1 Petero 4 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)Ivy’ ukureka icaha 1 Nuko kuko Kristo yababarijwe mu mubiri, mwitwaze nk’ibirwanishwa ben’ uyo mutima: kuk’ ūbabarijwe mu mubiri aba amaze kureka icaha, 2 kugira ngw amare imisi isigaye akiri mu mubiri atagikorera ivyifuzo vy’abantu, arikw akora ivy’ Imana igomba. 3 Kukw igihe cashize gihāgije gukora ivy’ abanyamahanga bakunda gukora, no kugendera mu ngeso z’isoni nke, n’izo kwifuza, no kunohorwa na vino, no kudandahirwa, no kurundāna aho bateretse, n’ibizira vyo gusenga ibigirwamana. 4 Birabatangaza yuko mudafatanya na bo kwirukira mu birenze urugero vy’ubuhumbu, bakabarementaniriza; 5 mugabo ni bo bazobazwa ivyo n’uwiteguye kuzoca imanza z’abakiriho n’abapfuye. 6 Kukw icatumye abapfuye na bo bābariwe ubutumwa bgiza kwar’ ukugira ngo bacirirwe imanza mu mubiri mu buryo bg’abantu, ariko babeho mu mpwemu mu buryo bg’Imana. 7 Arik’ umuhero wa vyose uri hafi: nuko ntimuhugumbe, mwirinde, kugira ngo mubone uko mushishikara gusenga. 8 Ikiruta vyose, mukovye mu gukundana, kuk’ urukundo rupfuka ivyaha vyinshi. 9 Muhāne indāro mutidodomba. 10 Nk’uk’ umuntu wese yagabiwe ingabire muzigaburirane, nk’uko bibereye ababgiriza beza b’ubuntu bg’Imana bg’uburyo bginshi. 11 Umuntu iy’ avuze, avuge nk’ūbivugishijwe n’Imana: umuntu iy’ agabuye, agabure nk’ūfise ubushobozi Imana itanga; kugira ngw Imana iterwe icubahiro muri vyose, kubga Yesu Kristo, afise icubahiro n’ububasha ibihe bitazoshira. Amen. Ivy’ ugufatanya n’imibabaro ya Kristo 12 Abo nkunda, umuriro uri hagati yanyu wo kubagerageza ntukabatangaze, nk’aho mubonye akatābonetse. 13 Ariko munezerezwe n’uko mufatanije n’imibabaro ya Kristo, kugira ngo no mu gihe co guhishurwa kw’ubgiza bgiwe muze munezerwe muhimbarwe. 14 Iyo mututswe muhōwe izina rya Kristo, muba muhiriwe: kuko Mpwemu w’ubgiza, ari we Mpwemu w’Imana, aba kuri mwebge. 15 Ntihakagire umuntu wo muri mwebge ahōrwa kuba umwicanyi canke kuba igisuma canke kuba inkozi y’ikibi canke kwita mu vyo atagezwemwo. 16 Ariko ni hāgira ūhōrwa kuba Umukristo, yoye kumāramāra, arikw aheshe Imana icubahiro kubg’ iryo zina. 17 Kukw igihe gishitse c’uk’ urubanza rutangurira mu b’inzu y’Imana: none ko rutanguriye kuri twebge, iherezo ry’abatumvira ubutumwa bgiza bg’Imana rizomera rite? 18 Kandi k’umugororotsi akizwa agarukiye ku manga, ūtubaha Imana n’umunyavyaha bazoboneka hehe? 19 Nuko rer’ abababazwa nk’ukw Imana igomba ni babītse ubugingo bgabo uwo Muremyi wo kwizigirwa, bakore ivyiza. |
Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967
Bible Society of Burundi