1 Samweli 1 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)Ukuvuka kwa Samweli 1 Hār’ umuntu w’i Ramatayimu‐sofimu, mu mugamba w’Abefurayimu, yitwa Elukana; yari mwene Yerohamu, Yerohamu wa Elihu, Elihu wa Tohu, Tohu wa Sufu, w’Umwefurayimu. 2 Yar’ afise abagore babiri, umwe yitwa Hana, uwundi Penina; Penina ni we yavyara, ariko Hana yar’ ingumba. 3 Uwo muntu yama ava mu gisagara c’i wabo uk’ umwaka utashe, akadūga i Shilo gusenga no gushikanira Uhoraho Nyen’ ingabo ibimazi. Kandi bene Eli bompi, Hofuni na Finehasi, bār’ abaherezi b’Uhoraho aho hantu. 4 Umusi Elukana yatangakw ikimazi, yahakw imitigiri Penina umugore wiwe, n’abahungu biwe n’abakobga biwe; 5 ariko Hana yamuha umutigiri ungana n’iyabo kabiri, kuko yamukunda; arik’ Uhoraho yari yaramuzivye inda. 6 Kandi mukēba we yama amushinyagurira, akamutera intuntu, kuk’ Uhoraho yamuzivye inda. 7 Uko ni ko vyāgenda, uk’ umwaka utashe: uko Hana yadūga aja mu ngoro y’Uhoraho, ni ko mukēba we yamushinyagurira. Ni co cātuma arira, akanka kurya. 8 Maz’ umugabo wiwe Elukana aramubaza, at’ Urizwa n’iki ga Hana? N’iki kikubuza kurya? Ubabajwe n’iki? Mbega sinkurutira abahungu cumi wovyaye? 9 Maze barangije kurya no kunywa aho bāri bari i Shilo, Hana ava hasi. Kandi Eli umuherezi yari yicaye ku ntebe yiwe ku gishimaryango mu rusengero rw’Uhoraho. 10 Maze Hana asenga Uhoraho afise intuntu, arira cane, 11 asezerana isezerano, at’ Ewe Uhoraho Nyen’ ingabo, ni warāba umubabaro wanje incoreke yawe, ukanyibuka, ntunyibagire jewe incoreke yawe, ukantabaza umwana w’umuhungu, nanje nzomuguha, Uhoraho, abe uwawe kuzorinda apfa, kandi nta rupfuhe ruzomugera ku mutwe. 12 Nukw akomeje artyo gusengera imbere y’Uhoraho, Eli yitegereza umunwa wiwe; 13 kuko Hana yavugira mu mutima, akubita umunwa gusa, arikw ijwi ryiwe ritumvikana; ni co catumye Eli yiyumvira kw aborewe. 14 Nuko Eli aramubaza, at’ Uzogeza hehe kwama uborewe? Genda uhebe iyo vino yawe! 15 Ariko Hana aramwishura, at’ Oyaye mwami wanje, nd’ umuntu yabonye amahano! Nta vino nanyoye cank’ ikindi kiboreza, ariko nariko ndasuka amajojwa yanje imbere y’Uhoraho. 16 Ntugire ngo nd’ umuntu w’ umunyangeso mbi, kukw aka kanya kose namye mvugana umubabaro n’amaganya bindengeye. 17 Maze Eli aramwishura, ati Nuko ni wīgīre amahoro; Imana ya Isirayeli iguhe ico wayisavye. 18 Na we aramwishura, ati N’ umpangaze, jewe incoreke yawe. Maz’ uwo mugore arīgīra; araheza ararya, ntiyasubira kwiraburanirwa ukundi. 19 Bukeye barazinduka, baja imbere y’Uhoraho barasenga; bahejeje barataha, basubira i wabo i Rama. Maze Elukana arārira Hana umugore wiwe, Uhoraho aramwibuka. 20 Igihe kiragera, Hana asama inda, avyara umwana w’umuhungu, amwita Samweli, ati Kuko namusavye Uhoraho. 21 Maz’ uwo mugabo Elukana akora abo mu rugo rwiwe bose aradūga, aja gushikanira Uhoraho ikimazi c’uwo mwaka no gushitsa amasezerano yiwe. 22 Ariko Hana ntiyadūgayo, abarira umugabo wiwe, at’ Umwana ni yamara gucūka ni ho nzodūga, ndamujane, ashikirizwe Uhoraho, agumey’ igihe cose. 23 Maze Elukana umugabo wiwe aramwishura, ati N’ukore ico ushimye: wigumire aho gushitsa ah’uzomucūkiriza; arik’ Uhoraho n’ashitse ijambo ryiwe. Nuk’ uwo mugore yigumira ngaho, yonsa umwana wiwe, gushitsa aho yamucūkirije. 24 Amaze kumucūtsa aramudūgana, ajana n’imasa imaze imyaka itatu, n’ingero yitwa efa y’ifu, n’umukuza w’urusato wa vino; nukw amujana i Shilo mu ngoro y’Uhoraho; kand’ uwo mwana yar’ akiri mutoya. 25 Babāga nya masa, bazanira Eli uwo mwana. 26 Maze Hana aravuga, ati Mwami wanje, indahiro ni wewe nyene, erega ni jewe wa mugore nari mpagaze i ruhande yawe, mwami wanje, nsaba Uhoraho. 27 Uyu mwana ni we nasaba, kand’ Uhoraho yampaye ico namusavye. 28 Ni co gitumye ndamugize inkūka y’Uhoraho; azorinda apfa ar’ inkūka y’Uhoraho. Nuko basengera Uhoraho aho hantu. |
Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967
Bible Society of Burundi