Biblia Todo Logo
Bìoball air-loidhne

- Sanasan -

1 Samweli 24 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)


Dawidi aronse irugu Sauli, ntiyamwica

1 Bukeye Sauli atabarutse, avuye kwirukana Abafilisitiya, baramubarira, bat’ Erega Dawidi ari mu bugaragwa bg’i Eni‐gedi.

2 Nuko Sauli ahitana ingabo ibihumbi bitatu zitoranijwe mu Bisirayeli bose, baja kurondera Dawidi n’ingabo ziwe mu bitandara ah’ impene z’inyeshamba ziba.

3 Nukw araza, ashika ku birāro vy’intama vyar’ i ruhande y’inzira, kandi hār’ isenga. Maze Sauli aryinjiramwo kwihagarika. Kandi Dawidi n’ingabo ziwe bari bicaye hirya mur’ iryo senga.

4 Maz’ izo ngabo za Dawidi ziramubarira, zit’ Uyu ni wa musi Uhoraho yakubgira kw azogabura umwansi wawe mu maboko yawe, ng’ uz’ umugire uk’ ugomba. Dawidi ava hasi, acacura umutwe w’impuzu ya Sauli buhoro‐buhoro.

5 Hanyuma Dawidi yumva umutima umuseka, kukw acacuye umutwe w’impuzu ya Sauli.

6 Maz’ abarira ingabo ziwe, at’ Uhoraho arakabishira kure yanje, sinkagire ikintu nk’ico ngirira umwami wanje, kand’ ari we Uhoraho yimikishije amavuta! Sinkamukozek’ ukuboko, kuko yimikishijwe amavuta n’Uhoraho.

7 Uko ni ko Dawidi yatesheje ingabo ziwe, ntiyabakundira kugurukira kuri Sauli. Nuko Sauli arahaguruka, ava mur’ iryo senga, arīgīra.

8 Hanyuma Dawidi na we ava hasi, ava mur’ iryo senga nyene, ahamagara Sauli, at’ Urazirikanye, mugenzi! Sauli akebutse, Dawidi akubita inkoro hasi, aramwūnamira.

9 Nuko Dawidi aramubaza, ati N’iki gituma uja ku vyo abantu bakubarira, ngo Dawidi agomba kukugirira nabi?

10 Aho ntubonye k’Uhoraho yar’ akugabuye mu maboko yanje uyu musi, mur’ iri senga? Mbere harih’ abāmbgiye kukwica, ariko ndakwirekera, nti Sinokoza ukuboko kuri databuja, nti Kukw ari we Uhoraho yimikishije amavuta.

11 Kandi ga muvyeyi, ehe rāba nguyu umutwe w’impuzu yawe mu ntoke zanje! Ko nacacuye umutwe w’impuzu yawe sinkwice, none rero n’umenye kand’ ushirwe kw ata kibi cank’ ubugarariji ngufiseko; kandi sinagucumuyeko, nah’ umpīga ng’ unyice.

12 Uhoraho n’aducire urubanza twe nawe, Uhoraho n’abe ari we azokumpōra; arik’ ukuboko kwanje ntikuzogukorako.

13 Aba kera baciye umugani, ngw Ibibi biva mu babi; ariko rer’ ukuboko kwanje ntikuzogukorako.

14 None ga mwami w’Abisirayeli, uteye iki? Uhīga iki? Ereg’ uteye imbga ipfuye, uhīga imbaragasa!

15 None rer’ Uhoraho n’abe umucamanza, aducīre urubanza twe nawe, n’avyitegereze, ambūrane, ankūre mu maboko yawe.

16 Nuko Dawidi amaze kubarira Sauli ayo majambo, Sauli aravuga, at’ Ah’ iryo jwi n’iryawe, ga mwana wanje Dawidi? Maze Sauli araturikisha ararira.

17 Abarira Dawidi, at’ Undushije kugororoka, kuk’ ungiriye neza, nanje jeho nakugiriye nabi.

18 Kand’ uyu musi werekanye k’ungiriye neza, kuk’ Uhoraho yari yangabuye mu maboko yawe, ntunyice.

19 Mbeg’ umuntu yobona umwansi wiwe, agaheza agapfa kumureka akīgīra? Uragahabga ingororano nziza n’Uhoraho, ku vy’ unkoreye uyu musi.

20 Kandi rero ndazi k’utazobura kuba umwami, kandi kw ari wewe uzotuma ingoma y’Abisirayeli ihangama.

21 None rero ndahira Uhoraho k’utazorandura uruvyaro rwanje, kandi k’utazozimiriza izina ryanje mu nzu ya data.

22 Nuko Dawidi aramurahira. Sauli araheza yisubirira i we, Dawidi n’ingabo ziwe baradūga baja mw isenga.

Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967

Bible Society of Burundi
Lean sinn:



Sanasan