Biblia Todo Logo
Bìoball air-loidhne

- Sanasan -

1 Samweli 2 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)


Indirimbo ya Hana yo gutāzīra

1 Maze Hana arasenga, at’ Umutima wanje uvugiriza Uhoraho impundu, Ihembe ryanje rivyuwe n’ Uhoraho; Akanwa kanje kāsamiye abansi banje, Kuko nnejerejwe n’agakiza kiwe.

2 Nta wera nk’Uhoraho, Kukw ata yindi mana, atari we: Kandi nta gitandara kimeze nk’Imana yacu.

3 Ntimukongere kuvuga ivy’ ubgibone murtyo, Ivy’ amanyama ntibigaturuke mu kanwa kanyu; Kuk’ Uhoraho ar’ Imana izi vyose, Ni yo igera ibikorwa vy’abantu nko ku munzane.

4 Imiheto y’abahizi iravunitse, Abāri badendebukiwe bakenyeye inkomezi.

5 Abāhoran’ agahimbo basigaye baca ingero, Arikw abāhora bashonje ntibagicumukura. Mber’ uwahora ar’ ingumba avyaye indwi, Uwavyaye benshi arahondobereye.

6 Uhoraho ni we atuma umuntu apfa, kandi ni we atuma abaho, Ni we amumanura i kuzimu, kandi ni we amukūrayo.

7 Uhoraho ni we amukenesha kandi ni we amukenura, Ni we amucisha bugufi kandi ni we amushira hejuru.

8 Ni we akūra umugorwa mu mukungugu, Agashira hejuru umukene, amukūye mu mwavu, Kugira ngw abicarikane n’ abahambaye, Baragwe intebe z’icubahiro: Kukw inkingi z’isi ar’ iz’ Uhoraho, Kandi ni zo yayiteretseko.

9 Azozigama ibirenge vy’abagororotsi biwe, Arikw abanyavyaha bazohonera mu muzimagiza, Kukw inkomezi z’umuntu atari zo zimuha kunesha.

10 Abarwanya Uhoraho bazovunagurika, Azoturagara ari mw ijuru, abakankamire. Uhoraho azocira imanza abo ku mpera z’isi; Kand’ azoha inkomezi umwami wiwe, Ashire hejuru ihembe ry’uwo yimikishije amavuta.

11 Maze Elukana asubira i we i Rama. Arik’ uwo mwana akorera Uhoraho imbere ya Eli umuherezi.


Ivyaha vya bene Eli

12 Kandi bene Eli bār’ abanyangeso mbi; bāpfa uko bagize ivy’ Uhoraho,

13 n’ivy’imituri abaherezi bāgenewe ku bimazi vy’abantu. Iy’ umuntu atanze ikimazi, inyama zigitētswe, umusuku w’ umuherezi yaraza, afise icuma mu ntoke cārura inyama c’ingobe zitatu;

14 akagita mw isafuriya, canke mw ibinika, canke mu nkono, canke mu kazīhebe; maz’ iz’ ico cuma cājabura zose, umuherezi yarazītwarira. Uko ni ko bāgirira Abisirayeli bose uko bagiye i Shilo.

15 Mbere batarosa ibinure, umusuku w’umuherezi yaraza, akabarira ūtanze ikimazi, ati N’umpe inyama zo gutarira umuherezi, kukw atagomba k’umuha izitētse, atar’ imbisi.

16 Uwo muntu yamwishura, ati Hinge babanze bose ibinure, uheze ubone gutwara iz’ ugomba; na we akamubarira, at’ Oya, urazimpa ubu nyene: utazimpaye ndazitwara wanse ukunze!

17 Uko ni kw icaha c’abo basore cabaye igikomeye imbere y’Uhoraho, kuko bākēngēra ikimazi ciwe.

18 Ariko Samweli akorera Uhoraho, kandi yar’ akir’ umwana, yari yambaye efodi yera derere.

19 Kandi nyina yama amubarīrira agahuzu, akakamushīra uk’ umwaka utashe, uko yajana n’umugabo wiwe gutanga ikimazi c’umwaka;

20 Eli na we agahezagira Elukana n’umugore wiwe, at’ Uragahabga uruvyaro n’Uhoraho kur’ uyu mugore, abasubirize mu bukandu bg’ uwo yahaye Uhoraho kw’ inkūka; bagaheza bagasubira i wabo.

