Biblia Todo Logo
Bìoball air-loidhne

- Sanasan -

1 Samweli 23 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)


Dawidi atabara ab’i Keyila

1 Bukeye babarira Dawidi, bat’ Ereg’ Abafilisitiya barateye i Keyila, bariko barasahura ivyandagaye ku mbuga.

2 Nuko Dawidi asiguza Uhoraho, ati Mbega nje kurwanya abo Bafilisitiya? Uhoraho yishura Dawidi, ati Genda ubarwanye, utabare ab’i Keyila.

3 Arikw ingabo za Dawidi ziramubaza, ziti Ko twari dusanzwe dufise ubgoba tukir’ ino i Buyuda, ni twaja i Keyila kurwana n’ingabo z’Abafilisitiya bizocura iki?

4 Nuko Dawidi yongera gusiguza Uhoraho. Uhoraho aramwishura, ati Haguruka umanuke uje i Keyila, kuko nzogabura Abafilisitiya mu maboko yawe.

5 Nuko Dawidi ahagurukana n’ingabo ziwe, baja i Keyila, barwana n’Abafilisitiya, banyaga inka zabo, babatikiza agatikizo gakomeye. Uko ni ko Dawidi yatabaye ababa i Keyila.

6 Kand’ igihe Abiyatari mwene Ahimeleki yahungira iyo Dawidi ari, yamanukanye efodi i Keyila.

7 Bukeye babarira Sauli yuko Dawidi yagiye i Keyila; Sauli aravuga, at’ Imana imugabuye mu maboko yanje, yitaye mu mutego, ko yagiye mu gisagara cugazwa inzugi n’ibihindizo.

8 Nuko Sauli ahamagaza ingabo zose ngo zitabare, zije gutera i Keyila, zūgarize Dawidi n’ingabo ziwe.

9 Dawidi amenye ko Sauli yamugīriye inama mbi, abarira Abiyatari umuherezi, ati Zana hano efodi.

10 Nuko Dawidi arasenga, at’ Uhoraho, Mana y’Abisirayeli, jewe umusavyi wawe numvise inkuru y’imvāho yuko Sauli agomba gutera i Keyila, ngw arandure iki gisagara agihōra jewe.

11 Mbeg’ abantu b’i Keyila bazontanga mu maboko yiwe? Kandi Sauli azomanuka koko, nk’uko jewe umusavyi wawe navyumvise? Ewe Uhoraho, Mana y’Abisirayeli, ndakwinginze barira umusavyi wawe. Uhoraho aramwishura, at’ Azomanuka.

12 Maze Dawidi arongera arabaza, ati Non’ abantu b’i Keyila bazontanga twe n’ingabo zanje mu maboko ya Sauli? Uhoraho aramwishura, ati Bazogutanga.

13 Nuko Dawidi ahagurukana n’ingabo ziwe, zari nk’ amajana atandatu, bava i Keyila, bagenda bayerēra hirya no hino. Hanyuma babarira Sauli ko Dawidi yahunze akava i Keyila; aca asigaho ntiyaja gutera.

14 Nuko Dawidi aba mu masenga yo mu bugaragwa, aguma mu mugamba wo mu bugaragwa bg’i Zifu. Sauli akāma amurondera uko bukeye, arikw Imana ntiyamugabura mu maboko yiwe.


Yonatani aja kuremēsha Dawidi

15 Maze Dawidi abonye ko Sauli amurondera ngw amwice, yigumira i Horeshi mu bugaragwa bg’i Zifu.

16 Bukeye Yonatani mwene Sauli arahaguruka, aja iyo Dawidi ari i Horeshi, amuremēsha mu vy’ Imana.

17 Aramubarira, ati Reka gutinya, kuk’ ukuboko kwa data Sauli kutazogushikīra; kand’ uzoba umwami w’Abisirayeli, nanje nzoba uwa kabiri kuri wewe; kandi data Sauli na we arabizi.

18 Bompi baraheza basezeranira isezerano imbere y’Uhoraho; maze Dawidi yigumira i Horeshi, Yonatani asubira i we.

19 Bukeye Abanyezifu baja i Gibeya kwa Sauli, baramubarira, bati Mbeg’ aho ntuzi ko Dawidi yinyegeje i wacu, mu masenga y’i Horeshi, ku musozi Hakila, ahahera i bumanuko bg’ubugaragwa?

20 None rero mugenzi, n’umanuke nk’uk’ ugomba; kandi ni twebge tuzomugabura mu maboko yawe, mugenzi.

21 Sauli arabishura, ati Muragahezagirwa n’Uhoraho kuko mwambabaye!

22 None rero ni mugende, murushirize guhwēbūtsa, mumenye mwitegereze ah’ ikiryamo ciwe kiri, kandi n’uwoba yaramubonye uw’ ari we, kuko bambariye kw ar’ ubgenge cane.

23 Nuko murābe mwitegereze utunyegero twiwe twose aho yihisha; muheze mungarukanire inkuru y’imvāho, nanje nzoheza njane namwe: kandi namb’ ari mur’ ico gihugu, nzomusesangura mu masinzi yose y’ Abayuda.

24 Nuko bava hasi, baja i Zifu, bitangiye imbere ya Sauli. Ariko Dawidi n’ingabo ziwe bāri mu bugaragwa bg’i Mayoni, mu kiyaya Araba, ahahera i bumanuko bg’ubugaragwa.

25 Nuko Sauli n’ingabo ziwe baja kumurondera, ariko Dawidi arabūrirwa; araheza aramanuka, aja ku gitandara co mu bugaragwa bg’i Mayoni, yigumirayo. Sauli avyumvise, akurikira Dawidi mur’ ubgo bugaragwa bg’i Mayoni nyene.

26 Ashitseyo, ajana uruhande rumwe rw’umusozi, Dawidi n’ingabo ziwe bajana urundi. Dawidi akirikw aranyaragasa ngw ahunge Sauli, Sauli na we n’ingabo ziwe bakirīko baratangatanga irya n’ino Dawidi n’ingabo ziwe ngo babafate,

27 haza intabaza kuri Sauli, iramubarira, iti Ngwino tebuka, kukw Abafilisitiya bateye igihugu.

28 Nuko Sauli arahindukira, areka gukurikira Dawidi, aja kurwanya Abafilisitiya: ni co catumye aho hantu bahita Sela‐hamalekoti.

29 Nuko Dawidi avayo, aradūga, aja kuba mu masenga y’i Eni‐gedi.

Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967

Bible Society of Burundi
Lean sinn:



Sanasan