Biblia Todo Logo
Bìoball air-loidhne

- Sanasan -

1 Samweli 15 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)


Imana ituma Sauli kurandura Abamaleki

1 Maze Samweli abarira Sauli, ati Ni jewe Uhoraho yatumye kukwimikisha amavuta, ng’ ube umwami w’abantu biwe b’ Abisirayeli. None rero ni wumve amajambo y’Uhoraho.

2 Uku ni k’Uhoraho Nyen’ ingabo agize: ngw Amaramaje guhana Abamaleki, abahoye ivyo bagiriye Abisirayeli, ingene bābabujije inzira igihe bādūga bava muri Egiputa.

3 None rero genda, utere Abamaleki, ubarandure rwose n’ivyo bafise vyose; ntuz’ ugire uwo uziguriza, arik’ uz’ ugeseze abagabo n’abagore n’abana, mbere n’abonka, bo n’inka n’intama n’ingamiya n’indogoba.

4 Nuko Sauli ahamagaza ingabo, aziharūrira i Telayimu, zār’ ingabo ibihumbi amajana abiri, bo n’iz’ i Buyuda ibihumbi cumi.

5 Bukeye Sauli aja ku gisagara c’Abamaleki, aryama mu mwonga waho.

6 Ariko Sauli abarira Abanyakeni, ati Hogi ni mugende, muve mu Bamaleki, noye kubarandurana na bo, kuko mwagiriye Abisirayeli bose neza, igihe bādūga bava muri Egiputa. Nukw Abanyakeni bava mu Bamaleki.

7 Maze Sauli ageseza Abamaleki uhereye i Havila ugashitsa i Shura, aharābana na Egiputa.

8 Afata mpiri umwami wabo Agagi, aranduza abantu bose inkota.

9 Ariko Sauli n’ingabo ziwe baziguriza Agagi, bo n’ibirusha ibindi ubgiza mu ntama no mu nka no mu mashūri anuze no mu myagazi y’intama, mber’ ivyiza‐vyiza vyose, banka kubigeseza rwose; arikw ibigayitse vyose n’ ibitagira ico bimaze aba ari vyo bageseza rwose.


Samweli ahana Sauli kukw atumviye Imana

10 Maz’ ijambo ry’Uhoraho riza kuri Samweli,

11 riti Ndicujije icatumye nimika Sauli; kuko yamvuyeko, akanka gukora ivyo namubariye. Maze Samweli araraka, akēsha ijoro atakambira Uhoraho.

12 Bukeye akoroka kare ngw aje gusanganira Sauli; baramubarira, bati Sauli yari yagiye i Karumeli, ahīshingira icibutso; hanyuma arahindukira, akomeza inzira amanuka i Gilugali.

13 Maze Samweli ashikīra Sauli; Sauli aramubarira, at’ Uragahezagirwa n’Uhoraho! Ico Uhoraho yambariye nāgishikije.

14 Samweli aramubaza, ati Non’ urwo rwānāga rw’intama runza mu matwi, bo n’ukwabagirana kw’inka numva, n’ivy’ iki?

15 Sauli aramwishura, ati N’izo bākūye mu Bamaleki, kukw abantu bazigurije izirusha izindi ubgiza mu ntama no mu nka, ngo n’izo gushikanira Uhoraho Imana yawe kw ibimazi; na vyo ibindi vyose twarabigesheje rwose.

16 Maze Samweli yishura Sauli, ati Hagarara! Hinge nkubarire nanje ivyo Uhoraho yarāye ambariye iri joro. Aramwishura, at’ Ego, vuga.

17 Samweli aramubgira, ati Naho wari warīkēngereye, mbega ntiwagizwe uwo kuganza imiryango y’ Abisirayeli? Uhoraho ntiyakwimikishije amavuta ng’ube umwami w’Abisirayeli?

18 Kand’ akagutuma ku rubanza, akakubgira, ati Genda ugeseze rwose ba banyavyaha b’Abamaleki, ubarwanye gushitsa baherengeteye?

19 None se n’iki cakubujije kwumvira Uhoraho, ukagurukira ku minyago, ugakora ivyo Uhoraho abona kw ari bibi?

20 Maze Sauli yishura Samweli, at’ Ereg’ Uhoraho nāmwumviye: kand’ urwo rubanza Uhoraho yantumyeko nārumaze; nazanye Agagi umwami w’Abamaleki, kand’ Abamaleki ubgabo narabagesheje rwose.

21 Arikw abantu ni bo bākūye intama n’inka mu zo bānyaze, izarusha izindi kuba nziza mu zāgira zigesezwe, ngo zize zibe izo gushikanira Uhoraho Imana yawe kw ibimazi ngaha i Gilugali.

22 Samweli aramwishura, ati Mbeg’ Uhoraho ahimbarwa n’ibimazi vyoswa n’ ibindi bimazi gusumba ūmwumviye? Erega kwumvira gusumba ibimazi, no kuyoboka gusumba ibinure vy’impfizi z’intama.

23 Kuk’ ubugarariji ari co kimwe n’icaha c’ubupfumu, kandi kuba ntagondwa ni kimwe no gusenga ibishushanyo n’ibigirwamana. Ko wanse ijambo ry’Uhoraho, na we yanse k’uba ku ngoma.

24 Maze Sauli yishura Samweli, ati Naracumuye, kuko ntumviye icagezwe c’Uhoraho n’amajambo yawe, ngatinya abantu nkabumvira.

25 None rero ndakwinginze, mparira icaha canje; uze dusubiraneyo, kugira ngo nsenge Uhoraho.

26 Samweli yishura Sauli, at’ Eka sinsubiranayo nawe; ko wanse ijambo ry’Uhoraho, na we yanse k’uba umwami w’Abisirayeli.

27 Nuko Samweli agihindukira ngw agende, Sauli ashingīra umutwe w’impuzu yiwe, iratabuka.

28 Maze Samweli aramubarira, at’ Uhoraho na we uyu musi agutabuyekw ingoma y’Abisirayeli, ayihaye mugenzawe akuruta.

29 Ereg’ Inyenkomezi y’Abisirayeli ntibesha, kandi ntiyīrīmbūra, kukw atar’ umuntu ngw ize yīrīmbūre.

30 Na we aramwishura, ati Naracumuye; yamara none ndakwinginze, untere itēka imbere y’abakuru bo mu bantu banje n’imbere y’Abisirayeli, dusubiraneyo kugira ngo nsenge Uhoraho Imana yawe.

31 Nuko Samweli arahindukira, akurikira Sauli; Sauli asenga Uhoraho.


Urupfu rwa Agagi

32 Maze Samweli aravuga, ati Ni munzanire hano Agagi umwami w’Abamaleki. Nuko Agagi aza ah’ ari araramanga; aravuga, ati N’ukuri ibamba ry’urupfu rirashize.

33 Maze Samweli aramubgira, ati Nk’ukw inkota yawe yagira abagore imbura, ni ko na nyoko abaye imbura mu bandi bagore. Nuko Samweli amuhimbagurira imbere y’Uhoraho i Gilugali.

34 Maze Samweli aja i Rama, Sauli na we aradūga, ataha i muhira i we i Gibeya.

35 Guhēra ico gihe Samweli ntiyongera kubonana na Sauli kurinda apfa, atar’ ukwama amuririra; kand’ Uhoraho aricuza ico yimikiye Sauli ngw abe umwami w’Abisirayeli.

Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967

Bible Society of Burundi
Lean sinn:



Sanasan