1 Samweli 18 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)Uko Dawidi na Yonatani bākundanye 1 Nuko Dawidi amaze kugānīra na Sauli, umutima wa Yonatani uca ufatana n’uwa Dawidi akaramata, Yonatani amukunda nk’uko yikunda. 2 Maz’ uwo musi Sauli aca agumya Dawidi, ntiyamukundira gusubira kwa se ukundi. 3 Bukeye Yonatani asezerana isezerano na Dawidi, kuko yar’ amukunze nk’uko yikunda. 4 Yonatani yikiza umutamana wiwe yari yambaye, awuha Dawidi, amuha n’ivyo yambara mu ntambara, mbere n’inkota yiwe n’ umuheto n’umukanda. 5 Nuko Dawidi yama agenda aho Sauli yamutuma hose, akabigiramw’ ikiganza ciza, bituma Sauli amuha kugaba ingabo ziwe; abantu bose barabishima, mbere n’abagendanyi ba Sauli na bo. Sauli atangura kugirira Dawidi ishari 6 Maze mw itabaruka ryabo, Dawidi agarutse avuye kwica wa Mufilisitiya, abagore bava mu bisagara vyose vy’Abisirayeli, bavyina batamba, baza gusanganira umwami Sauli, bafise udushāko tw’ingoma n’utundi tuvuga nk’ inanga, bavuza impundu. 7 Mur’ ukwo kuvyina, abagore bāgenda baritabiriza, bati Sauli yishe ibihumbi, Dawidi we yica ibihumbi indiri. 8 Sauli aca arashangashirwa, iryo jambo riramubabaza; aravuga, ati Dawidi bamuharūyekw ibihumbi indiri, nanje jeho bamparūyek’ uduhumbi gusa. None har’ ikindi agishigaje, atar’ ingoma? 9 Kuva uyo musi Sauli yama arāba Dawidi ijisho ribi. 10 Bukeye impwemu mbi irungitswe n’Imana iza kuri Sauli akābushūngwe, ashirakw ariyamiriza ari mu ngoro, Dawidi akavuza inanga nk’uko yar’ asanzwe akora imisi yose; kandi Sauli yar’ afise icumu mu ntoke. 11 Araheza ararirekura, ati Hinge ndarisākize Dawidi, rirume ku nzu. Ariko Dawidi amuzibukira kabiri. 12 Maze Sauli atinya Dawidi, kuk’ Uhoraho yari kumwe na we, ariko we akaba yamuvuyeko. 13 Ni co catumye amwigizayo, akamugira umugabisha w’ingabo igihumbi, akāma atabarana na zo amaja n’amaza. 14 Kandi Dawidi yagira ikiganza ciza mu vyo yakora vyose, kand’ Uhoraho yari kumwe na we. 15 Maze Sauli abonye ukuntu agira ikiganza ciza, aramutinya. 16 Arikw Abisirayeli n’Abayuda bose bākunda Dawidi, kuko yatabarana na bo amaja n’amaza. Sauli ashingira Dawidi Mikali umukobga wiwe 17 Bukeye Sauli abarira Dawidi, ati Nguyo umukobga wanje mukuru Merabu, nzomuguha; ariko rero, uz’ ube umuhizi wo kundwanira, urwane intambara z’Uhoraho. Kuko Sauli yavuga, ati Yoye kuzongwako, arikw az’ agwe ku Bafilisitiya. 18 Ariko Dawidi abarira Sauli, ati Mbega jewe, n’inda n’ indēsho, n’umuryango wacu, n’ inzu ya data ukw iri mu Bisirayeli, noba umukwe w’umwami? 19 Arikw igihe Merabu uwo mukobga wa Sauli yar’ akwiye gushingirwa Dawidi, bamuha Aduriyeli Umumeholati, aramurongora. 20 Hanyuma Mikali umukobga wa Sauli agomwa Dawidi; babibgira Sauli, arabishima. 21 Aravuga, ati Nzomumuha, amubere umutego, agwe ku Bafilisitiya. Ni co catumye Sauli abarira Dawidi ubugira kabiri, at’ Uyu musi ubaye umukwe wanje. 22 Nuko Sauli abarira abantu biwe, ati Ni muje kuyāga na Dawidi mu mpisho, mumubarire, mut’ Umve, umwami aragushima, kandi n’ abantu biwe bose baragukunda; muti None rer’ ukwiye kuba umukwe w’umwami. 23 Nukw abo bantu ba Sauli babarira Dawidi ayo majambo; Dawidi arabishura, ati Mugira ngo biroroshe kuba umukwe w’umwami, nanje nd’ umworo w’inkēngērwa? 24 Hanyuma abo bantu ba Sauli baramubarira, bati Dawidi yavuze artya n’artya. 25 Maze Sauli arababarira, ati Muze mubarire Dawidi, muti Ntagomba inkwano; mut’ Ico agomba n’ubugabo ijana uzoshāhura Abafilisitiya, kugira ngo yīhōre abansi biwe. Ariko Sauli yagira ngw akororere Dawidi mu maboko y’Abafilisitiya. 26 Nukw abo bantu biwe bamaze kubarira Dawidi ayo majambo, Dawidi aca ashima kuba umukwe w’umwami. 27 Igihe gishinzwe kitaragera, Dawidi ahagurukana n’ingabo ziwe, yica mu Bafilisitiya abagabo amajana abiri; nuko Dawidi atabarukana ubugabo bgabo, babushikiriza umwami ukw igitigiri cabgo kingana, kugira ngo Dawidi abone kuba umukwe w’umwami. Nuko Sauli amushingira umukobga wiwe Mikali. 28 Kandi Sauli amenya yuk’ Uhoraho ari kumwe na Dawidi, arabitahura. Kandi Mikali umukobga wa Sauli yakunda Dawidi. 29 Nuko Sauli arushiriza gutinya Dawidi, amugendanira akazīka imisi yose. 30 Bukeye abaganwa b’Abafilisitiya baza gutera; kand’ uko bātera kwose, Dawidi yagira ibakwe kurusha abandi bantu bose ba Sauli, bituma izina ryiwe riba rurangiranwa. |
Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967
Bible Society of Burundi