1 Samweli 13 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)Intambara y’Abafilisitiya n’Abisirayeli 1 Sauli yīmye amaze imyaka mirongwitatu; amara imyaka ibiri ari ku ngoma aganza Abisirayeli. 2 Sauli yitoraniriza abantu mu Bisirayeli ibihumbi bitatu; muri bo, ibihumbi bibiri bāba kuri we i Mikimashi no ku musozi w’i Beteli; abandi igihumbi bāba kuri Yonatani i Gibeya h’i Bubenyamini; abasigaye arabacūra, umuntu wese yītāhira i we. 3 Bukeye Yonatani atera abo mu nsago z’ Abafilisitiya i Geba, arabatsinda; abandi Bafilisitiya baravyumva. Maze Sauli avugisha inzamba mu gihugu cose, kugira ngw Abaheburayo bavyumve. 4 Abisirayeli bose bumva bavuga ko Sauli yatsinze Abafilisitiya bo mur’ izo nsago, kandi kw ari bo nyene bāsomboroje Abafilisitiya. Nukw abantu bakōndōrera kuri Sauli i Gilugali. 5 Nukw Abafilisitiya barakorakorana ngo barwanye Abisirayeli; bāri bafise imikogote y’intambara ibihumbi mirongwitatu, n’abagendera ku mafarasi ibihumbi bitandatu, n’ingabo nyinshi nk’umusenyi wo kw isēsero ry’ikiyaga; baradūga, basagaza i Mikimashi ku ruhande rw’i Beti‐aveni ruhera i burasirazuba. 6 Maz’ Abisirayeli babonye ko babuze epfo na ruguru, kuko bāri mu karindiro, baja kwinyegeza mu masenga no mu bisaka no mu bitandara no mu bihuma no mu vyobo vyimbiwe kubīka amazi. 7 Mbere bamwe bo mu Baheburayo bāri bajabutse Yorodani, baja mu gihugu c’i Gadi n’i Gileyadi; ariko Sauli we yar’ akir’ i Gilugali; kand’ abāri bakiri kuri we bāri bakūtse imitima. Sauli yita mu vy’atāgezwemwo 8 Nuko Sauli amaray’ imisi ndwi, arorereye Samweli, nk’uko yari yamuhaye indagano; arikw abantu bāri bāgiye biyonjorora bamuta, Samweli ataraza i Gilugali. 9 Sauli ni kwo kuvuga, ati Ni munzanire hano ikimazi co kwosa n’ibimazi vy’ishimwe. Nuko yosa ico kimazi. 10 Agiheza kucosa, Samweli arashika; maze Sauli arasohoka aja kumusanganira ngw amuramutse. 11 Maze Samweli aramubaza, at’ Ivyo wakoze n’ ibiki? Sauli aramwishura, at’ Erega nabonye abantu biyonjoroye bāntaye, kandi nawe nyene utaje muri ya ndagano, Abafilisitiya na bo bariko barakorakorana i Mikimashi; 12 nuko nca niyumvira, nt’ Abafilisitiya bahava bamanuka ubu nyene i Gilugali bantere, kandi nanje ntaringinga Uhoraho ngw ampangaze; ni kwo gupfa guhāngāra, nosa ikimazi. 13 Maze Samweli abgira Sauli, ati Wakoze ic’ ubupfu; iyo wumvira icagezwe Uhoraho Imana yawe yakugeze, Uhoraho na we yokomeje ubgami bgawe ibihe vyose mu Bisirayeli. 14 Ariko noneh’ ubgami bgawe ntibuzohangama; Uhoraho aramaze kwironderera umuntu ameze nk’uk’ umutima wiwe ugomba; kandi ni we Uhoraho yashinze ngw az’ abe segaba w’abantu biwe, kuk’ utumviye ic’ Uhoraho yakugeze. 15 Nuko Samweli ava hasi, ava i Gilugali, aja i Gibeya h’i Bubenyamini. Maze Sauli aharūra abantu bari kumwe na we, baba nk’amajana atandatu. 16 Nuko Sauli na Yonatani umuhungu wiwe n’abari kumwe na bo baguma i Geba h’i Bubenyamini; arikw Abafilisitiya bāri bashagaje i Mikimashi. 17 Bukeye abanyazi b’Abafilisitiya bava aho bashagaje, bīcīyemw’ imice itatu: umuce umwe ujana inzira ija i Ofura, mu gihugu c’i Shuwali; 18 uwundi ujana inzira ija i Beti‐horoni; uwundi ujana inzira igendana urubibe rurāba ku mwonga w’i Seboyimu ahahera mu bugaragwa. Abisirayeli bakena ibirwanishwa 19 Ico gihe nta mucuzi yar’ akiboneka mu gihugu cose c’Abisirayeli; kukw Abafilisitiya bari bavuze, bati Hinge tubuze Abaheburayo kwicurishiriza inkota n’ amacumu. 20 Nukw Abisirayeli bose bāhora bamanuka mu Bafilisitiya, umuntu wese ngw anagūzeyo isuka yiwe cank’ imbāzo cank’ incabiti cank’ umuhoro; 21 kand’ impembo bācira isuka cank’ imbāzo ryar’ ihera ryitwa pimu, iyo bācira kunagūra incabiti canke gukwikira ikimīto, car’ ikigira gatatu ca shekeli. 22 Ni co gituma umusi intambara yarumanako, mu bantu bāri kumwe na Sauli na Yonatani ata n’umwe yar’ afise inkota cank’ icumu, ukūye Sauli na Yonatani umuhungu wiwe: ni bo bāri babifise. 23 Maz’ abo mu nsago z’Abafilisitiya barunguruza, bategera hejuru ku kavōvo k’i Mikimashi. |
Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967
Bible Society of Burundi