1 Samweli 25 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)Ivya Nabali na Abigayili 1 Maze Samweli apfuye, Abisirayeli bose bakoranira hamwe, baramuririra; bamuhamba i we i Rama. Hanyuma Dawidi ava hasi, aramanuka aja mu bugaragwa bg’i Parani. 2 Hār’ umuntu w’i Mayoni, itunga ryiwe ryar’ i Karumeli; yar’ umutunzi cane, yar’ afise intama ibihumbi bitatu n’impene igihumbi; ico gihe yarikw arakemuriza ubgoya bg’intama ziwe i Karumeli. 3 Uwo muntu yitwa Nabali, umugore wiwe yitwa Abigayili; uwo mugore yar’ umunyabgenge, kandi yar’ umunyakaranga, arik’ umugabo wiwe yar’ umuntu w’ikigoryi kandi w’imico mibi; yar’ uwo mu muryango wa Kalebu. 4 Maze Dawidi ari mu bugaragwa yumva ko Nabali arikw arakemuza intama ziwe. 5 Nuko Dawidi atuma abahungu b’imisore cumi, ati Ni mudūge muje i Karumeli, muje kwa Nabali, mumundamukirize; 6 mubgire uwo mutungwa, mut’ Amahoro abe kuri wewe no mu rugo rwawe no mu vy’ufise vyose. 7 Muti Yumvise k’ufise abantu bariko barakemura; muti Kand’ abungere bawe bābāna na bo, nta co bābagiriye nabi, nta co bājimije igihe cose bābaye i Karumeli. 8 Muti Baza imikangara yawe barabikubarira; muti Ngo Kandi natwe abantu biwe utugirire ubuntu, kuko tuje ku musi mwiza; muti Non’ aragusavye, ngw ico uzoba ufise cose, abe ari co uduha, twebge abasavyi bawe, n’umwana wawe Dawidi. 9 Abo bahungu bo kwa Dawidi bashitse, babarira Nabali ivyo Dawidi yabatumye vyose, baraheza bītega ico abishura. 10 Nabali yishura abo bantu ba Dawidi, ati Dawidi n’iki? Kandi mwene Isayi n’iki? Erega mur’ iyi misi harih’ abashumba benshi bātaye ba shebuja. 11 None ntore imitsima yanje n’amazi yanje n’inyama nabāgiye abakemuzi banje, mbihe abantu ntazi iyo bava? 12 Nukw iyo mikangara ya Dawidi barahindukira, basubirayo; bashitse bamwīgānira ivyo vyose. 13 Nuko Dawidi abarira abantu biwe, at’ Umuntu wese n’ahagatire inkota yiwe. Nuk’ umuntu wese ahagatira inkota, na Dawidi na we ahagatira iyiwe; nukw abantu nk’ amajana ane badūgana na Dawidi, abagiye imbere; arikw abandi amajana abiri basigara ku bintu. 14 Maz’ umwe mu mikangara ya Nabali abarira Abigayili muka Nabali, at’ Erega Dawidi yatumye intumwa ziva mu bugaragwa ngo zize kuramutsa databuja; na we araheza arabarandamukira. 15 Arikw abo bantu bāhora batugirira neza cane, nta kintu na kimwe bātugiriye nabi, ntitwāgize ico tuzimiza igihe cose twābanye na bo, turi mw irāro; 16 bātubereye uruzitiro rudukingira mw ijoro no ku murango igihe cose twāmaranye na bo turagiye intama. 17 None rer’ ubimenye, wiyumvire ico wokora, kuko hagiye kuba ivyago kuri databuja no ku rugo rwiwe rwose, kand’ ar’ umuntu w’umugesera, ata woshobora kugira ico amubgira. 18 Maze Abigayili arakwakwanya, akora imitsima amajana abiri, n’imikuza ibiri ya vino, n’inyama zihiye z’amapfizi atanu y’intama, n’ingero zitanu z’ingano zikaranze, n’imisoko ijana y’inzabibu zumye, n’uturobe amajana abiri tubumbabumbge mu nsukoni, abiremēka indogoba. 19 Abarira abantu biwe, ati Ni munyītangire imbere, mugende, nanje ndaje ndabakurikiye. Ariko ntiyabibgira Nabali umugabo wiwe. 20 Nukw akimanuka ari ku ndogoba yiwe, ajanye inzira ikingiriwe n’ umusozi, Dawidi n’abantu biwe bāriko baramanuka batumberanye na we; agize artya ahūra na bo. 21 Kandi Dawidi yari yāvuze, ati N’ivy’ ukuri vyabaye ivy’ ubusa kuzigama ivy’ urwo rugabo rwari rufise vyose mu bugaragwa, ntihazimire na kimwe mu vyo yar’ afise vyose! Namugiriye ivyiza, anyishuye ibibi. 22 Ni bgāca hakir’ izinamuhungu n’umwe nja gusiga mu bantu biwe, Imana ibimpanire, jewe Dawidi, mbere birushirije! 