1 Samweli 16 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)Samweli arobanuza Dawidi amavuta 1 Maz’ Uhoraho abaza Samweli, at’ Uzogeza hehe kuririra Sauli, kandi namaze kwanka kw aba umwami w’Abisirayeli? Uzuza ihembe ryawe amavuta, uheze uze ngutume kuri Isayi w’i Betelehemu, kuko nironkeye umwami mu bahungu biwe. 2 Samweli arasiguza, ati Nogenda nte? Erega Sauli ni yavyumva azonyica. Uhoraho aramwishura, ati Hitana inka y’ishashi, ugende, uvuge, uti Nje gushikanira Uhoraho ikimazi. 3 Uheze uhamagare Isayi aze kur’ ico kimazi; nanje nzokwereka uk’ uzogenza; uz’ undobanurize amavuta uwo nzokurangira. 4 Nuko Samweli agenza nk’uk’ Uhoraho yamubgiye, aja i Betelehemu. Ashitseyo, abakuru b’igisagara baza kumusanganira, bahinda agashitsi. Baramubaza, bati Mbeg’ ugenzwa n’amahoro? 5 At’ Ego me n’amahoro; nzanywe no gushikanira Uhoraho ikimazi. Nuko ni mwiyeze, muze tujane kur’ ico kimazi. Kandi yeza Isayi n’abahungu biwe, abahamagara kuza kur’ ico kimazi. 6 Nuko bashitseyo, abonye Eliyabu, aribgira, ati Nta gukekeranya, uwo Uhoraho agira yimikishe amavuta nguyu imbere yiwe. 7 Arik’ Uhoraho abarira Samweli, ati Nta co urāba ishusho yiwe, cank’ ikirēho ciwe, kuko ntāmushimye; erega jewe sindāba nk’ukw abantu barāba: kukw abantu barāba ku rukoba gusa, ariko jewe Uhoraho ndāba mu mutima. 8 Maze Isayi ahamagara Abinadabu, amwereka Samweli. Samweli aravuga, ati N’uyu nyene Uhoraho si we yatoranije. 9 Isayi arongera amwereka Shama; na ho nyene Samweli aravuga, at’ Eka n’uyu na we Uhoraho si we yatoranije. 10 Nuko Isayi yerekana indwi mu bahungu biwe ngo Samweli abarābe. Samweli abarira Isayi, at’ Aba si bo Uhoraho yatoranije. 11 Maze Samweli abaza Isayi, ati Mbeg’ abana bawe bose n’abo? Aramwishura, ati Hasigaye umuhererezi, ariko rer’ ari ku ntama. Nuko Samweli aramubarira, ati Tuma ūja kumuhamagara, kuko tutaribgicare ngo turye ataraza. 12 Nukw atuma ūja kumuzana. Kandi yar’ umuhungu w’inzobe, w’amaso meza, w’umunyakaranga. Maz’ Uhoraho aravuga, ati Va hasi, umusukekw amavuta, kuko wa wundi ar’ uyo. 13 Nuko Samweli aca yābīra rya hembe ry’amavuta, ayamusukako bakuru be bamukikije. Kuva uwo musi Mpwemu w’Uhoraho yama aza kuri Dawidi akābushūngwe. Nuko Samweli arahaguruka, asubira i Rama. Dawidi aba umuvuzi w’inanga wa Sauli 14 Mpwemu w’Uhoraho amaze kuva kuri Sauli, impwemu mbi irungitswe n’Uhoraho yama igenda imufata bga gikange. 15 Maz’ abantu ba Sauli baramubarira, bat’ Ereg’ impwemu mbi irungitswe n’ Uhoraho ni yo igukanga! 16 Enda se databuja, n’udutume twebge abasavyi bawe duhagaze hano, tuje kukuronderera umuntu w’ umuhinga azi gucuraranga inanga; maz’ iyo mpwemu mbi irungitswe n’Imana iy’ igufashe, az’ agucurarangire, ukire. 17 Nuko Sauli yishura abo bantu biwe, ati Nuko ni mundonderere umuntu azi gucuraranga neza, mumunzanire. 18 Umuhungu umwe w’umusore aramwishura, ati Nabonye umuhungu wa Isayi w’i Betelehemu, n’umucuraranzi w’umuhinga, n’ umuhizi w’inkomezi kand’ arazi kurwana, aritonda mu vyo avuga, n’umuntu w’igikundiro, kand’ Uhoraho ari kumwe na we. 19 Nuko Sauli atuma intumwa kuri Isayi, uti Murungikire umuhungu wawe Dawidi, umwe aragira intama. 20 Nuko Isayi yābīra indogoba, ayishirakw imitsima n’umukuza w’urusāto wuzuye vino, n’umwagazi w’impene, abirungikana umuhungu wiwe Dawidi ngw abishikanire Sauli. 21 Nuko Dawidi ashitse kwa Sauli arenguka imbere yiwe; Sauli aramukunda cane, amugira ūmutwaza ibirwanishwa. 22 Maze Sauli atuma kuri Isayi, ut’ Aragusavye Dawidi ngw amugendanire, kukw amushimye. 23 Hanyuma uko ya mpwemu mbi yarungitswe n’Imana yafata Sauli, Dawidi yahitana inanga, agacuraranga; maze Sauli akoroherwa agakira, iyo mpwemu mbi ikamuvako. |
Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967
Bible Society of Burundi