21 Maz’ Uhoraho agendera Hana, asama inda, aja imbere avyara abana b’abahungu batatu n’abakobga babiri. Arik’ uwo mwana Samweli akurira imbere y’Uhoraho.

22 Nuko Eli yar’ ageze mu zabukuru; kandi yama yumva ivyo abo bahungu biwe bagirira Abisirayeli bose, kandi ko basambana n’abagore bākora ibikorwa vyo ku muryango w’ihema ry’ibonaniro.

23 Arababaza, ati N’iki gituma mukora ben’ ivyo? Ko nama numva abantu bose bambarira ingeso zanyu mbi.

24 Eka bana banje, ivyo numva bavuga kuri mwebge si vyiza, kandi muracumuza abantu b’Uhoraho.

25 Umuntu ni yacumura ku wundi, Imana ishobora kubuzuza; arik’ uwocumura k’ Uhoraho, ni nde yomuvugira? Yamara bīrengagiza ivyo se ababariye, kuk’ Uhoraho yari yagabiye kubica.

26 Arik’ uwo mwana Samweli akomeza gukura, no gushimwa n’Uhoraho n’abantu.


Imana ibūrira Eli ivyo izogirira inzu yiwe

27 Bukeye haza umuntu w’Imana kuri Eli, aramubarira, at’ Uku ni k’Uhoraho agize, ngo Mbega ntiyiyeretse inzu ya sogokuruza, bakiri muri Egiputa mu buja kwa Farawo?

28 Ngo Ntiyamutoranije mu miryango yose y’Abisirayeli, ngw abe umuherezi wiwe, aje ku gicaniro ciwe, yose imibavu, yambare efodi imbere yiwe? Ngo Kandi ntiyahaye inzu ya sogokuruza ibimazi vyose Abisirayeli batanga vyo gutongorwa n’umuriro?

29 Ngo N’iki gituma mutimamukira ibimazi vyiwe n’amashikanwa yiwe, ivyo yashinze ko bamuzanira mu ngoro yiwe, ng’ Ukūbaha abahungu bawe kubamurutisha, mukīgaburira ibinoboye vyo mu bimazi vyose abantu biwe b’Abisirayeli bamushikanira, mukīvyibuhira?

30 Ni co gitumye Uhoraho, Imana y’Abisirayeli, avuga, ngo N’ukuri yari yaravuze yukw ab’ inzu yawe n’ab’ inzu ya sogokuruza bazokwama bamugendako bar’ imbere yiwe ibihe vyose; ariko noneh’ Uhoraho agize ngo Biragahera; ngo Kukw abamwubaha ari bo azokwubaha, arikw abamukēngēra bazokēngērwa.

31 Ngw Ehe rāba, imisi igiye kuza, akūreh’ inkomezi zawe, n’iz’ ab’ inzu ya sogokuruza, hoye kugira uwo mu nzu yawe azoba agishika mu zabukuru.

32 Ngo Maze mu magorwa yawe uzotimamukira ivyiza azoba ahaye abandi Bisirayeli; ngo Kandi nta n’umwe wo mu nzu yawe azoba agishika mu zabukuru kugeza ibihe vyose.

33 Ngo Kandi ni hagira umuntu wo kuri wewe azosigara atamukūye ku gicaniro ciwe, na ho nyene bizoba ar’ ugusigara akobotse amaso, atuntuye mu mutima; ngo Kand’ ab’ uruvyaro rw’inzu yawe bose bazogenda bapfa bakenyutse.

34 Ngo Kand’ ikizoba ku bahungu bawe bompi, Hofuni na Finehasi, kizokubera ikimenyamenya c’ivyo: bompi bazopfira umusi umwe.

35 Maze ngw Azokwihagurukiriza umuherezi w’umwizigirwa, umuntu azokora nk’ivyari mu mutima wiwe no mu vyiyumviro vyiwe; ngo Kand’ azomwubakira inzu izokwamaho; na we azogendanira uwo yimikishije amavuta ibihe vyose.

36 Ngo Kand’ uko bizogenda n’uku: ng’ Umuntu wese w’agasigarira ko mu nzu yawe azoza amwikubite imbere, amusabe agafeza n’agatsima, amubgire, ati Ndakwinginze, umpe agakorwa kamwe ko mu vy’ubuherezi, kugira ngo mbone utwo kuntunga.

Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967

Bible Society of Burundi
Lean sinn:



Sanasan