23 Nuko Abigayili abonye Dawidi, ava ku ndogoba yiwe vuba, akubita inkoro hasi, aramwūnamira; 24 yitembagaza imbere y’ ibirenge vyiwe, aramubarira, ati Mwami wanje, ico caha abe ari jewe kijako; ndakwinginze, jewe umuja wawe zirikana ico nkubarira, utegēre amajambo yanje. 25 Ndakwinginze, mwami wanje, woye kwiyumvira kur’ uwo muntu w’umugesera Nabali. Izina ni ryo muntu: Nabali ni ko yitwa, kand’ ubujuju ni ko kameremere kiwe. Ariko jewe umuja wawe sinigeze mbona imikangara yawe watumye, mwami wanje. 26 None rero mugenzi, nk’uk’ Uhoraho yamaho, nawe ukaba uriho, Uhoraho ni we agutesheje ngo ntuvishe amaraso, ntiwīhōre ubgawe; abansi bawe, n’abarondera kukugirira nabi, barakamera nka Nabali, mugenzi! 27 None rero mwami wanje, nyakīrira iri shikanwa ngushikaniye, jewe umuja wawe, urigaburire imikangara yawe ikugendanira, mugenzi. 28 Ndakwinginze, mpangaza jewe umuja wawe, umparire igicumuro canje: Uhoraho ntazobura guha inzu yawe kurama, kuk’ urwana intambara z’Uhoraho, mugenzi, kandi nta kibi kizokubonekako imisi yose uzoba uriho. 29 Kandi nah’ abantu bagukūriye hasi ngo baguhīge, bakwice, ubugingo bgawe buzokwama butēkeye mu mutēkero w’abariho ufiswe n’ Uhoraho Imana yawe, mugenzi: kand’ ubugingo bg’abansi bawe azobushibura nk’ibuye ritewe n’ umugozi. 30 Nuko mugenzi, Uhoraho ni yamara kugushitsakw ivyiza vyose yakuvuzeko, akaguhindura segaba w’Abisirayeli, 31 ntuzohava wicuza canke ngo wītek’ umwikomo ko wavishije amaraso ata nyanduruko, canke ko wīhōye ubgawe, mugenzi; maze mugenzi, Uhoraho ni yamara kukugirira neza, uz’ uheze unyibuke, jewe umuja wawe. 32 Maze Dawidi yishura Abigayili, at’ Uhoraho Imana y’Abisirayeli ashemagizwe, yakurungitse uyu musi kunsanganira; 33 hahezagirwe n’ubgenge bgawe, nawe ubgawe uragahezagirwa, untesheje uyu musi ngo simvishe amaraso, sinīhōre ubganje. 34 Ndahiye uguhoraho kw’Uhoraho Imana y’ Abisirayeli, yambujije kukugirira nabi, nta kabuza bgari guca hadasigaye izinamuhungu n’umwe mu bo kwa Nabali, iy’ utanyaruka kunsanganira. 35 Nuko Dawidi amwākīrira ivyo amuzaniye; aramubarira, ati Ni wīdūgire, usubire i muhira amahoro; nukw ivyo uvuze ndavyumvise, ndakwemereye. 36 Nuko Abigayili asubirayo, asanga Nabali yarondeje amazimano mu nzu yiwe, nk’amazimano y’umwami, asigaye adayangwa kuko yaborewe cane; ni co catumye atagira ico amubarira, ari gito ari kinini, gushitsa bukeye. 37 Nuko bukeye, vino imuvuyeko, umugore wiwe amwīgānira ivyo; umutima wa Nabali uca udegera, acika nk’igiti. 38 Hahise imisi nk’ icumi, Uhoraho akubita Nabali, arapfa. 39 Bukeye Dawidi yumvise ko Nabali yapfuye, aravuga, at’ Uhoraho ashemagizwe, yambūranye, akankūrakw ibitētērwa Nabali yari yanteye, agatako jewe umusavyi wiwe akambuza gukora icaha; kand’ inabi ya Nabali Uhoraho akayimusubiza ku mutwe. Hanyuma Dawidi atuma kuri Abigayili kumuresha ngw amucūre. 40 Abantu ba Dawidi bashitse i Karumeli kwa Abigayili, baramubarira, bati Dawidi akudutumyeko ngw agucūre ube umugore wiwe. 41 Ava hasi arūnama, yicisha bugufi, aravuga, at’ Ehe nd’ incoreke yawe, umuja wo kwoza ibirenge vy’abantu ba databuja. 42 Nuko Abigayili agira n’ingoga arahaguruka, aja ku ndogoba, ari kumwe n’abigeme batanu bamucorekeye; akurikira izo ntumwa za Dawidi, aba umugore wiwe. 43 Kandi Dawidi arongora na Ahinowamu w’i Yezireli, bompi baba abagore biwe. 44 Kandi Mikali, wa mukobga wa Sauli yari muka Dawidi, Sauli yari yaramuhaye Paliti mwene Layishi w’i Galimu. |
Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967
Bible Society of Burundi