1 Petero 3 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)Ivy’ abagabo n’abagore 1 Namwe bagore n’uko, mugamburukire abagabo banyu, kugira ngo, naho bamwe batumvira ijambo ry’Imana, bareshwe n’ingeso nziza z’abagore babo, batagize ijambo bavuze, 2 ni bābona ingeso zanyu zitunganye zifatanije n’ugutinya. 3 Ugushaza kwanyu ntikube ukwo ku rukoba kwo gutsiba umushatsi, cank’ ukwo kwambara izahabu cank’ ukwo kwambara impuzu nziza; 4 ariko kube ukw’ umuntu ahishijwe wo mu mutima, ugushaza kudashira, ni kwo mutima w’ubugwaneza utekereje, ni kwo kw’ igiciro kinini imbere y’Imana. 5 Ni kw abagore bera bizigira Imana bāshaza kera, bagamburukira abagabo babo, 6 nk’uko Sara yumvira Aburahamu, akamwita umwami wiwe; namwe mur’ abana b’uwo, ni mwahora mukora neza, mudaterwa ubgoba n’icobaca ivutu. 7 Namwe bagabo n’uko, mubane n’abagore banyu nk’abazi ibibereye, kukw ari nk’imbombovu zidahwanije namwe inkomezi: kandi mubahe icubahiro, kuko na bo ar’ abaraganwa namwe ubuntu bg’ubugingo, kugira ng’ugusenga kwanyu ntikugire ikigutesha. Ivy’ ukubabarana kw’ Abakristo 8 Ibisigaye, mwese muhūze umutima, mubabarane, mukundane nk’abavukana, mugiriranire imbabazi, mwicishe bugufi mu mutima; 9 ntimugere ikibi ku kindi, cank’ igitutsi ku kindi; ariko mubigerāne n’umuhezagiro, kukw ico ari co mwahamagariwe, kugira ngo namwe muragwe umugisha. 10 Kuko handitswe, ng’ Ūgomba gukunda ubugingo, No kubona imisi myiza, N’abuze ururimi rwiwe, rwoye kuvuga ikibi, N’iminwa yiwe yoye kuvuga ivy’ uguhendana: 11 Kand’ azibukīre ibibi, akore ivyiza; Arondere amahoro, ayakurikire, kugira ngw ayashikīre. 12 Kukw inyonga z’Uhoraho ziri ku bagororotsi, N’amatwi yiwe ari ku vyo basenga, Arikw igitsure c’Uhoraho kiri ku bakora ibibi. Kwihanganira guhōrwa ubusa 13 Kandi ni nde yobagirira nabi, ni mwagira ishaka ry’ivyiza? 14 Yamara naho mwobabazwa muhōwe ukugororoka, mwoba muhiriwe. Ntimuze mutinye ivyo babakangisha, ntimuhagarike imitima, 15 ariko mwubahe Kristo mu mitima yanyu kw ari we Mwami, muhore mwiteguye kwishura umuntu wese ababajije inyanduruko y’ivyizigiro biri muri mwebge, ariko muri n’ubugwaneza, mutinya, 16 mufise imitima itarimw’ ijwi ribāgiriza ikibi, kugira ngo no ku vyo muvugwa nabi, abatuka ingeso zanyu nziza zo muri Kristo bamāramāre. 17 Ivyoba vyiza n’uko mwobabazwa muhōwe gukora ivyiza, ari co Imana igomvye, hako muhōrwa gukora ibibi. 18 Kuko na Kristo yababajwe rimwe ahōrwa ivyaha, umugororotsi yababarijwe abagabitanya, kugira ngw adushikirize Imana; yishwe umubiri, ariko yahinduwe muzima mu buryo bg’impwemu: 19 ni bgo yagiyemwo abarira impwemu ziri mw ibohero ijambo ry’Imana, 20 ni zo z’abatumviye Imana kera, hamwe ukwihangana kwayo kwari kukirorereye mu misi ya Nowa, bga bgato bukibāzwa; muri bgo hārokokeye abantu bakeya, bashika umunani, bākirijwe mu mazi. 21 Ayo ni yo abakiza namwe ubu, mu buryo bg’ikigereranyo c’ukubatizwa, s’ugukūrah’ imvyiro zo ku mubiri, ariko n’isezerano ry’umutima utāgiriza ikibi usezeranye ku Mana, abakirisha ukuzuka kwa Yesu Kristo, 22 ar’i buryo bg’Imana, kuko yagiye mw ijuru, amaze guhabga gutwara abamarayika n’abanyabubasha n’abanyabushobozi. |
Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967
Bible Society of Burundi