1 Samweli 12 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)Samweli ahambarira abantu 1 Maze Samweli abarira Abisirayeli bose, at’ Ehe rāba, nabakoreye ivyo mwansavye vyose, mbimikiye umwami wo kubaganza. 2 Eh’ umwami azobarōngōra nguyo; jeho ndashaje, mmeze imvi; kandi rāba abahungu banje muri kumwe: nanje murazi ko nabarōngōye uhereye mu buto bganje ugashitsa n’ubu. 3 Ehe ndi hano: ni munyagirize imbere y’Uhoraho n’imbere y’uwo yimikishije amavuta. Mbega har’ uwo nanyaze inka? Canke har’ uwo nanyaze indogoba? Har’ uwo nagunze? Har’ uwo natwaje igitugu? Canke har’ uwo nātse impongano ikampuma amaso? Vuga ndabarihe. 4 Baramwishura, bat’ Eka ntiwatugunze, kandi ntiwadutwaje igitugu, canke ng’ ugire ico unyaga umuntu n’umwe. 5 Arababgira, at’ Uhoraho ni we cabona, bo n’uwo yimikishije amavuta, kw ata co mwambonanye. Baravuga, bati Ni we cabona. 6 Maze Samweli abarira abantu, at’ Uhoraho yatoranije Mose na Aroni, akadūgana ba sogokuruza abakūye mu gihugu ca Egiputa, ni we cabona. 7 Nuko none ni muhagarare, mbāgiririze imbere y’ Uhoraho, mbereke n’ivyo yabagiriye vyose mu bugororotsi, mwe na ba sogokuruza. 8 Yakobo yagiye muri Egiputa, Abanyegiputa babagirira nabi; maze ba sogokuruza batakambira Uhoraho, na we atuma Mose na Aroni, babakūra muri Egiputa, babagerēra mur’ iki gihugu. 9 Ariko bibagira Uhoraho Imana yabo, abagabura mu maboko ya Sisera umugabisha w’ingabo za Hasori, no mu maboko y’Abafilisitiya no mu maboko y’umwami w’i Mowabu; barabarwanya. 10 Maze batakambira Uhoraho, bati Twaracumuye, kuko twaguhevye, ewe Uhoraho, tugasaba za Bayali na Ashitaroti; bati Non’ uturokore, udukūre mu maboko y’abansi bacu, abe ari wewe dusaba. 11 Maz’ Uhoraho arungika Yerubayali na Bedani na Yefuta nanje Samweli, arabarokora, abakūra mu maboko y’abansi banyu impande zose, mwībēra amahoro. 12 Maze mubona Nahashi umwami w’Abamoni abateye; kandi nah’ Uhoraho Imana yanyu ari we yar’ umwami wanyu, murambarira, muti Nta co biriko: mut’ Umwami ni we azotuganza. 13 None rero, nguyo umwami mwitoranirije kandi mwasavye; Uhoraho abahaye umwami wo kubaganza. 14 Mugabo, ni mwubaha Uhoraho, mukamusaba, mukamwumvira, ntimugararize ngo muce mu vyagezwe vyiwe, kandi mwe n’umwami wanyu abaganza, ni mwagendanira Uhoraho Imana yanyu, bizoba vyiza. 15 Ariko ni mutumvira Uhoraho, mugaca mu vyagezwe vyiwe, ukuboko kw’ Uhoraho kuzobarwanya, nk’uko kwarwanije ba sogokuruza. 16 Nuko none hagarara murābe ikintu gihambaye Uhoraho agira akorere imbere yanyu. 17 Mbeg’ ubu si mw igenya ry’ingano? None ngira nsabe Uhoraho arungike imvura irimw’ imituragaro; muca mumenya kandi mubone kw ibigabitanyo vyanyu ari vyinshi, ivyo mwagabitanije imbere y’Uhoraho, ko mwisabiye umwami. 18 Nuko Samweli asaba Uhoraho; maz’ uwo musi nyene Uhoraho arekura imvura irimw’ imituragaro; abantu bose baca bagirira Uhoraho na Samweli ubgoba bginshi. 19 Nukw abantu bose babarira Samweli, bati Dusengere k’Uhoraho Imana yawe, twebge abasavyi bawe, twoye gupfa, kuko twageretse ku vyaha vyacu vyose iki caha co kwisabira umwami. 20 Maze Samweli yishura abantu, ati Nta co mutinya: ivyo bibi vyose mwarabikoze koko; ariko noneho ntimukikame ngo mureke gukurikira Uhoraho; ariko musabishe Uhoraho imitima yanyu yose. 21 Ntimukikame ngo mukurikire ivy’ impfagusa bidashobora kugira ikimazi canke gukiza, kukw ar’ ubusa gusa. 22 Uhoraho ntazoheba abantu biwe, kubg’ izina ryiwe rikuru, kuko vyahimbaye Uhoraho kubagira abantu biwe yiharije. 23 Kandi nanje, ntibikanzeko ko noreka kubasengera, ngacumura k’Uhoraho, ariko nzokwama mbarangira inzira nziza itunganye. 24 Ariko gusa, ni mwubahe Uhoraho, mumukorere mushize igikonyo, bivuye mu mutima; murābe ivyo yabakoreye ingen’ ar’ ibihambaye. 25 Ariko ni mwashishikara kugabitanya, muzorandurwa, mwe n’umwami wanyu. |
Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967
Bible Society of Burundi