugaragwa. Kandi Dawidi yaba mu bugaragwa; maz’ abonye ko Sauli aje kumurondera mur’ ubgo bugaragwa,

4 aca atuma inderetsi; maz’ amenye ko Sauli aje koko,

5 aca ava hasi, aja ha handi Sauli yar’ ashagaje. Nuko Dawidi abona ikiryamo ca Sauli aho kiri, n’ica Abuneri mwene Neri, umugabisha w’ingabo ziwe; kand’ ikiryamo ca Sauli cari hagati y’aho bārāza imikogote y’intambara, ingabo na zo zari zimushagaje irya n’ino.


Dawidi asubira kuronka irugu Sauli, ntiyamwica

6 Maze Dawidi abaza Ahimeleki Umuheti na Abishayi umwana wa Seruwiya, murumuna wa Yowabu, ati Ni nde yomanukana nanje aho Sauli ashagaje? Abishayi aramwishura, ati Jewe turajana.

7 Nuko Dawidi na Abishayi bahenga mw ijoro baragenda, bashika mur’ izo ngabo, basanga Sauli yībīkiriye hagati y’aho bārāza imikogote y’intambara, icumu ryiwe rishinze haruguru y’umutwe wiwe, Abuneri n’ingabo baryamye bamukikije.

8 Maze Abishayi abarira Dawidi, at’ Uyu musi Imana igabuye umwansi wawe mu maboko yawe; none rero reka ndamuzibure icumu rimwe gusa, rishinge hasi, sinsubīra ubga kabiri.

9 Ariko Dawidi yishura Abishayi, ati Ntumwice: har’ uwoshobora kubangurira ukuboko uwo Uhoraho yimikishije amavuta, ntābizire?

10 Arongera aravuga, ati Ndahiye uguhoraho kw’Uhoraho, Uhoraho ubgiwe ni we azomwiyicira; cank’ umusi wiwe wo gupfa uzoshika; cank’ azomanuka aje mu ntambara, ayigwemwo.

11 Uhoraho arakabishira kure yanje, ko nobangurira ukuboko uwo Uhoraho yimikishije amavuta; ariko ni wābīre iryo cumu riri ku mutwe wiwe, n’uwo mukuza w’amazi, uze tugende.

12 Nuko Dawidi ajana iryo cumu n’umukuza w’amazi vyari ku mutwe wa Sauli, barīgīra, ata wubakubise ijisho canke ngw abimenye, haba n’uwokwikangura; bose bari basinziriye, kuk’ Uhoraho yari yabasinzirije ubutikoma.

13 Maze Dawidi afata hakurya, ahagarara ku gatwe k’umusozi witereye, har’ akarēre katari gato hagati yabo;

14 atera akamo ingabo bo na Abuneri mwene Neri, ati Abuneri we, mbega k’udakakaza! Abuneri aramwishura, at’ Uri nde, wewe uhamagara umwami?

15 Dawidi abarira Abuneri, ati Mbega ntur’ umuntu w’umugabo? Har’ ūhwanye nawe mu Bisirayeli? None se k’utāteramiye umwami shobuja? Hari haje umuntu aho muri, aje kwica umwami, kand’ ari we shobuja.

16 Eka ivyo wakoze si vyiza! Mbarahiye uguhoraho kw’Uhoraho, mwari mukwiye gupfa, kuko mutāteramiye shobuja, uwo Uhoraho yimikishije amavuta! Noneho ni musuzume icumu ry’ umwami n’umukuza w’amazi vyari haruguru y’umutwe w’umwami kw ari ho bikiri.

17 Maze Sauli amenya ijwi rya Dawidi; aramubaza, at’ Ah’ iryo jwi n’iryawe, ga mwana wanje Dawidi? Dawidi aramwishura, ati N’iryanje, mwami wanje nyen’ ingoma.

18 Ati Mbega mugenzi, umpīgira iki, jewe umusavyi wawe? Nakoze iki? Ndikw igicumuro ki?

19 None rero ndakwinginze, mugenzi, zirikana amajambo yanje jewe umusavyi wawe, mwami; asangw’ ar’ Uhoraho yakungomoreye, ni yemere ndamuhe ikimazi; na ho ni baba ar’ abantu, barakavumwa imbere y’Uhoraho, kuk’ ubu banciye, ngo singire umugabane mw ishamvu y’Uhoraho, bakavuga ngo ni ngende gusaba izindi mana.

20 None rero ntiwemere kw amaraso yanje azosēswa kure y’ah’ Uhoraho aba; erega mwami w’ Abisirayeli, wazanywe no guhīga imbaragasa, nk’ūhīga inkware mu misozi.

21 Sauli aramwishura, ati Nakoze icaha; garuka mwananje Dawidi; sinzosubira kukugirira nabi, kukw amagara yanje yabaye agakomeye kuri wewe uyu musi; erega narabaye ikijuju, nakoze nabi cane.

22 Dawidi aramwishura, ati Ngiri icumu ryawe, mwami! Umwe wo mu basore n’aze aryābīre.

23 Uhoraho azokwishura umuntu wese ukugororoka kwiwe n’ukuyoboka kwiwe; ereg’ uyu musi Uhoraho yari yakumpaye, ndaheza nanka kubangura ukuboko ku wimikishijwe amavuta n’Uhoraho.

24 Kandi nk’ukw amagara yawe yabaye agakomeye kuri jewe uyu musi, az’ abe ari kw ayanje aba agakomeye k’Uhoraho, ankize amagorwa yose.

25 Maze Sauli abarira Dawidi, at’ Uragahezagirwa, mwananje Dawidi! Uzokora ivy’ ubuhizi, kand’ uzotsinda nta kabuza. Nuko Dawidi arīgīra, Sauli na we asubira i we.

Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967

Bible Society of Burundi
Lean sinn:



Sanasan